IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Petero Karaveri Mbonimpa yinjiye ibitaro BUMEREC

Petero Karaveri Mbonimpa yinjiye ibitaro BUMEREC

samedi 30 Myandagaro 2014

Umukuru w’ishirahamwe APRODH, Petero Karaveri Mbonimpa, kuri uwu wa gatanu, yaraye mu bitaro BUMEREC biri mu gisagara ca Bujumbura. Yakuwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, kuko yari akitswe n’amagara kubera ingwara y’igisukari (Diabète) asanzwe arwaye haraheze imyaka ine.

Amakuru duhabwa n’abasanzwe baburanira Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH, amenyesha ko yakuwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, ajanwa ku bitaro BUMEREC, kuko yari akitswe n’amagara kubera ingwara ya Diabète asanzwe afise.

Petero Karaveri Mbonimpa yinjiye ibitaro kuri uwu wa gatanu, inyuma y’aho abamuburanira basabiye ko yorekurwa vy’agateganyo, akaburana yidegemvya, kuko akitswe n’amagara, kandi akaba arenza imyaka 60. Mu ntahe y’icese yo kuwa kane Mukakaro, umushingwamanza Antoine Nzobandora, ari nawe yari arongoye umurwi w’abashingwamanza baburanira Petero Karaveri Mbonimpa, yibukije abacamanza itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 27 Myandagaro 2014 rivuga ko umupfungwa arenza imyaka 60, kandi akaba arwaye ingwara idakira, ko ategerezwa guca ahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, akaburana yidegemvya. Umushingwamanza Antoine Nzobandora yabwiye abacamanza ko Petero Karaveri Mbonimpa arwaye ingwara y’igisukari (Diabète) amaranye imyaka ine, akaba kandi arenza iyo myaka 60 ivugwa muri iryo tegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane, aho mukamenya ko Petero Karaveri Mbonimpa ageze ku myaka 65 y’amavuka.

N’aho abo bashingwamanza bagumye berekana ko Mbonimpa akitswe n’amagara, bakamusabira umwidegemvyo w’agateganyo mu kwerekana itegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane ryotuma Petero Karaveri Mbonimpa arekurwa vy’agateganyo, sentare yafashe ingingo yo kumugumiza mu munyororo. Petero Karaveri Mbonimpa kuri uwu wa gatandatu akwije iminsi 107 ari mu mvuto, akaba yahagaritswe kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2014 yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yarungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’itegeko rya Salvator NDAYIZIGA batazira Nyamizi, icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura.


Egide Nduwimana

Messages

  • UWOMUTAMA WINZIRA KARENGANE NIBAMUREKE YIDEGEMVYE KUKO AZIRUBUSA YAFASHIJE ABA DD BESHIIIIII

  • Pfunga ico cyitso cu musaza! Mwese murazi ingaruka z’ivyitso nka ba Twagiramungu

  • Ntaco Imana iri muruhande rwiwe,ntacaba.abamufunze nabo bamenye ko iherezo ry’umuntu ari gupfa.nababatanguriye ntibakiriho.

  • Ahubona kweli abahutu ntibibuka!! Pc Mbonimpa kuvyo yashikirije nivyo vyari gutuma haba intambara?? Amaraso yiwe azobe kugatwe kabo banyenzigo!!kuko ico tuzi naho yoba yihenze ntiyari kugirigwa ivyo mbona cndd fdd yakoze!! Kndi buraca bugacana ayandi kuko igihugu sitongo!!!!--------------

  • Naho bomugirira nabi! Naho bacuvya ukuri! Naho bomwica! Naho bamuturatuza! Naho bamufunga! Naho batomurekura! Ibikorwa vyiwe vyiza yakoreye Abarundi nabo nyene bamurwanyabizokwama vyibukwa ibihe vyose--------

  • abaciye umugani ngo umuhutu umuvura amaso bwaca akayagukanurira nibabeshe peeee.umututsi yopfuma agaruka kutwara ntavya bahutu peeee

  • nari ko muvuze ko yatuviriye mu gihugu yapfuye bagenzi we bogiye kumuzika umuntu nkawe yarakwiye gupfa

  • Yakaramu ifotora yavuga yahawe nabazugu yayikoreshejenabi none agiyegukwiza amezi 4 mugasho nokurenga biriko! Mucamwumvako ivyo abazungu baduhaye canke batubwiye mugihe tubikoresheje nabi ntakibuza bitazoza biraduhitana, wewe umuntu azokubwira ngo mugendere kumurongo umwe mubijanye na democratie mugihewewe ayimazemwo imwaka majana namajana maze bizokworohere, kandiburya nabo mumyaka yambere 10 canke 30 vyarabagoye gusumvya ukonatwe biriko biratugora, ariko uzosanga ababanyagihugu bomubihugu vyacu bavugango basebikunze dutegerezwa kugira democratie imeze nkiyibihugu biyimazemwo imwaka majana, ndababwizukuri ko igikere ciganye itare ku.........kiraturika rundira reronatwe intuguta itubirane ngo twahawe nabazungu ikaramu ifotora!!! Mbonimpa yashaka ko abarwaye ama diabeti nabasaza birukabaja gufira mubuhungiro musiyibiti, none nguwo kuri burankare mwamuganga avuye mugasho.

  • twihweje ivyo yakoze mu BURUNDI, no ku myaka uyo mutama afise sinibaza ko ubu ariho yarageze kwambika ibara i gihugu!!!!! kangi sinibaza ko ariryo ragi abona yosigira abana biwe!!!!!vyoba bitangaje cane gose!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
    mbega kuki basigaye bihutira gufunga abantu ata namatohoza abaye? mbega kuki batobanza kurindira umuntu abanze yagigwe nicaha hama babone kumufunga??????
    iyo ngendo siyo nagato!!!!!! yerekanako mu butungane bigoyagoya kandi cane.
    mu Burundi ntawuri hejuru y’amategeko.vyiza imanza zocibwa hakurikijwe amategeko ata wandya wanguha.nico kizotuma twubahana kandi atawiyumvira ko yofunga adandi uko ashatse.ABACAMANZA nabo nibisubireko barye umutima amenyo bace imanza zikwiriye apana izihengamye.vyofasha abarundi n’igigugu

  • Imana ikongere iminsi mutama Claver turagusabirakumana ivyiza ukora canke wakoze twarabibonye ntawundi mutegetsi akunda abantu nka wewe.abakuvuga nabi nabamwifyuriza gufya abo nndovuga kwatamitima bafise.

  • Mutama ubu bababare urimwo ntibugutere umutima mubi ubasabire kuko ntibazi ico bakora.nigihe ca Yezu ba herodi na pilato baramuciriye urwakarenganyo ariko ikinyoma caracinzwe iconemeza kandi nizera nuko abonyene bazogusaba imbabazi one day kandi uzozibahe mutama wacu,abandi nabo uzobafashe nkakurya wavugiye Desire.Ndasenze mw,izina rya Yezu indwara zose zisendwe.

  • Imana ihori hoze komera mutama ukuri tuwawuzi twarabahinyuye.

  • UGUTWI KWIMPENE KWUMVA KOKEJWE!!!!!!!!!!! HAMA NTAKIBABAJE NKUGUSARA USHAJE!!!!!!!!!!!! YIGIZE UMUHINGA MUGUSIMBURA ABANTU BAFIRIYE I CONGO, NGO ABAPIME ADEYENE ARIKO VYAMUTAYE KUWAMAZI!!!!!!!!!! MBABAJWE CANE NUKO AKANOTI KAMUCITSE, YARI GUKURA KURI BIRYA BIZIGA VYO MU KAGERA HAHAHAHAHAHAHAAA. JEWE NIBAZA KO NOKUREMBA KWIWE ARICO CABITEYE YIBUTSE IBIZIGA 40 = 40.000.000Frs POLE POLE MZEEE

  • PACIFIC YAMA YIYITA BIHOME, NONE NTABONA KO MUTAMA AREMVYE NTIYOMUGOMBORA NAMEZI NABIRI NAWE AKAJA MUKIBANZA CIWE????????? NAYO KWAMA AVUGA NGO NIYAFA NGWAZOBAZWA LETA HAHAHAHAHAHA AHO UBA URIKO URA MUSHINYAGURIZA!!!!!!!!! KUKO AGAFUYE KABAZWA IVU NTIKABAZWA LETA!!!!!!!!!! NDADAYE, KARIBWAMI, MANIRUMVA, KABUSHEMEYE, NTARYAMIRA, GAHUTU REMY, ABO BAKE MVUZE NAKARORERO NGUHAYE KO AGAFUYE KABAZWA IVU!!!!!!!!!! NUYO AZOFA NKABANDI.

  • Mutama turagushigikiye kubikorwa udukorera ,ABO BAKIVUMBUZI BIVUGIRA IVYO BASHATSE NU KO ARI IBIJUJU.ARI BANSUMIRINDA GUSA.

    UVYO WADUKOREYE NTITURAVYIBAGIRA ,BITEBE BITEBUKE INTAHE IZOKORA ABICA ,ABASUMA,ABADANDAZA UBUHANGA BW’ABNTU,Harageze ko ibintu bihinduka (DD) hakaza bashasha kuko abarundi BARARUSHE .

  • BENE WACU,TWIYUMVIRE IVYO CLAVER YARI AKWEGEYE UBURUNDI IYO CONGO IJA MU BINYOMA VYUYO MWANGUSHI HAMWE NABO BASANGIYE UMUGAMBI WO GUTURIRA IGIHUGU CA BIBARUTSE.AHO TUGEZE NTITWOSHIMA KUBONA LETA YARAHAGARITSE UBUSUMA,UBWICANYI,N’ITURIGWA RY’IMIDUGA N’IBINDI VYAKOREGWA MU RUKOKO, NO KUBARABARA BUJA-RUGOMBO.UBU ABANTU BARIDEGEMVYA.NIBAZA KO AKO KARORERO KUKO ABANA B’IGIHUGU N’INGENZI ZIGENDERA IGIHUGU KUBONA BAZA BAGATAHA MAREMBE NI KINTU GIHAMBAYE TWOKWISHIMIRA.

  • uyo mutama yisaziye ariko azira ubusa yemwe ni bamureke yidegemvye kuk ngo ingero ugereqa acndi nawe niyo uzogeregwa ahubwo abamufunze ni bamuvuze kuk ariko azira kuvugira abanyagihugu dushire ivyizigiro ku mana ngira tuzoronka amahoro ku mwene gihugu wese

  • Barundi bene wacu,nagomba ndabasabe mugire ukwihangana murengere ibibatandukanya ntimutabagure umuvyeyi wacu yatwibarutse,nyabura ukobizogenda kwose mumatora muze mugire ukwihangana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.