IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza : Amatora ni isango rikomeye ry’abarundi bose

Petero Nkurunziza : Amatora ni isango rikomeye ry’abarundi bose

vendredi 30 Nzero 2015, par Egide N

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arashimishwa n’ukubona abegwa bose n’ikibazo c’amatora barakoranye kuri uwu wa kane kugira basuzumire hamwe ingene ukwandika abazotora mu 2015 kwagenze. Petero Nkurunziza amenyesha ko amatora ari ay’abarundi bose mu butandukane bwabo.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook kuri uwu wa gatanu, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ateye intege abanyeporitike hamwe n’abasanzwe bafasha Uburundi, abasaba ko bokomeza ibikorwa kugira Uburundi buzoje mu matora ahuza bose, ku mugaragaro kandi mu mutekano.

Petero Nkurunziza avuga ko bihimbaye kubona abantu bagera hafi ku majana abiri bakorana, kugira basuzume bari kumwe n’umurwi CENI utegura amatora, ingene igikorwa c’ukwandika abazotora cagenze, bongere barabe namba bikenewe ko abatashoboye kwiyandisha bokwongerwa ikiringo.
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ati : "Amatora si ay’umugambwe canke Reta, canke urundi rwego urwarirwo rwose. Amatora ni isango rikomeye ry’abarundi bose mu butandukane bwabo."


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.