IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > René MARSAC asaba imigambwe kudasubira kwikura mu matora mu 2015

René MARSAC asaba imigambwe kudasubira kwikura mu matora mu 2015

mardi 8 Mukakaro 2014

Jean René MARSAC, umushingamateka aturuka mu gihugu c’Ubufaransa ajejwe imigenderanire hagati y’abashingamateka b’Uburundi nab’Ubufaransa asaba ko mu matora yimirije mu Burundi mu mwaka w’2015, hatobamwo ikumirwa ry’ivyiyumviro.

Mu mubanano yagiriraniye n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, kuri uwu wa kabiri wa 8 Mukakaro, Jean René MARSAC, umushingamateka aturuka mu gihugu c’Ubufaransa, yamenyesheje ko mu vyari bimuzanye kwari ukuraba ahanini ingene abarundi bariko baritegurira amatora yimirije yo mu mwaka w’2015.

Willy Nyamitwe, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, akaba yamenyesheje ko umubonano hagati y’umukuru w’igihugu na Jean René MARSAC wari uhagaze ku migenderanire n’ubucuti bisanzwe bihari hagati y’Uburundi n’Ubufaransa. Uwo mushingamateka akaba yari aje kandi no gusezera umukuru w’igihugu, mu gihe yari amaze iminsi cumi ariko agendera Uburundi.

Kubwa René MARSAC, amatora yimirije mu mwaka w’2015, akwiye kujamwo abarundi bose, bakayajamwo mu mwidegemvyo n’umutekano ntangere. Asaba kandi ko ata migambwe yosubira kwiyonjorora mu matora nk’uko vyibonekeje mu matora yo mwaka w’2010. Urwaruka narwo rushikirize ivyiyumviro vyarwo rutarinze gushamirana canke atawukumiriwe. Abantu bakwiye kumenya ko ari ivyiyumviro bihiganwa, atari ingumu canke ukubabazanya canke gusinzikariza ubuzima bwa kiremwa muntu.

Uwo mushingamateka yaje ava mu gihugu c’Ubufaransa yahamagariye cane cane abakiri bato kudashira imitima hejuru nk’uko bikunze kwibonekeza mu matora, urwaruka rugasabwa kwirinda imishamirano ishobora kwaduka.

Mwomenya ko bwari bubaye ubugira gatanu, uwo mushingamateka Jean René MARSAC agendeye Uburundi.


Mariella Bukuru

Messages

  • Impanuro burya ni ikintu gikomeye cane mu buzima bw’abantu,bashaka bokwumva impanuro kuko abo nyene baguma babahanura bakanka hamwe ibintu vyokomera nibo bazotabaza.Urumva mugihe boba baranse impanuro ingaruka bizoca bigira!Umva wumvirize impanuro cndd-fdd n’abo ba generaux bawe.Kuko agasozi k’intahanurwa kahiye...Kandi mwokwikebuka kuko bitebe bitebuke muzorira mubure iyo munyikira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.