IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi ibona ko Parfait Onanga Anyanga asangiye intumbero na ADC (...)

Reta y’Uburundi ibona ko Parfait Onanga Anyanga asangiye intumbero na ADC IKIBIRI

mercredi 16 Ndamukiza 2014

Reta y’Uburundi ntitandukanya ivyashikirijwe na Parfait Onanga Anyanga, hamwe n’ikete Leonce Ngendakumana umukuru wa ADC Ikibiri yaheruka kurungikira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Reta y’Uburundi imeze nk’iyatakarije icizere Parfait Onanga Anyanga bagiriza ko asangiye na Léonce Ngendakumana izindi ntumbero ziyamirizwa na Reta.

Mu bikorwa vy’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Reta y’Uburundi yibutsa ko harimwo gufata mu mugongo Uburundi mu kubufasha gutsimbataza intwaro rusangi, ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro, hamwe n’ugukomeza amahoro n’umutekano. Mu rwandiko rwasohotse ku munsi w’ejo kuwa kabiri ku bijanye n’ibivugwa ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD zahawe ibirwanisho, Reta y’Uburundi yamenyesheje ko kubona ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bwarasohoye urwandiko rwo mw’ibanga ku kibazo gikomeye c’itangwa ry’ibirwanisho, hama abo vyega aribo Reta y’Uburundi ntibimenyeshwe imbere y’uko urwo rwandiko rusohoka, vyatumye icizere Reta yari ifitiye ONU gitakara, kandi ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, na Reta y’Uburundi bari bamaze kurangurira hamwe ibikorwa bikomeye vy’ingirakamaro ku Burundi. Muri urwo rwandiko rwateweko umukono na Firipo Nzobonariba umunyamabanga n’umuvugizi wa Reta, Reta y’Uburundi imenyesha ko idatahura na gato icoba catumye urwo rwandiko rurungikirwa abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mw’ibanga, mbere muri Reta bakabifata ko yoba ari nk’amayeri y’ukurondera ko ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bwokwongerwa ikiringo mu Burundi.

JPEG - 53.6 ko
Parfait Onanga Anyanga, aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (photo : IWACU)

Ivyashikirijwe na Parfait Onanga Anyanga aserukira ishirahamwe mpuzamangu ONU mu Burundi, ko hari intwazangabo zo mu gisirikare c’Uburundi zihagarariye ibikorwa vyo gutanga ibirwanisho ku rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, Reta y’Uburundi ibigereranya n’ivyo Léonce Ngendakumana, umukuru w’urunani ADC IKIBIRI yaheruka kwandikira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon, aho yamumenyesheje ko amakungu atabikurikiranye neza hashobora kwaduka intambara mu Burundi.

Nk’uko Firipo Nzobonariba, umunyamanga akaba n’umuvugizi wa Reta yabimenyesheje muri urwo rwandiko rwa Reta, iyo migambwe yo mu runani ADC Ikibiri ishobora guca ifatira kuri ivyo vyashikirijwe na Parfait Onanga Anyanga, ikabona kuzosubira kwikura mu matora ategekanijwe mu mwaka w’2015, ari naco gituma Reta y’Uburundi yaciye iboneraho akaryo ko gusaba amakungu ko yorungika abarorerezi mvamakungu bazoshobora gukurikirana amatora kuva mu ntango, gushika mu mpera z’amatora yo mu mwaka w’2015.

JPEG - 66.7 ko
Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta

Egide Nduwimana

Messages

  • Kuneza y,uburundi na barundi,uyu mugabo Onanga Anyanga nabogozwe ,arungikwe iwabo.asubirizwe nuwundi abishobaye!,hama ubutungane bwiyegereze Leonce bube buramubitse gatoyi harya kumusaga,kugira itohoza ribe rirakogwa,kandi niho rizogenda neza caane,kandi ivyo tubisavye dushimitse,twebwe abanyagihugu dushaka kuba mumahoro,turazi ko hari abadashaka ko dutekana mumahoro,ariko nabone nukubagumizako ijisho.

  • Wewe wiyita nditije urikijuju niciyunviro cawe kirabigaragaza ,menya kutari umuvugiziw’abanyagihugu ,urumuvugize ngira wa CNDD

  • mbeg reta irabay nkumwana!imvuga kur zamy zitoroherezw.ark ukur kuzoj ahabona!

  • KO MUTANA KO AMAKOSA, NIMBA KOKO IBIVURWA ARI IHUHA, MWORETSE AMATOHOZA NATIONALE ET INTERNATIONALE AGAKORWA MAZE TWEBWE ABARUNDI TWIBEREHO MUMAHORO. AKA GAHEMGWE TURIMWO KISUNUNURE GATO TWIBAGIRE KWIRUKANGA MUMISOZI DUHUNGA AMABOMBE. MUZOBA MUKOZE CANE. IMANA IBAHEZAGIZE UMUTIMA W’IKIGONRWE GITANGA AMAHORO.

  • None ko reta yanka gushingwa kw’umurwi wotohoza ivy’ivyo bigwanisho, hari ico itinya! Amazi ageze mw’izosi! Nta genocide bashobora gutegura amakungu arorera! Mbega Edward Nduwimana we yagiye hehe ko tutakimwumva?

  • Ukuri kurababaza,leta niyemera amakosa kuko babikora kumugaragaro.mbe abo bajeneraribavyagirizwa kobatabihakana???wewe wiyita nditije imisi yigisuma iraharuwerindira ahobukeramuzomaramara.uburundi nagahugu gato kuri amerika zamwitonda.

  • None ga NDITIJE uwo wese atazoshira aho leta ishaka no kupfa canke gufungwa iyo atari umurundi aca ategerezwa gufata iyihuta muragowe akari ho karavugwa c’est ca la democratie.

  • None ga NDITIJE uwo wese atazoshira aho leta ishaka no kupfa canke gufungwa iyo atari umurundi aca ategerezwa gufata iyihuta muragowe akari ho karavugwa c’est ca la democratie.

  • Umuntu yiyunvira ko Onanga Onyanga yokurwa ni ikijuju ahubwo akwiye kwongerwa ikiringo kuko ntanzara afise nkizo mbwa zaba DD kuko ntagiturire arya nico gituma bashaka kwirukana ONU imbere yamatora kugira ntibabone amabi bashaka gukora mukirundi ngo ibuye riserutse ntiryica isuka noneho vyabatekurukanye;kandi nimba ataco biyagiriza nibemere amatohoza mpuzamakungu:mbega woba wagira amakosa hama ukigirako amatohoza??

  • URABESHA NTURI NDITIJE KO ARI INTWARI NAWE UKABA URI UMUGARAGU WA DD N IMBONERAKURE MBWIRA UWO YIYITA NDITIJE URI BARIBSHE NIMBA UZI IKIRUNDI NEZA...ABA DD BABAHAYE ISUMU YO KUBESHA MWE NA BA PETITS NKA BA KABURUNGU WO MURI KABIZI...KARYA KABWAI KA MAHINDAGU KAHORA KAVUGIRA FRODEBU NONE INZARA YAGATWAYE MURI DD ...!!!NI ANALPHABETES A MANIPULER...

  • Iraboroga igakonwa,yamara gukonwa igatekereza.mwebwe mwese mwigira surivu rindira gato muri 2015 twisubirire kwiyambika umutamana,namwe mube murajuragirika,ngwi honyabwoko.ibigwanisho bihabwa imbonerakure,interahamwe,ngwubusuma,emama ngohadutse abagwanyi none ngo nibaganire na L,Etat,jewe harigihe nibaza komumitwe yanyu hadakwije neza!!.Izo ningaruka yakamenyero kabi mwamanye,mwongera muragakurana,ivyo vyose kandi nivyo mwavuvudikiriye,kuvaho muboneye kwivyo kuvuga ko ngo amatora yaribwe,mubonye bitakigira ifatiro,mwebwe musa nabari mubihano,imana iriko irabakosora bukebuke,erega imana ntabwo ihaniraho,iguhana bukebuke kugira irabe kowokwihanura,kandi ntabwo ntibanka .yanka ibibi mwakoreye bagenzibanyu mubahora ubusa,emama amoko,intara,nibindi vyinshi mwamye mwitwaza,iyo muba abandi mwotekereje.mukaramuka mutagenjeje buke mushobora kugira ibibazo.

  • Ibibintu vyizijavyi zivakurikizikaja kurikiriya bitumye mbonako hataragerako abarundi hataragerako bahidura umugambwe urikubutegetsi CNDD FDD yiyongereye incuro zirenga 3 mugukundwa nabarundi ndabibabwiriyengaha muzobamurirebera muri 2015 abohanganye na CNDD FDD ivyobikozavyose usanga bariko baramamaza CNDD FDD bagirabaravuga abenegihugu bakarushaho kubonako CNDD FDD igikenewe cane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.