IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi irahakana ivyashikirijwe na CIRGL

Reta y’Uburundi irahakana ivyashikirijwe na CIRGL

samedi 21 Munyonyo 2015, par egide

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe CIRGL mu Burundi yitwaje ikibazo c’umutekano kugira asigure igituma ataboneka kenshi mu mirimo yiwe i Bujumbura.

Ishirahamwe CIRGL (Conférence Internationale sur la Région des Grands Lacs) ryahora rikorera i Bujumbura ryamenyesheje ko rigiye kwimurira vy’agateganyo ibikorwa vyaryo mu gisagara ca Lusaka, muri Zambiya, iryo shirahamwe rikamenyesha ko iyo ngingo yafashwe ku mvo z’umutekano muke uri i Bujumbura.

NTUMBA LUABA, umunyamabanga nshingwabikorwa wa CIRGL mu Burundi yamenyesheje ko adatekaniwe kubw’umutekano wiwe, hamwe n’uw’abakozi bose muri rusangi, akavuga ko mu gisagara ca Bujumbura, ku ndwi ku ndwi, no ku munsi ku munsi ibiziga bibandanya gutorwa, ivyo bikibonekeza kandi no mu yindi mihingo y’igihugu c’Uburundi.

JPEG - 56 ko
NTUMBA LUABA, umunyamabanga nshingwabikorwa wa CIRGL mu Burundi

Uwo munyamabanga nshingwabikorwa wa CIRGL i Bujumbura avuga kandi ko habandanya kwibonekeza ugutana mu mitwe hagati y’abaporisi n’abandi bantu bitwaje ibirwanisho, aho n’amagerenade asigaye aterwa mu gisagara ca Bujumbura ku murango izuba riva.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ntibubona kumwe ivyo vyashikirijwe. Mw’ikete ubwo bushikiranganji bwasohoye kuri uwu wa gatanu, bamenyesha ko NTUMBA LUABA, umunyamabanga nshingwabikorwa wa CIRGL mu Burundi yagumye aboneka gake mu Burundi, yitwaza ko umutekano muke ariwo watumye ataboneka kenshi ku biro vy’iryo shirahamwe.

JPEG - 27.8 ko
Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Ubwo bushikiranganji bw’Uburundi bujejwe imigenderanire buvuga ko mu gihe hasigaye iminsi mirongo ibiri n’itanu gusa kugira ikiringo ciwe kirangire, ikibazo c’umutekano arico cabaye icitwazo ca NTUMBA LUABA, umunyamabanga nshingwabikorwa wa CIRGL mu Burundi, kugira asigure igituma atabonetse kenshi mu gihugu.

Ubwo bushikiranganji buhumuriza abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi ko Reta ataco itazokora mu gutsimbataza amahoro n’umutekano mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • emwe ivy’uburundi nzorabe amaherezo yabwo.kuberiki abategetsi mutigera mwemera ko igihugu kirimwo ingorane?abantu baragandagugwa,amagerenade arategwa aba police bafata abantu uko bagomba babafunga none gute muhakana ukuri mukuzi?abategetsi mwohindura ingendo kuk muzovyemera abantu bantu twaheze.

  • Mbega yemwe uwo #NYAMITWE ntibomutwara mu bitaro ! Uko gutsimbataza amahoro, ni ukwica abantu ? Ninde afise amaso, amatwi atabona ibibera mu Burundi ? Erega isi yose ibahanze amaso,,,!

  • Jewe sinibazako uwo Nyamitwe azi nezako ivyo agerageza kunyegeza butagishoboka. Aremeza nezako ata genocide iriko iraba muburundi kandi itazokwigera iba. Pourtant, arazi nezako ayomakungu ariko agerageza guhenda bafise toutes les preuves. Abo bantu bafatwa na polisi bagatogwa ari ibiziga, les fosses communes batamwo abo bagandaguye..nibindi amakungu arafise amafoto yivyo vyose . Ubu reroho ngo batoye ubundibwenge, babagandagurira muri sous sol ya permanence ya cndd—fdd bakaja guta ibiziga i bugarama! Vyose birazwi.Ikindi naco kitumvikana kuruyo munyamitwe nicoba kimutuma kwifatira mugahanga Bwana Ntumba; mukirundi bati imbwa irya uwizi,EU, USA ko bakuye mu Burundi abakozi babo ntihagire ico avuga. Bagiye kubera umutekano ari mwinshi? Iyo bumenya umwe bwari ikindi mr. Nyamitwe! Aho wibazako Laurent Kavakure umusumvya ubu poilisime, loin de la!

  • IGIRE NTUMBA UWOGIRA IYAJA YOGENDA UBURUNDI NAMAHANGA

  • Burundi uvahe ukaja hehe. Dutanguye gufatanya ibiriko biraba n’ibimoko kweri? Ese gutema aho wicaye. None ababirigi bigiriye iwabo ko mwumva tutabakeneye, ivyo bitutsi n’ivy’iki? Vugisha ukuri mubonye habavye kuko batwimye amahera. Aho kubatuka nyabuna twitonde n’ejo tuzobakenera.

  • Gezaho ntaho muzoshika kuko amaraso y’abenegihugu muguma musesa arashikira uwabaremye kandi uwishe wese akoreshe(akarimi,inkoho,inkota...)ntiyitege gukingirwa mugihe c’uburake bw’ Imana.Amaraso Y’uwishwe Ari Kugahanga Kuwamwishe Gushika Amusanze Iyo Yamushize.Ntanisoni Mufise?Mumenye Ko Satelites Ziguma Zikora Ico Ukora Cose Usesa Amaraso Umenye Ko Uwubundabunda Abonwa Nuwuhagaze.Wanke Wemere "Yaba Uwabaye Isonga Rya1 Gushika Kuwatumwe Nabo Bose Umwe Wese Niyitege Uburake Bw’ Imana Umuremye Wacu

  • Ijamb Ry’ Imana Rivug Ngo "ivyo Vyose (m)urabikor Nanje Nkahora Mukibaza Yuk Mpwanye Namw Rwos, Utarik Eh Rab Vyos Nzobishira Imber Y’amaso Yany Uk Bikurikiran" Nn Bury Nyamitwe Ugir Ng Imana Ntihar? Ereg Nubw Wob Urah Sngombw Ngo Ukresh Imitwe Yaw Kugir Ng Bkund Wgumir Kubtegets! Iciz Nuk Mwovgan Ukuri Mukrab Ah Vyapfriy Mkagruk Hakir Kar Gus Ic Mbon Mu Burundi Bwac Ukuri Kurazimvye Pe! Nkubaz Nyamitwe Burya Har Uworind Yiyumvir Gkor Coup d’Etat atakint mutumvikanak? knd vyananirany ko mutorer umut? komez uzbon courage

  • Ntakund Muburund Ni Dange Bazokwemera Bashiriwe!!

  • Ego basi tuvuge ko hari umutekano!none abo ba polisi banyu bobo mwemera ko muvuga ko bapfa bapfa atantambara iriho?Abanyagihugu bo iyo mubafashe mubita aba assaillants ntibazwi ,ntibanakenewe selon dd!Ubu hafotora satelite babibona vyose!

  • NDEMEYE PEEEE!
    HAMWE NABANDU DUKUNJE KWANKA KO HAVURWAKO UBWOKO KOBWOKWITWA KWARIBUBI MUBIHE UMWE CANKE BAMWE MURIBO BABONEKANYEKO IGIKORWA KIBI. IBIBINTU NDONGEYE KUBIVUGA KUBA BILIGI KUKO NUBWO MWUMVA ABA BILIGI KUVABAKIDUKORONEZA KUGERA NUNOMUSI BATIGEZE BAHAGAHENGE ABARUNDI, ARIKO MWINOMISI NIHONGIYE KUMENYAKO IVYO ABABILIGI BAGAKOREYE ABARUNDI HARIHO ABANDI BABILIGI VYABABAZA. AKARORERO MURAZIKO UBUBIRIGI MWINOMISI HOHO BIFASHENABI KUGEZANAHO BAJAGUHIMIRIZA IBINDIBIHUGU NGOBIHASHE UBURUNDI, KUBANDANYA NOGUTAMURUNDIBI IGIHUGUKIBANYI TUNAHUJEVYISHI CU RWANDA. UBURERO MUBUBILINGI VYABAYENABI MURI LETA NOMUBANYAGIHUGU MUBUBILIGI, AKARORERO NUMUTEGETSI AHERUTSE KUBWIRA ABABIRIGI BOSE BARIMU BURUNDI NGOBAVEMWO ARIKO BAMUHIMIRIJE NGWATANGAZEKO ATANGORANE BOGUMA MU BURUNDI NIYOMPAMVU MWIMVA YATANGAJE IBIVYADITSWENGAHA.

  • Ahaaa abantu buno munsi muratwengeje koko!!!Mbega utu Rocket naho twoba cumi nadutanu nayo masoro aturikira ngaho ibujumbura niho mwoca mukuza iminwa ngo igihugu kirafashwe??mbega ubu Bujumbura yabaye igihugu?mwoba murabaki mwebwe muciyumvira uko?Giteg,Rumong,Burur,Mwaro,Karusi,Makamba nizindi nyinshi ntonamara aho siburundi?Ahaa icombona co ivyo mwiteze nibindi atarivyo mwirirwa muravuga ngo igihugu kirahiye???!mbega murazi ho igitigiri ca Rocket Cndd yakwefye?Amasase yo??ne mubona utwo tuvugira ibujumbura twoyitera ubwoba?Ahaa mbona mufise akazi katoroshe da nimurwane tuzobarabisha.Ariko ico mbona muzohava mwibuka kuyora mwasheshe munyaye ni muve mubijambo bipfuye muje mubikorwa bibananiye mwemere gutwagwa nkabandi nayo ubundi bwo murakubitwa pe kandi mukibibona izindi ntara twibereye mumirimo ntanivyo tunezwe ivyo.

  • Ntawuhisha umwotsi inzu iriko irasha Alain NYAMITWE! Muzoteba muhinyuka; nimutata ngo mwomoke, mwe na mwenewanyu Willy na shobuja NKURUMBI mugiye amagorwa mutari mwigere mubona! Rero maramara neza wihorere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.