IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rugazi: Umukuru w’inama nkenguzamateka ngo ntiyibagira abiwe

Rugazi: Umukuru w’inama nkenguzamateka ngo ntiyibagira abiwe

lundi 6 Rusama 2013

Umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi Gaburiyeri Ntisezerana, yaragarukiye kubahuye n’ivyago bu muri komine Musigati mu ntara ya Bubanza.

Muri urwo rugendo, Gaburiyeri Ntisezerana yaherekejwe n’abategetsi batandukanye harimwo n’umushikiranganji wo gufatana munda umupfasoni Korotirida Niragira.

Abo bategetsi bakaba bishikiye muri zone Muyebe ari nayo yabangamiwe kuruta izindi kubera imvura yaguye muri izi ndwi zirangiye. Muri iyo Zone, hakaba harabomotse amashure atandukanye n’amazu atari make.

Abanyagihugu bahuye n’ivyago kuruta abandi baronkejwe ibiro 15 vy’umuceri hamwe n’amabati ashika kuri 726 yatanzwe.

Umukuru w’inama nkenguzamateka akaba yasavye abanyagihugu bo ngaho i Musigati, ko boraba ukwo biyegeraniriza mu bigwati biteguwe neza, mu kwikingira amasanganya aturutse ku mvura, mu gihe binavurwa ko imisozi n’amabuye vyoba vyarahitanye abantu muri ako karere.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.