IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rukenkanya yasabwe amasezerano y’Uburundi na FIFA

Rukenkanya yasabwe amasezerano y’Uburundi na FIFA

vendredi 12 Ndamukiza 2013

Inama nshingamateka y’Uburundi, yasavye umushikiranganji w’inkino n’imico kama,Adolphe Rukenkanya ko yohagarika amakoraniro yose y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi .

Ayo makoraniro yari yatumweko ku magenekerezo ya 21 Ndamukiza na 5 Rusama 2013.
Ibiro vy’inama nshingamateka bikaba vyasavye umushikiranganji , ko yozana amasezerano nkenerwa hagati y’Uburundi na FIFA kugira batorere umuti ibibazo biri mwishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y’icegeranyo ca sohowe n’umurwi wamaho munama nshingamateka uraba ibijanye n’inkino,inyuma yaho bagiriye ingendo bakishikira kurubuga.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.