IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Abaturiye ingoro y’umugambwe MSD ntibaramenyekana

Rumonge : Abaturiye ingoro y’umugambwe MSD ntibaramenyekana

lundi 3 Ntwarante 2014

Ingoro y’umugambwe MSD mu ntara ya Bururi, komine Rumonge, zone Gatete yaraturiwe mw’ijoro ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2014. Amatohoza yatanguye kugira bashobore kumenya abaturiye iyo ngoro y’umugambwe MSD.

Abatwara umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) mu ntara ya Bururi bamenyesha ko iyo ngoro y’umugambwe wabo yaturiwe mu ntumbero yo gutera ubwoba abahurikiye muri uwo mugambwe. Basaba ko umurwi w’itohoza washizweho wokora mu bwigenge, kugira abazokwagirwa n’ico caha bazomenyekane kandi bahanwe.

Iyo ngoro y’umugambwe yaturiwe mu gihe hari haheze iminsi havugwa ibijanye n’ukutihangnirana muvya poritike, aho abanywanyi b’imigambwe batana mu mitwe izuba riva. Mwokwibuka ivyaheruka kubera mu ntara Gitega hagati y’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD hamwe n’urwaruka rwa MSD, aho barwanye. Imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi nayo igashikiriza ko ibangamirwa iyo ishatse gutunganya amanama abahuza n’abanywanyi babo, vyose bakavyagiriza urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD.

Mu runani rw’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi bamenyesheje ko batewe impungenge n’iyo nyifato isa n’iyukubatera ubwoba. Chauvineau Mugwengezo, umuvugizi w’urunani ADC Ikibiri asaba ko abakora ivyo vy’uguhohotera abandi bohanwa, kuko bitagenze uko bishobora kubera intambamyi amatora yo mu mwaka w’2015.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.