IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ruyigi : Abanyororo 2 bakomeretse bivuye ku mvura

Ruyigi : Abanyororo 2 bakomeretse bivuye ku mvura

mardi 22 Ndamukiza 2014

Imvura yaguye mu ntara ya Ruyigi, ntiyasize inyuma ibohero rikuru ry’iyo ntara, ndetse rikaba ryarononekaye, abanyororo babiri nabo barakomereka.

Abapfungwa bari basanzwe baba mu bice bita section ya gatanu n’iya gatandatu, bagategerezwa kuzoca bimurirwa ahandi, mu gihe ndetse ubu abandi bapfungwa barara hanze. Ivyo bikaba vyatumwe n’imvura y’igihuhusi yahitanye iryo bohero, amabati akagurukanwa n’umuyaga, ndetse abanyororo babiri bagaca banakomereka. Muri abo, umwe yakomeretse ku kuguru, uwundi nawe akomereka mu gahanga.

Alexis Nduwayo umuyobozi w’ibohero rya Ruyigi, amenyesha ko uyo muyaga uvanze imvura wononye ibitari bike, ndetse n’inyubakwa isanzwe ibamwo abacungereye abapfungwa nayo nyene ikaba itasigaye inyuma, ariko ico bagiye kwihutira, akaba ari ugusubiza ibintu mu buryo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.