Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ruyigi : Abanyororo 2 bakomeretse bivuye ku mvura
Ruyigi : Abanyororo 2 bakomeretse bivuye ku mvura
mardi 22 Ndamukiza 2014
Imvura yaguye mu ntara ya Ruyigi, ntiyasize inyuma ibohero rikuru ry’iyo ntara, ndetse rikaba ryarononekaye, abanyororo babiri nabo barakomereka.
Abapfungwa bari basanzwe baba mu bice bita section ya gatanu n’iya gatandatu, bagategerezwa kuzoca bimurirwa ahandi, mu gihe ndetse ubu abandi bapfungwa barara hanze. Ivyo bikaba vyatumwe n’imvura y’igihuhusi yahitanye iryo bohero, amabati akagurukanwa n’umuyaga, ndetse abanyororo babiri bagaca banakomereka. Muri abo, umwe yakomeretse ku kuguru, uwundi nawe akomereka mu gahanga.
Alexis Nduwayo umuyobozi w’ibohero rya Ruyigi, amenyesha ko uyo muyaga uvanze imvura wononye ibitari bike, ndetse n’inyubakwa isanzwe ibamwo abacungereye abapfungwa nayo nyene ikaba itasigaye inyuma, ariko ico bagiye kwihutira, akaba ari ugusubiza ibintu mu buryo.
Aristide Nizigire