IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ruyigi : Yoba yagandaguwe azira amatati y’amatongo

Ruyigi : Yoba yagandaguwe azira amatati y’amatongo

vendredi 20 Ruheshi 2014

Abantu n’ubu bataramenyekana nibo bagandaguye umukenyezi w’umupfakazi wo mu ntara ya Ruyigi, muri komine ya Bweru.

Mw’ijoro ryo kuwa 18 Ruheshi, niho abantu bataramenyekana bitwaje imipanga, batera umuhana w’uyo mupfakazi, baraheza basiga bamugandaguye, bamusanze aho yari asanzwe aba, ku musozi wa Nyarunazi muri iyo komine ya Bweru, intara ya Ruyigi.

Mwomenya ko amkuru ava mu ntwaro ya Ruyigi avuga ko ubwo bwicanyi bwoba bufatiye ku matati y’amatongo, umuntu umwe akekwa kuba ari mu bamutwaye ubuzima uwo mupfakazi, akaba ari mu minwe y’inyamiramabi, ku mvo z’amatohoza. Mwomenya kandi ko mu kibano co kimwe no mu muryango w’uwo yagandaguwe, bose basaba ko amatohoza ataho yegamiye yokorwa, maze abakoze ako kabi, bagahanwa bimwe vy’akarorero.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.