IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ruzizi ya kabiri igiye gusanurwa

Ruzizi ya kabiri igiye gusanurwa

mardi 11 Ruheshi 2013

Igihugu c’Ubudagi ntigihengeshanya gufasha Uburundi, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 11 Ruheshi 2013, uwuserukira Ubudagi mu Burundi arikumwe n’umushikiranganji wo gufashanya n’ibindi bihugu bashize umukona ku masezerano yo gufashanya kuri uyu mugoroba.

Iyo mfashanyo ingana n’imiriyoni zitandatu mu mafaranga y’amanyaburaya ikaba izofasha mu bijanye n’ibidukikije hamwe n’umuyagankuba. Kuvyerkeye ibidukikije, umushikiranganji yamenyesheje ko ibidukikije bigenda bitituka buhorobuhoro arico gituma bikwiye ko bikingirwa. Ahanini hari ukubungabunga isi yacu, kugira yimbuke maze inzara igabanuke mu gihugu. Kubijanye n’umuyagankuba iyo mfashanyo izofasha mu gusanura urugomero rwa Ruzizi ya kabiri hamwe no kwubaka urundi rugomero rwa Ruzizi ya gatatu.

Ariko rero kubera kwubaka urugomero rushasha, bisaba igihe kirekire, habaye harasanurwa urgomero rwa Ruzizi ya kabiri, Ruzizi ya gatatu ikazokwubakwa mu nyuma. Mw’ijambo ryiwe ryo guheraheza, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yashimiye igihugu c’ubudagi kidahengeshanya gufasha uburundi mw’iterambere.Yongeye kandi aributsa ko mu nama yabereye i Geneve igihugu c’Ubudagi cemeye kuzokwongerako ibice bigera ku 50% ku mahera cahora gifashisha Uburundi.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.