IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rwanda: Impunzi z’abarundi zigendana umugera wa SIDA zisaba gufashwa

Rwanda: Impunzi z’abarundi zigendana umugera wa SIDA zisaba gufashwa

mardi 26 Rusama 2015

Impunzi z’Abarundi ziba mw’ikambi ya Mahama zigendana umugera wa SIDA, ziratabaza kubera uko babayeho kandi badafashwa muvyo bakenera.

Izo mpunzi zivuga ko zitewe umwitwaririko no kuba bamaze kumara igihe cababa ukwezi badafata imiti igabanya ubukazi bw’umugera wa SIDA, mbere n’infungurwa bahabwa zikaba zidahuye n’ubuzima bwabo.

Bamwe mubaganairiye n’ikinyamakuru IGIHE bavuze ko basabwe kwiyandikisha bakerekana ubwoko bw’imiti bari basanzwe bafata ngo bafashwe kuyironka, ariko haheze ukwezi ata nyishu bararonka.

Bavuze ko abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi UNHCR ryabasavye kwiyandikisha,baca biyandikisha barenga 80,ariko igitigiri kiguma kiduga kuko hari abandi baguma baja mw’ikambi y’impunzi.

Bose bamenyesha ko atari kubaha imiti gusa,kuva bashika mw’ikambi y’impunzi ata gipimo na kimwe baragirirwa kugira bamenye uko imibiri yabo yifashe.Bamenyesha ko bafise ubwoba kuko bishobora kugabanya amahirwe yo kubandanya ubuzima.

Marleen Masclee, umuyobozi mukuru ajejwe imigambi muri ARC mu Rwanda, yamenyesheje ko kugeza ubu hacubakwa aho gupimira no gutangira inyigisho ku bijanye na SIDA.

Yavuze ko hari ibiganiro bariko bagirana n’impande zitandukanye kugirango imiti igabanya ubukazi bw’umugera wa SIDA iboneke.Yavuze ko ku bijanye n’imiti , hari ibiganiro hagati y’Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, UNHCR na Global Fund kugirango iyo miti iboneke hanyuma itangwe ku buntu ku mpunzi ziyikeneye.

Marleen Masclee yamenyesheje ko ivyo biganiro biri hafi kurangira ku buryo mu minsi iza impunzi ziyikeneye zizoyisanga ku mavuriro y’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu yegereye ikambi.


IGIHE

Messages

  • Inkuru ibaye impamo. Mwese mumaze kubona ukuri . Ni ba maraya bahunga hamwe nababandi batajya bakora (abasongareri). Ubwo baje kutwikisha Sida!!!
    Ndumva basubiye iwabo nibyo byiza aho kuza kwanduza abanyarwanda

  • Yewe mutabazi nta ndero ugira kuko ntiwarezwe

  • Biratuta kuko abanyarwanda baratwishimiye cane nacanecane twebwe abatutsi turabiheranyene ariko Imbonerakure ntizashaka kotuziha natwe tukarushaho kubanka urunuka.

  • Igito gitabwa iwabo,kandi ivyaye igipfu irakirigata, mbe ubwo nibwo bukiriro mwarondera mu rwanda ? Uwo ni wa mugani w’umwana w’icangazi uvurwa muri Bibiliya ubatasheko. Mwagiye umuvyeyi asemerera ati nyabuna aho hakurya ya kanyaru s’iwanyu ntimute ingo zanyu ngo mwangarane ibibondo atakiriko kirabirukana ukamengo mwasaze, none raba hashitse aho n’imiti mwaronka ku buntu kandi kugihe musigaye murinda gukoma induru ngo muyironke none batanguye kubagaraguza agati mu kuyibaronsa. Ni vyaba bibashobokeye heba mugaruke turacabakunda mureke kwambarira ibara mu rwa kagame.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.