IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > RWASA Agathon arasigura igituma yemeye kuja muri Reta

RWASA Agathon arasigura igituma yemeye kuja muri Reta

lundi 12 Gitugutu 2015, par egide

Rwasa Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yemeza ko akiri mubatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza. Amenyesha ko yagiye mu nzego kugira aronke aho avugira.

Ku ncuro ya mbere kuva yinjiye mu nzego, Agathon Rwasa yavugiye ku nsamirizi y’abafaransa RFI, nk’umutumire wa Afrika. Ku kibazo c’imigenderanire y’Uburundi n’Ububirigi hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya isa n’iyiriko iratituka, Agathon Rwasa avuga ko ubutegetsi bwari bukwiye kwiyumvira kabiri, imbere y’ugufata ingingo.

Nk’uko yabishikirije, imigenderanire hagati y’Uburundi, ishirahamwe ry’ubumwe bwa biraya hamwe n’ibindi bihugu, ni ikintu gikwiye gukomezwa, agahanura ko iyo bishitse ubutegetsi bukaba bufise ico butumvikanako na kimwe mu bihugu bufitaniye imigenderanire, ubwo butegetsi butegerezwa kwirinda gufata ingingo gihutihuti mu bishobisho, akavuga ko ivyo badahurizako bategerezwa kwumvikanako mu buryo bwubahiriza imigenderanire.

JPEG - 83.2 ko
Rwasa Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

Ku bijanye n’ingene yahamagariye abanywanyi biwe kutitaba amatora, akongera ntiyemere ivyayavuyemwo, ariko mu nyuma akaja muri Reta mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, Rwasa Agathon asigura ko mu gihe umugambwe CNDD FDD wari wanse ivyo wahanuwe vyose, amakungu agahamagarira abo vyega bose mu biganiro, yategerezwa kugira aho abarizwa, kugira ari kumwe n’abanywanyi biwe bari mu nzego bazogire uruhara muri ivyo biganiro.
Rwasa Agathon asigura ko mu gihe amatora yari aheze, abigenga batari gusubira kuronka aho bavugira, ari naco gituma bafashe iyo ngingo y’uguserukirwa mu nzego.
Yemeza ko akiri mubatavuga rumwe na CNDD FDD, akavuga ko abandanya gusaba ko hoba ibiganiro bihuza bose.

Ku kibazo c’ukumenya namba ukwo kwinjira kwiwe mu nzego kwaragize akamaro ku mutekano w’abanywanyi biwe, Rwasa Agathon avuga ko avyemeje kwoba ari ukwihenda kuko hakiri utunenge tutari duke mu bijanye n’umutekano mu Burundi, ariko akavuga ko hariho agahengwe gato kabonetse ku mutekano w’abanywanyi biwe, kuko aho afatiye ingingo y’ukwinjira mu nzego.


IGIHE

Messages

  • gwasa wewe wakoze nkumugabo mbega wentiwabonako barya arabashaka kuguma batoteza umuhutu dushakako mwvikana nankurunziza uwonkurunziza twamuhawe nimana yomwijuru twamutoye tubibona wewe umwanka uraraba iyujakuba jakwakagame amasezerano muvugangonayabarundi nitwetwayarenze sinkurunzizayayarenzekandi tuzonamwongera wewewumva utabishaka b uragiye kwakagame isangeyabandi imana iduhezagirire nkurunziza sebarundi

  • igarure mutama wari warobew pe!

  • urahenda nde?? uzobeshe ibijuju nkawe. ninde ayobewe ko washatse gukora coallition na nkurumbi yo kumara abantu? aho mwabukaranga nari musi yurujo . Uzobanze wishure amaraso y abanyamurenge wamariye mu gatumba. vous etes de vraie sanguinaires womengo ni ivyo babaraze.

  • Rwasa arambwiriye aba Biligi nabanyabulaya kobaribakwiye kwirinda kwihutira gufatira ibihano igihugu kikigenzi nku Burundi!.

  • @ Niyonkuru, kutavuze koyokwishura namaraso yokwica Rwagasore nincutiziwe, niyicwa rya Ndadaye, nincutoziwe, ntibagiwe nivyabaye 88 Ntega na Marangara kutavuze ivyo vyovyontibibabanje? Niyaba ivyondakubwiye ari Rwasa yabikize nivyovyabanyamurenge niweyabikoze, niyabatariweyabikoze nivyovyabanyamurenge siweyabikoze urazoheza uronserere ahandi canke winumire

  • turashimye umuco kuko hari abatabitahura.

  • Mbega Uwomugabo Kazoza Kiwe Ku Barundi Bamuhanze Amaso Ngo Ahindure Ibintu Nakahe?Ehe Umwanya Umwe Ntavuga Rumwe Na CNDD-FDD Uwundi Ukamenga Arayishigikiye,ewe Rwasa Birakunaniye Pe!

  • Nakomere gwasa avane nababagabo acubwenge kuko iyintwaro ntibizoborohera gutwara nimoumyi irabibona kobidakunda

  • Iki kigabo nikirumirahabiri ntikikabeshye opposition ntacyo ayimariye .! None abataragiye muri leta ntibavuga ngo amahanga nabanya gihugu ngo bumve! Toooka. Abazabeshye abahinde nigiterahamwe mubandi

  • Ahubwo Nukuturiha ABacu Baguye Mumyiyerekano Kuko Yari Mubaduhamagaye Kuja Mwibarabara UWo Ninda Ndende

  • Iyongingo RWASA yafashe niyo twebwe abamuyoboka nitwebwetuzi ahotwarituri nahoturi ubu RWASA.terimbere nkuzinga uzoterure akambere muri 2020

  • HAA!ABANYAPOLITIK HARAHO BIBAZA KO TUDAFISE N’UBWO KURAHURA!BARIHENDA PE!UMUGAMBW CNK ABIGENGA BAJ MU NZEGO GUT?RWASA NDAGUTWENZ NANJ!NKURUNZIZA YAGUHAY IBIBANZA MUR RETA VYIW ATACO MWAVUGANY?EW RWASA PIERRE NA NKURUNZIZA AGATHON,TWARABAHINYUY!!IVY’AMOKO MWATEGUY BIZOHERERA MURUGO IWANYU NAYO TWEBW ABANYAGIHUGU TURAVYANSE!KO MWIVY IGIHUGU,UWUGOW ARI MU BWOKO UBUH?ABARWANYA RETA BARI MU BWOKO UBUH?INYISHU YACU NI:"UBWOKO BWOSE"!MWEBW UBWENG BWABAJANYE!!RINDIRA MUZOTUBONA KO MWIHENZ AHO MUZORINDIR KO DUCANAMW MUBURE!DUTEGEREZ KUBARWANIRIZA HAMW!HAMA RWASA IVYO UBESHABESHA KUR MICRO,UMENY KO BA NYEN MICRO NATW TUGUTWENGA KO UBUGABO BWAGUTAKARANYE!

  • iciyunviro ciyo mboneza mubanamarimwe niciza cane kuko burya inzoka yoroshe buryirashobora kumiriyigumye.komera nyakubahwa tuguhanzamaso.

  • GWASAW,WAZA WABUMUSINGANTAHEP!WABONY KO,UBUBIRIGI,BWANKA ABAHUTU? IZOMFASHANYO,ZABO,ZOKWICA ABANTU,NOGUCANISHAMWO ABONSE,RIMWE,TURAZANSE NAWE NIYONKURU,UTEREKWA IVYIMANA IVUZE,SANGA,KAGAME,NAYO NKURUNZIZA,WATORANIJWE NIMANA,AROBAZUZWA,AMAVUTA NKA,DAWIDI,REKA,KUMUHANARA NTUZOBE,NKAGAHINI NGUZOPFE WANGARA.NKABANDI.

  • Mutama none kingingo zifatigwa muna shingamateka namwe mukaba muyirimwo abo bariko birukanwa ntaco mwoba mwarabizeko cnk namwe muvyumva kwi radio nkatwe?

  • Polotik iragoy reka turabe ingene bihera

  • Mutama nta kosa wakoze kujya munama nshingamateka ninaho uzobonera akaryo ko kumenya amabi akorwa na leta ya nkurunziza watekereje kigabo kuko intambara ntaho yatugejeje ntawayitsinze ntanuwayitsinzwe 2019 uragifite igihugu uzanakiramutswa

  • Mubisanzwe Ikibazo C’umutekano Kiratwega Twese.Nibakomeze Ibiganiro Bidakumira Kugirango Bose Bagire Ico Bahurijeko Kand Ciza

  • "Yemeza ko akiri mubatavuga rumwe na CNDD FDD, akavuga ko abandanya gusaba ko hoba ibiganiro bihuza bose."
    Jewe nahora numva ko abantu iyo binjiranye muri reta imwe ko bategerezwa gufatana mu mugongo. Uwutabishoboye akavamwo. None Rwasa vyamugendeye gute? Abashikiranganji biwe bakora iki mu nama nshikiranganji? N’ukuguguna gusa?
    Abamuzeye ko ubukiriro nibarabe neza bamuhanure!

  • komera komera nyene icubahiro Honorable Rwasa agathon koko turagushigikiye wahisemwo neza pe uzi abacu bapfuye inyuma yamatora ya 2010 bakuzira mugabo urabona ko ubu dutekanye naho atanyambo itabura agahonzi vrement komera ico watwunguye twebwe aba fnl nitwe tukibona abatakibona nabo birarabasha komera komera

  • komera komera nyene icubahiro Honorable Rwasa agathon koko turagushigikiye wahisemwo neza pe uzi abacu bapfuye inyuma yamatora ya 2010 bakuzira mugabo urabona ko ubu dutekanye naho atanyambo itabura agahonzi vrement komera ico watwunguye twebwe aba fnl nitwe tukibona abatakibona nabo birarabasha komera komera

  • Nyene Icubahiro Agathon Gwasa Ntaco Wadufashije Kuko Turavundiye Mumabohero Atandukanye.Kandi Twari Abanamarimwe.Nne Wovuga Ko Wadufashije Iki Kumyaka 4 Turi Mwibohero ? .Ivyacu Nabacu Vyarasabagiye .Nne Turoshikira He ?

  • Naze twubake igihugu twese hamwe.

  • Ibigiye inama bigira imana umutiwaburundi uri mubarundinyin ntamuzu ngu ntamunyegwand azoguh amahor niwew kigiticaw ukwiy kumenya icogukor cotunganiriz bos

  • MUTAMA RWASA NTAKABI KAWE WEWE KUKO NAWE UBUKENE BWARI BUKUGEZE KURE WATEGEREZWA KWIGIRA MURI LETA KUGIRA UFATE KUGAFARANGA MUGA URI UMUSHINGANTAHE KUKO UBANDANYA WEREKANA AMABI AKORWA NABO BA DD NTANUMWE YAGAYE INGINGO YANYU YUKUJA MURI LETA NAKARE WABAYE MWISHAMBIMYAKA MYINSHI HARI HAGEZE YUKO NAWE URUHUKA UGASAZIRA MUGIHUGU CAWE WARWANIYE IMYAKA MYINSHI.

  • Ingingo yo kwinjira muri reta umushingamateka Rwasa ni nziza kuko ihumuriza Abarundi. Bizofasha no gutegura neza imishikirano yimirije. Ni mbanza guseruka. kandi igihu kiri muri ambargo nti mwogita mwese ngo muje hanze. Harakenewe abaza barahanura kubitagenda neza.

  • zishahurwa zirira ntiturekura mwatera bomb mwareka aha twsragifash abo bahutu nabo bahendwa bazabibona ayo namayeri yanyu .kubera iki umuhutu aje ngagara cibitoke mutakura jabe nyakabiga musaga aca yicwa mugihe avuy ahandi ariko abatutsi bidegemvya muma quartier yabahutu/

  • Harihagezek twoyubak ibibazo twahuyenavyo tukavyibagir nihobavuzek uwaruche ntaruhuk ntukice nibibi icosico waremew ntugate ubuntu bichitse nkakugirir nabi ntunyake ubuzim imana yampay ejonaw uzoba ukeney ubufacha bwanja nicotwaremew kuba umugichakubandi amaraso arahum murabaz gahini

  • Rwasa kubona yaragiye muri reta nisawa nagerageze kuza arahanura abo basangiye reta ya NKUrunziza agire ico yohindura muri reta yiwe kugira ntate icizero cabarundi

  • Nagira mpanure uvuga ko RWASA kwinjra muri Leta bwar’ubukene; uko n’ukumurtyoza. Biragaragara k’ari bamwe yasanze bagomba kumugira ikiraro; agac’abava inyuma. Kuja muri leta n’abarundi twahamushize.

  • Nagira mpanure uvuga ko RWASA kwinjra muri Leta bwar’ubukene; uko n’ukumurtyoza. Biragaragara k’ari bamwe yasanze bagomba kumugira ikiraro; agac’abava inyuma. Kuja muri leta n’abarundi twahamushize.

  • Erega Gwasa Ntahahuriye Na CNDD-FDD Nivyiyumviro Ntibisa.

  • rwasa aciy ubweng cane

  • RWASA nimumurike harimpamvu yatumye ahaja.iconzi nuko muvyo twasezeraniwe atamu FNL azigera asenga dagoni kirazira kandi nanumwe azigera arya ikizira.dufise isezerano mwavyanka mwemera.

  • Gusubiza Hamw Kwa Mutama Rwasa Na CDD FDD Twarabishimy,komra Abari Hanz Yigihugu Turagushigikiy!

  • Nivyiza Kubona Bagiyehamwe Imana Nishimwe!!

  • Twarababajwenawekukiyabujijeabanywanyintibajemumatora,hamanaweakacajamunzegozaboatemera.Umvaatabashutseabanywanyibiwe?Kumbe,umunyepolitikemwizanuwuhimirizaabanywanyibiwekutisukamumatati.

  • Twarababajwenawekukiyabujijeabanywanyintibajemumatora,hamanaweakacajamunzegozaboatemera.Umvaatabashutseabanywanyibiwe?Kumbe,umunyepolitikemwizanuwuhimirizaabanywanyibiwekutisukamumatati.

  • Kuba Yaragiye Muri Leta Nivyo Arisivyizako Yoza Arabuz’abanyanyi Kumutora Kuk’ububandanyabiyongera!

  • Gwasa Kubayaraje Muri Leta Vyabayevyiza Kubotwaritumwizeye Biduhicizereko Muri 2020 Tuzotsindamatora Akaba Umukuruwigihugu Abanyagihugubarinzebamutora Atiyamamaje Iyo Yiyamamazaho Ubona Atarikugitwara Vyerekanyeko Abanyagihugutumwizera Kandi Tumwemera Murakoze

  • Yiyumviriye Neza Kuba Hamwe Nabandi Kandi Abarundi Bose Duhamagarirwa Gusenga Cane Kuko Satani Aranka Iterabere Ryuburundi Raba Amabarabara Amavuriro Amashuri Na Presidance Birikobirubakwa Niterambere

  • ivyo Gwasa Yakoze Ahubwo Nakomere

  • nagire,nishure,kwiyinkuru,kubagwasa, Yarinjiyemurireta Nivyiza,nu Ko Yinjiye, Atevye Kukuntu Vyagiye Bi Genda Abanwanyi Bamuyoboka Bis Anzwe Beshi Baraha Size Ubuzima Kandi Ahobigeze Nkajewenovuga Nkabanwanyi, Bagwasa Bazizeubu Sa Kuko Bamwe Twamaze Kwiba Gi Ra Umugambe Waefeneri Bisazw Nawene Ntacoyawumariye Kuko We Umengoara Rya Agasinzi Ra Ata Kibazo Tweho Dusigaye Kurushi

  • turashimira mutama agathon rwasa kuba yaragiye muri leta twongera dukengurukira mutama peter nkurunziza kuvyo yakoze nasaba yuko yobisa uyo mutama nkawe nawe atware kuko cabavunye bose

  • Komera ni gitega twarikumwe kuriwamusoz

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.