IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuryango SANT’EGIDIO nturota uheba Uburundi

Umuryango SANT’EGIDIO nturota uheba Uburundi

lundi 22 Mukakaro 2013

Mu masezerano y’ugufashanya hagati ya Leta y’Uburundi n’umuryango wa SANT’EGIDIO yateweko umukono na Lawurenti Kavakure umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu hamwe na Marco Impagliazzo yaje aserukiye uyo muryango.

Uyo muryango rero ukaba usanzwe ufasha Leta y’Uburundi mu gisata c’ugufasha abatishoboye bageze mu zabukuru, abana bo mw’ibarabara, mu kurwanya ikiza ruhonyanganda sida, kurwanya ubukene no mu gisata co gushigikira amahoro. Nk’uko vyamenyeshejwe n’umushikiranganji wo gufashanya n’amakungu, yavuze ko uyo muryango ariwo wabaye uwambere mu gutanguza ibiganiro mw’ibanga hagati ya Leta y’Uburundi irongowe ico gihe na Nyebicubahiro Petero Buyoya, n’umurwi wayirwanya ico gihe wa CNDD.

SANT’EGIDIO rero ukaba wagumye ushigikira Uburundi mu gisata c’ugutsimbataza amahoro. Ubu uwo muryango ukaba usanzwe ukorera mu ntara zitandukanye nka Bururi, Kayanza, Ngozi,Gitega n’igisagara ca Bujumbura. Mu gisagara ca Bujumbura naho, uyo muryango uri mu makomine ya Kamenge, Kinama na Mutanga.
Umushikiranganji Kavakure akaba yashimye bimwe bivuye ku mutima ukwitanga kw’uyo muryango mu bisata usanzwe ufasha, ndetse akaba yabamenyesheje ko n’imiryango yuguruye kugira babandanye bashigikira n’ibindi bisata, na cane cane ko amahoro mu Burundi atari agaseseshwa rumuri. Abarundi ubu basigaye ari ba bitumwako mu kuja gufasha kurondera amahoro ahandi mu bihugu bitandukanye nko muri Cote d’Ivoire, Somaliya, n’ahandi mbere mu minsi hakaba hari n’abandi basirikare buca baja mu gihugu ca Mali, nk’uko bivurwa na Kavakure.

Marco Impagliazzo nawe avuga ko urukundo bakunda Uburundi, atari urukundo rw’agahemo, arico gituma bipfuza ko imigenderanire hagati ya Leta n’umuryango wabo yoguma yifashe neza. Ikindi naco, n’ukwo hagiye kwubakwa ibigo vy’uyo muryango mu ntara atarinke z’Uburundi. Amasezerano y’ugufashanya hagati ya Leta y’Uburundi n’uyo muryango akaba yaciye aterwako umukono.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.