IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare idasanzwe icira urubanza abategetsi igiye gutanguzwa

Sentare idasanzwe icira urubanza abategetsi igiye gutanguzwa

mardi 11 Ruheshi 2013

Umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye yari aramutse ashira ahabona icegeranyo c’ivyaranguwe n’ubushikiranganji aserukira kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 11 Ruheshi 2013.

Ico cegeranyo gisanzwe kigabuyemwo ibice bitatu: ubutungane bwigenga, ubutungane kuri bose, ubutungane bw’agateka ka zina muntu.

Ku bijanye n’ubutungane bwigenga, hariko harasubirwamwo amategeko, hari kandi n’ayandi mashasha agiye kwandikwa mu misi iri mbere. Hagiye kandi gutanguzwa ya sentare idasanzwe izocira imanza abategetsi bakomakomeye.

Hari n’irindi tegeko rihambaye rigiye gushingwa naryo rikazoha uburenganzira abacamanza gukurikirana abakozi bafata ingingo zitabereye bigatuma Leta ihahombera. Iryo tegeko rizotuma abakoresha bafata ingingo zibereye.

Irindi tegeko rizokwisunga itegeko mpanavyaha rizotuma abafungwa bagabanuka mu mabohero kubera ko nk’ivyaha bito bito bizohanishwa ibikorwa bishobora guteza imbere igihugu.

Hari n’irindi tegeko rizoraba uko amafaranga y’amasentare akoreshwa. Ikindi bashoboye gushikako, haratanzwe amapikipiki muma sentare y’intango nazo zikazokworohereza abacamanza mu gushika ahabereye amatati.
Muri uwo mugambi, haramaze gutangwa ipikipiki 50 ziyongera ku zindi 120 zari zaratanzwe ubwa mbere. Hagiye kandi gutangwa imashine zo kwandika 2 kuri sentare imwe imwe.

Ngo hazokwubakwa kandi n’amasentare y’intango muri komine Butaganzwa mu ntara ya Kayanza na Mutumba mu ntara ya Karusi, hamwe n’amasentare makuru makuru mu ntara za Bururi, Karusi na Makamba.

Ku bijanye n’ubutungane kuri bose, hariho guhamagarira abacamanza gukurikiza imanza bizofata imisi 100 yo guhimiriza abo vyega. Sentare rero izoshobora kuba iya mbere izoronswa agashimwe.

Mu gutuza igiturire naho, ubwo bushikiranganji bwarahagurukiye abacamanza ndetse n’uwo wese arya igiturire. Abanyagihugu bagiye kwigishwa amategeko, hakaba hamaze guhindurwa ayagera kuri 20.

Haratanzwe n’inyigisho ku bacamanza 73 mu masentare y’intango hamwe n’abanditsi b’imanza.

Umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye yarangije amenyesha ko hariho kandi n’umugambi wo kwubakwa amabohero ya kijambere mu ntara za Karusi, Cibitoke na Bubanza.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.