IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare yaraciriye urubanza urwaruka rwafatiwe kwa Nyakabeto (...)

Sentare yaraciriye urubanza urwaruka rwafatiwe kwa Nyakabeto Justin

mercredi 5 Ruheshi 2013

Sentare nkuru yo mu gisagara ca Bujumbura yaraye iciriye urubanza rwa rwaruka rwafatirwa ku rugo rwa Nyakabeto Justin umusi umurwi CNTB utatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo mu Burundi wari wagiye gushira mu ngiro ingingo yo gusohora Nyakabeto Justin mu nzu, yagirizwa ko ari iyo yanyaze uwundi muryango.

Iyo miyabaga mirongo ibiri n’ine yaraye iciriwe urubanza inyuma y’umwiherero wamaze amasaha hafi ane.

Muri urwo rwaruka rwari rumaze imisi rubohewe mu bohero rikuru rya Mpimba, mirongo ibiri na batatu muribo baciriwe umunyororo w’imyaka ibiri gushika ku myaka itatu, n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi mirongo itandatu y’amarundi. Umwe muribo akaba yambitswe izera kuko kuva mu ntango z’urubanza bari bamenyesheje ko afise ingorane z’indwara yo mu mutwe.

Ababuranira abo baciriwe urwo rubanza bakaba banegura cane urwo rubanza kuko n’abo nyene bari bamenyesheje ko amategeko atubahirijwe mw’ifatwa ry’urwo rwaruka kandi ko abacamanza batigeze berekana ko ivyaha iyo misore yagirizwa bifise ishingiro.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.