IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > SYGECO : Umukuru w’igihugu nahagarika igurishwa ry’ingwati

SYGECO : Umukuru w’igihugu nahagarika igurishwa ry’ingwati

vendredi 11 Ndamukiza 2014

Sendika SYGECO iratakamba ko ingwati z’abanywanyi bayo zigeramiwe kuva aho sentare ijejwe ibwirizwa shingiro iciriye urubanza rwari rwashinzwe n’iyo sendika ko ata bubasha iyo sentare ifise yo guca urwo rubanza, zohagarika kugurishwa.

Kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante 2014, harabaye urubanza muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, aho sendika SYGECO yari yitwariye ibwirizwa ryo mu mwaka w’1925 rigurisha ingwati ku mugaragaro, ko ritubahiriza ibwirizwa shingiro.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2014, muri sendika SYGECO bavuga ko batangajwe n’urubanza rwaciwe n’iyo sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro. Iyo sentare yavuze ko idafise ububasha bwo guca urwo rubanza, kandi ibizi neza ko ata yindi sentare n’imwe mu Burundi ifise ububasha bwo kuruca atari iyo sentare nyene yubahiriza ibwirizwa shingiro, nk’uko tubishikirizwa na Audace Bizabishaka arongoye sendika SYGECO.
Audace Bizabishaka amenyesha ko muri kino gihe ingwati zoba ziriko zigurishwa icamunara gihutihuti atacamira, kandi n’uwurenganijwe atagira iyungururizo.

PNG - 478.1 ko
Audace Bizabishaka arongoye SYGECO

Muri sendika SYGECO bavuga ko iryo tegeko ritandukanye cane n’igihe tugezemwo, bakaba banegura ibitari bike muri iryo, ivyo navyo ni nk’ingingo ya 10 ivuga ko urubanza rucibwa n’umushikirizamanza mukuru w’umwami, kandi Uburundi busigaye ari Republika. Iryo bwirizwa kandi ntiriha uburenganzira bwo kwunguruza uwurenganijwe.
Utundi tunenge n’uko muri iryo bwirizwa bavuga ko amafaranga yavuye muvyagurishijwe bivugwa ko aca aja mw’isandugu ry’ukuziganya rya Congo y’ababirigi, na Rwanda–Urundi, kandi navyo nyene bitakiriho mu Burundi, nk’uko Audace Bizabishaka abandanya abishikiriza.

Sendika Sygeco isaba umukuru w’igihugu, we asanzwe ari n’umucamanza mukuru, ko yohagarika ingwati ziriko ziragurishwa agasakisaki. SYGECO isaba ko iryo bwirizwa ryohagarikwa kubera n’inama rukokoma y’ubutungane yabereye i Gitega yatomoye neza ko iryo bwirizwa ryohinduka kuko ripfukama mu nda isinzi ry’abadandaza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.