IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hagati y’impunzi z’abarundi ibihumbi 25.000 na 30.000 nizo zimaze kwirukanwa (...)

Hagati y’impunzi z’abarundi ibihumbi 25.000 na 30.000 nizo zimaze kwirukanwa na Tanzaniya

jeudi 12 Nyakanga 2013

Hagati y’abantu bangana ibihumbi mirongo ibiri na bitanu n’ibihumbi mirongo itatu, nibo barundi bamaze kwirukanwa bava mu gihugu ca Tanzaniya mu kiringo c’ukwezi, nk’uko bishikirizwa n’uwuserukira ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR mu Burundi.

Catherine Huck aserukira HCR Mu Burundi amenyesha ko bigoye kuvuga igitigiri nyezina c’abirukanywe, ariko icazi co, abirukanywe barenga kure niyo ibihumbi mirongo ibiri, ahubwo bari hagati y’ibihumbi mirongo ibiri na bitanu n’ibihumbi mirongo itatu. Igihugu ca Tanzaniya rero gisanzwe cakiriye ibihumbi n’ibihumbi vy’impunzi z’abantu bahunga intambara zihitiye mu bihugu biri mu buseruko bw’Afrika, ubu niho abari barahungiye muri ico gihugu batanguye kwirukanwa ku nguvu , kuva hagati y’ukwezi kwa Myandagaro, aho impunzi ziva mu bihugu vy’Urwanda, Uburundi na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo arizo zirukanywe.

Igihugu ca Tanzaniya rero gifata izo mpunzi nk’abantu baba mu gihugu badakurikije amategeko, mu gihe abandi babona ko iryo yirukana ubutarariye impunzi ziba muri ico gihugu vyoba vyavuye ku ngorane z’imibano zoba ziri hagati y’igihugu ca Tanzaniya n’Urwanda, izo nazo zigaca zijaniranya n’izindi mpunzi ziva mu karere Urwanda ruherereyemwo. Mu ntango, iyirukanwa ry’izo mpunzi ryari riteguwe nabi, ndetse vyaragaragara ko ritubahirije amategeko, mu gihe kuva kw’igenekerezo rya 27 Myandagaro ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge mu Burundi ryashoboye guharura impunzi ibihumbi icumi zirukanywe muri ico gihugu ca Tanzaniya, zitagira ic’epfo na ruguru. Ubu rero naho iziza ataco ziba zifise, ariko Tanzaniya irazizana n’imiduga yabo, mu gihe ku munsi ku munsi amakamyo ane canke atanu ariyo azana izo mpunzi, abari hagati y’amajana ane n’amajana atanu akaba aribo birukanwa ku munsi ku munsi nk’uko bibandanya bivurwa n’umupfasoni Cathérine Huck.

Zimwe mu mpunzi zirukanywe muri Tanzaniya, ubu ziri mu ntara za Rutana, Muyinga, Ruyigi, kirundo na Makamba. Mu ntara ya Rutana rero izo mpunzi zikaba zirara hanze ku mugaragaro, mu gihe zitagira nico zirarako, nk’uko uyo muyobozi abandanya abivuga. Ndetse akaba anamenyesha ko hari n’umupfasoni yibarukiye munsi y’igiti, mu gihe yariko arajabuka urubibe ruri hagati y’Uburundi na Tanzaniya. Huck akaba avuga ko ari ibintu biteye ubwoba, ubibonye.

Uyo mupfasoni arongoye HCR mu Burundi, avuga ko wenyene yiboneye mu ntara ya Makamba, mw’ikambi ya Kinazi abantu amajana abiri bashitse, baramara iminsi itatu batagira amazi, mu gihe nayo bari bashoboye kuronka, icupa rimwe rimwe ryari yatanzwe n’ishirahamwe Croix Rouge Burundi. Kuri ivyo rero, uyo mupfasoni avuga ko Leta y’Uburundi iheza igafasha abo birukanwa, bakajanwa mu turere basanzwe bavukamwo. Ibikenewe kuri izo mpunzi ni vyinshi ku buryo uyo mupfasoni asaba ko n’amakungu ko yogira ico aterereye kuko abirukanwa n’igihugu ca Tanzaniya, usanga ataco bafise, ugasanga bari mu ngorane zidasanzwe.

Kuva mu mwaka w’1993 gushika mu mwaka w’2006, igihugu ca Tanzaniya cakiriye impunzi z’abarundi zigera hafi ku muriyoni umwe, zihunga indwano yari mu gihugu, ariko abatari bake bakaba bari baramaze guhunguka, umutekano umaze gusubira kuboneka, abarwana na Leta bagashira ibirwanisho hasi. Impunzi ziharurwa ibihumbi ijana na mirongo itanu akaba arizo zaharurwa kuba zitari bwagaruke mu gihugu c’Uburundi.

Gushika n’ubu rero impunzi zirukanwa zikaba ziguma ziza, naho bivurwa ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yashoboye kwishikira mu gihugu ca Tanzaniya kuvugana n’abategetsi bico gihugu ku bijanye n’izo mpunzi zirukanwa, mu mpera z’ukwezi kwa Myandagaro.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.