IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ukwungururiza Tasiyano Sibomana mw’ibohero rya MPIMBA vyashizwe ku munsi wa (...)

Ukwungururiza Tasiyano Sibomana mw’ibohero rya MPIMBA vyashizwe ku munsi wa kane

mardi 18 Ruhuhuma 2014

Tasiyano Sibomana, umwe mu badasigana ba UPRONA bariko bafasha mu bijanye n’ukwiyunga kw’uwo mugambwe amaze iminsi itatu mw’ibohero ryo kuri BSR. N’aho abamuburanira bari basavye ko yorekurwa kuko yoba ariko azira poritike, amakuru dukura muri BSR aho apfungiwe amenyesha ko Tassien Sibomana yari kwungururizwa mw’ibohero rikuru rya MPIMBA kuri uwu wa kabiri, ariko bikaba vyungururijwe ku munsi wa kane kubw’imvo zitaramenyekana.

JPEG - 39.1 ko
Tasiyano Sibomana amaze iminsi itatu apfungiwe mw’ibohero kuri BSR

Uwo munyeporitike, Tasiyano Sibomana, apfungiwe muri BSR yagirizwa ivyaha bitatu, harimwo gutegura kugumuka ku mugaragaro, kugumuka hamwe no kugomora abaja kunigana n’abajejwe umutekano. Yafashwe ku munsi w’Imana inyuma y’aho habereye akajagari ku ngoro y’umugambwe UPRONA, mu gihe abaporisi bariko bashwiragiza abaje mu nama y’uwo mugambwe yari itegekanijwe kuremeshwa na komite nkuru y’umugambwe UPRONA. Uwujejwe igiporisi mu gisagara ca Bujumbura, Joseph Kenyatta niwe yamuhagaritse, aca aja gupfungirwa muri BSR.

JPEG - 50.3 ko
Tasiyano Sibomana yahagaritswe n’uwurongoye igiporisi mu gisagara ca Bujumbura, Joseph Kenyatta

Kubw’uwumuburanira, Anatole Miburo, ivyo vyaha vyose yagirizwa nta na kimwe c’ukuri kirimwo, kuko ari imvo yo kudendekeranya ivyaha, kugira uwaburanira atabwe mu mvuto ahorwa ivyiyumviro vya poritike. Avuga ko ata migumuko Tasiyano Sibomana yarimwo, kuko yafashwe ariko arizimya akanyota n’inama yaheze kera. Anatole Miburo amenyesha kandi ko n’uwoba yagumutse yobibazwa ku gatwe kiwe, kuko atari yatumwe na Tasiyano Sibomana. Abandanya avuga ko Tasiyano Sibomana adapfunzwe kubera ivyaha, ahubwo apfunzwe kubera umukeko wa poritike, ari naco gituma yariko asaba ko yorekurwa.

Umwizero wo gusabira umwidegemvyo Tasiyano Sibomana watanguye kugabanuka, kuko amakuru dukura muri BSR aho apfungiwe amenyesha ko kuri uwu wa kabiri nyene ariho uwo munyeporitike Tassien Sibomana akomoka mu mugambwe UPRONA kwungururizwa mw’ibohero rikuru rya MPIMBA. Vyahavuye bihinduka ntiyagenda, bikaba bivugwa ko azojanwayo ku munsi wa kane. Mu gihe ivyaha yagirizwa vyomwagira, Tasiyano Sibomana azopfungwa imyaka 30 nk’uko igitabu mpanavyaha kibitegekanya mu ngingo yaco y’586.


Egide Nduwimana

Messages

  • ark mana!!ubw arazira ik?ab ba dd,baradushitsayo pe!democratie yagy h???

  • Nibareke abo ba dd bagitwaramacurika,impera n’imperuka bazomarana bo ubwabo kuko buzuyamaraso mensh mwizina rya nyagasani very soon they gonna pay!

  • Ivyarivyo vyonse tansiyano yari yiyumviriye kwari 1994 aho yaja arazibira amabarabara,afata abahutu,abaturiza amapine!!

  • A Kevin-
    Namw mwiyumviriy ko ari guhera muri 1993 mwica abagore, abana bakiri mu nda, abakecuru ngo ni uko ari abatutsi. Murisha abantu amazirantoke ku mabarabara. Ba mureka kwigira aberanda mukubona ko ubundi bwoko aribwo bubi. Nta bwoko bubi bubaho, ariko hariho abantu babi mu bwoko bwose. CVR nico yokoz ni uko abatwara abadashaka ko ijaho kubera imvo jw ntazio

  • mbe kevin abaturije abantu amapine baribicaye mubunwero? ahoho ngaho barundi murindiriye vyinshi yor mind need up date

  • We wiyita Kevin, aho uvuga guryo urabifitiye ivyemezo ? ukaba ubifise naho uramwitwarira kugira ngo iryo shavu n’inzigo ufitiye ABATUTSI rigabanuke kuko guhera ho uzorinda uja mu kuzimu bitarakuvamwo ! Ubu urabona ko ari ABAHUTU babicanyi batwara gerageza rero ibintu ntibihinduke utaritwarira Tatien ! kuko abo BICANYI bazohava haze ABAHUTU bashobora gutwarira bose ! Mbe ko yazibiye amabarabara , namwe mwagize iki ? Ivyo mwagize nivyo vyiza bishimisha ABARUNDI ? Umutima wawe n’ukwagirize hanyuma ugucire urubanza !

  • Ega congolais uribukako iyo democratie uvuga wibukeko yanigiwe mumenshi, igihe bagandagura uwaje kuyigisha abarundi burya ngo wiba uhetse ukaba wigisha umw’uhetse.

  • Erega bareke, ninde arabona ishurwe ryamaho.
    Batawona

  • Ukuri kuzokwama gutsinda ikinyoma Tasiyano ko bamurekuye ugira harico abaye kobagomba kumutwara Mumpimba bikaba bibataye kwuwamazi none kumwe gusa bamwongerereje ingumvu zogukora none ndamukeje yitekanire ntavura idahita umwansi agucira icobo Imana nayo akagucira icanzo none badasigana bumutima mugume kwibanga naho bazoguma babafunga nti ba zobamarira mumpimba mwese muje hamwe mwiyuge mwigize inyuma basumirinda bampema yuzuye ba buzire ndambirire mubabarire muti indandende ihumura irya ikica akokize uti kandi umuntu aheza kugoka ibigori bikera. Isengesho Mana yomwijuru duza ukuboko kwawe udukureko abo ba dd turarushe tubugisavye tukwizigiye uzobikora umwanya n Umwanya!!!!

  • Ivyarivyo vyose abantu ataco dupfa usanga nuwudafise niveau de 6eme primaire akubita urutoke ngo nimubahonye canke ngo nukubihora mureke abipfa babipfe ntawe ndabona ampa na 5mille yokugura ikilo cifu, ariko abantu bato muje mureka kwitwaza ubwoko kuko imbere y’imana ntabwoko buhari iconzi nuko hari umunyavyaha numugogotsi uwutari murabo ntahandi imana imuharura nimukundane ubu kwica umututsi ngo wikijije umwansi ugaca utaha uja gukopesha ikilo cifu uba wungutse iki canke kwica umuhutu ugataha uja kugopesha iko cifu hoho wungutseko twese turi bamwe tudahendwa nabanya politike

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.