IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Tasiyano Sibomana yarengutse ku matohoza y’igitero kwa Gaston (...)

Tasiyano Sibomana yarengutse ku matohoza y’igitero kwa Gaston Sindimwo

jeudi 10 Ndamukiza 2014

Tasiyano Sibomana umuvugizi wa UPRONA ishami rya Karori Nditije yarengutse mu biro vy’igiporisi vy’amatohoza BSR, aho yariko abazwa ibijanye n’ivyo yavugiye ku maradiyo ku gitero cagizwe kwa Gaston Sindimwo.

Umushingwamanza Lambert Nsabimana

Nk’uko umushingwamanza wiwe yabimenyesheje, Lambert Nsabimana avuga ko uwo aburanira yabajijwe kuri uyu wa 10 Ndamukiza uyu mwaka, icatumye avugira mu bimenyeshamakuru bitandukanye ko igitero cagizwe mu rugo rwa Gaston Sindimwo ari irementanya, agasabwa kuvuga aho ukuri kuri. Ariko rero naho uwariko agira amatohoza we yabajije ivyo yavugiye ku maradiyo, icaha co yagirizwa kikaba cariho. Ico naco, kikaba cerekeye ko yoba afise uruhara mu gitero cagizwe ku rugo rwa Gaston Sindimwo, umwe mu banywanyi bakomeye muri UPRONA ishami rya Konsiriya Nibigira.

Ariko rero uwuburanira Tasiyano Sibomana avuga ko icaha akurikiranwako atigeze akibazwako, akaba yabazwa gusa ku bijanye n’ivyo yashikirije, ari naco gituma Lambert Nsabimana yibaza ko uwugira amatohoza atagaciro yabihaye. Amenyesha ko ivyo Tasiyano Sibomana yavuze ku maradiyo, yabishikirije nk’umuvugizi w’umugambwe na cane cane ko ako kabi Gaston Sindimwo yari yakagirije Abadasigana ba UPRONA. Tasiyano Sibomana akaba yaciye asabwa kuzogaruka ku munsi wa mbere, igenekerezo rya 14 Ndamukiza uyu mwaka.

Tasiyano Sibomana ahejeje kubonana na OPJ

Mu kamenya ko Tasiyano Sibomana arengutse mu gihe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 9 Ndamukiza, hari aba JRR babiri Ninteretse Lionel atwara JRR muri komine ya Kanyosha na Shurweryimana Fabrice, batwariwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba mu kurindira ico amatohoza avuga ku bijanye n’ico gitero.


Aristide Nizigire

Messages

  • Un conseil a Gaston Sindimwo. Jeune que tu es, tu ne realises pas que tu creuses ta tombe. Pose un geste courageux, comme celui de Bonaventure, et on oubliera. A l’Uprona, nous avons l’habitude de pardonner. Sauf en cas de trahison. Concilie et toi, vous risquez gros en flirtant avec un pouvoir moribond. Remettez le parti aux ayant-droits et on fermera les yeux. Sinon, cassez-vous!

  • Talasiyono we komera kwijambo . nayo imihimbiri abambuzi imisi yabo iraharuye iryo nigere ryanyuma,ariko muragaba murereke Buyoya na sinungurunza ntibabagarukemwo kuko mugurura umuryango DD 1 DD2=urupfu kuri mwese eka na uprona

  • ARIKO KO MUTATUBWIRA QUI EST GASTON VYOFASHA GUTEGERA IVYO AKORA ,,MBE AFISE AMASHURE AKWIYE KO NOMVISE IGIFARANSA CIWE UMENGO SI IKIRENGA ,,AHANDI HO NTA KIGENDA YICAYE KURI BOMBE YEMWE ,,,TANTIEN IRWANIRE UZOTSINDA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.