IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Thomas Perriello : « Amaso y’isi yose ari ku Burundi »

Thomas Perriello : « Amaso y’isi yose ari ku Burundi »

mercredi 11 Munyonyo 2015, par egide

Mu rugendo rw’iminsi itatu yahoramwo mu Burundi, Thomas Perriello, intumwa idasanzwe ya Reta zunzubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, yamenyesheje ko Amerika ifise umwitwarariko udasanzwe ku bwicanyi buriko burakorwa mu Burundi, agasaba ko impande zose zokwihutira kuganira atakirinze gusabwa.

Inyuma y’amajambo yashikirijwe n’abategetsi b’Uburundi ku bijanye n’uburyo buzokoreshwa mu bikorwa vy’ukwaka ku nguvu ibirwanisho bitunzwe n’abanyagihugu batabifitiye uruhusha, amakungu yamenyesheje ko izo mvugo zatumye abantu baca bahunga zica ivutu, kandi zigasa n’amajambo yakoreshejwe imbere y’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda mu mwaka w’1994.
Thomas Perriello, intumwa idasanzwe ya Reta zunzubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini yaciye atangura urugendo yamazemwo iminsi itatu mu Burundi. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, Perriello yamenyesheje ko yabonanye n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, hamwe n’umushikiranganji w’ukwivuna abansi. Ubutumwa yahaye abo bategetsi bose akaba ari ubwo kwibutsa ko ibiganiro bihuza bose ariwo muti wonyene wotuma amahoro n’umutekano bigaruka mu Burundi. Uwo aserukira Amerika mu karere k’ibiyaga binini, yashikirije ko n’aho atashoboye kubonana n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ubwiwe, yizeye ko abategetsi babonanye bazomushikiriza ubwo butumwa yabahaye, akavuga ko yumvirije impande zose ku muti w’ingorane ziri mu Burundi.

Thomas Perriello aragabisha abariko barakora amabi mu Burundi, akavuga ko atawokwihenda mu bafise uruhara muri ayo mabi akiyumvira ko ibintu bizoca vyibagirwa kuko isi yose ihanze amaso Uburundi.

JPEG - 285.6 ko
Thomas Perriello, intumwa idasanzwe ya Reta zunzubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini

Iyo ntumwa idasanzwe ya Reta zunzubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini imenyesha ko abo baganiriye bo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bamumenyesheje ko biteguriye ibiganiro, akavuga ko hasigaye aha Reta y’Uburundi.

Thomas Perriello yamenyesheje kandi ko co kimwe n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, ubumwe bwa buraya, hamwe n’ubumwe bwa Afrika, igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika gishigikiye ubuhuza bwa Yoweli Museveni umukuru w’igihugu ca Ouganda.

Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, Thomas Perriello yamenyesheje ko ashima ko hashizweho umurwi uzotunganya ibiganiro hagati y’abarundi bizobera mu Burundi, ariko akavuga ko mwene ivyo biganiro bidashobora kuzana inyishu z’ibibazo biri mu Burundi. Ku bwiwe, ibiganiro vyonyene vyokiza Uburundi ni ivyobera hanze y’igihugu, impande zose zikavyitaba mu mutekano.


IGIHE

Messages

  • "D’après lui, le président [burundais] s’enferme, personne ne sait où il est, personne ne sait où il se trouve pour lui parler."
    Kagame ngo ntakirya ntakiryama. yarabuze uwakunda ngo amuganirize...ntazi aho arara, aho asohokera naho arira...intuntu nakabonge biri mu kumwica nijwi ngo ryaragiye, ngo azoruhuka aruko amuronse. Urukundo ngo amukunda, urupfu nirwo ruzobatandukanya ngo en attendant, ngo azoguma amurondera kugeza atoye aho uwo yipfuza kandi ashaka ari! yirwa arerekeye agasozi kugasoko araba ico ciza ciwe aho kizanana,yirirwa arabaza abashengera n abashenguruka ngo bamubwire, nibatamubwira ahari, yavuze ko azotira agashambara yishikire. Azobaririkiza umuhora ujana aho umukunzi wiwe ari kandi ngo ahashitse, ngo ntazogenda atamujanye, ngo niho azosinzira kuko ubu ngo atagitora agatiro, ntagoheka! ubu ngo ntakindi yumviriza atari "kwiriba ryurukundo" (copied)

  • YEMWE,GERAGEZA YAMARA PETER YARAMAZ KUBA INYAMASWA.AKWIY AMASENGESH YO KUBOHOKA.6 NO MUDAFASH IZIND NGINGO RUHASHA,NTAKIZOVAMWO.

  • Jew ico novuga nuko abo bose berwa nikibazo vyapolitike nukuja hamwe bakaganir hagatorwa umuti wibibazo bihanze igihugu kk ntayindi nyishu jew mbona.

  • Kuganira Nivyo Ariko Baganirire Muburundi Nyen Kuko Nkurunziza Numugabo Kandi Afise Urugo Bamusange Iwe Ntibagire Nkuko Bagize Ubwambere Nkurunziza Numugabo Abushitse Arabarindiranye Igishika.

  • THOMAS nawe aratwenza yarazi ko abonana na peter? Umuntu yirirwa yinyegeje yari kumubonera hehe none katabajije abo babonanye bamubwire namba yarafashe urugendo ruja hanze, ubu ko yabaye nkumukoma baboheye ahantu ko nokuganira nabo ba KAJISHO baganirira kuri phone araherutse kuboneka se? Reka ashaka kupfa arazoje ahabona

  • Amaso bazayakanura kugeza abavuyemo akagwa hasi. Ngo genocide, genocide,...keretse niba abo banyamahanga bafatanyije n’umwicanyi kabutindi (kagame) aribo bashaka kuyikora. Abarundi mwagombye kwisugamya muma province yose mugakora urugendo mukamagana ayo makungu ashaka kubacanishamo.

  • Ibiganiro ahubwo nivyihute abanyagihugu bararambiwe,nayo mu Burundi ntivyoshobora kuberaho kubera ukudahangarwa kwabo bategetsi bihaye igihugu ku nguvu babanje gohonyanga ibwirizwa nshingiro.

  • Amakuru agera kuri The Rwandan ava mu Rwanda aravuga ko imwe mu mitwe y’ingabo z’u Rwanda yitegura kuba yakwambuka ikinjira mu gihugu cy’u Burundi!

    Amakuru afite gihamya ava ku munyarwanda uba muri kimwe mu bihugu by’i Burayi tudashatse kuvuga kubera umutekano we aremeza nta gushidikanya ko ingabo z’u Rwanda zigiye gutera u Burundi. Ubutumwa bwa whatsapp bwohererezanywe hagati y’uwo munyarwanda uba i Burayi n’umuvandimwe we uri mu gisirikare cy’u Rwanda (ufite ipeti rya Staff Sergeant) ubwanditsi bwa The Rwandan bwashoboye kubona buragira buti:

    X: bite kowabuze

    Y: ibyahano ntubizise no murugo mperukayo mukwezi gushize.

    X: barakwimuye nanonese cyangwa

    Y: wapisha sukutwimura gusa ahubwo vubaha dushobora kwambuka, sindamenya igihe ariko birihafi kuko ntawe baha uruhushya hari umuhungu winshuti yanjye bimye ikibari ngo ajye mubukwe bwa mushikiwe

    X: ibyose bivuzeko mugiye kwambuka konuva mumakuru bishushye

    Y: sibyo gusa nimbunda zimisada zaraje burimusirikare ararana imbundaye ahubwo niba haricyufite uzohereze murugo ahantu turi nimwishyamba ntana tigokashi ihaba invura imezenabi

    X: kurumuwoga ubwo ntiwenda kuna mumapantaro

    Y:wapisha harikera narakamise uretseko nahaduyi ntakigenda nukurasa rimwe bakiruka dufite abantubacu hakurya

    Iki ni igice cy’ubutumwa bwatambutse ejo ku itariki ya 9 Ugushyingo 2015, ubwo ibi bitashingirwaho nk’ikimenyetso simusiga ariko nyuma yo kumva ibirimo kuvugwa mu itangazamakuru umuntu yahita yibaza ibibazo byinshi cyane cyane abihuje n’iki kiganiro kibaye muri ibi bihe.

    Nabibutsa ko Perezida Kagame kuri uyu wa gatanu tariki ya 6 Ugushyingo 2015 yifatiye ku gahanga abayobozi b’u Burundi ku buryo ijambo rye ryafashwe na benshi nk’ubushoboranyi ndetse bamwe barifata nka gashoza ntambara.

    Ku ruhande rw’u Burundi ho umuvugizi w’umukuru w’u Burundi, Willy Nyamitwe yatangaje ko batangajwe n’ibyavuzwe na Perezida Kagame, ngo bahisemo kudasubiza amagambo ngo atarimo ikinyabupfura ngo atagombye kuvugwa n’umukuru w’igihugu.

    Si iri terana ry’amagambo gusa kuko ibihugu bimwe by’ibihangange birasa nk’aho bifite gahunda yeruye yo guhindura ubutegetsi mu Burundi. ibihugu bya Leta zunze ubumwe z’Amerika n’u Bubiligi bikaba bidasiba gushyirwa mu majwi n’abayobozi b’u Burundi. Dore ko n’intumwa y’Amerika yari i Burundi yarinze itaha itabonanye na Perezida Nkurunziza.

    Muri ONU ho hari ibiganiro ku Burundi aho ibihugu bimwe bisa nk’aho byifuza ko hapfa benshi mu Burundi ngo byitwe Genocide dore ko n’urukiko mpuzamahanga mpanabyaha (ICC/CPI) rusa nk’urwahurujwe n’abasanzwe barukoresha ariko muri rusange abo bose ntacyo bavuga ku bikorwa n’abarwanya ubutegetsi ahubwo usanga Perezida Nkurunziza n’ubutegetsi bwe aribyo bibasiwe gusa.

    Ikindi kibazwaho na benshi n’uburyo amahanga asa nk’ayibasira u Burundi cyane cyane kuri manda ya 3 ukabona rwose yirengagiza ibirimo gutekinikwa mu Rwanda aho Perezida Kagame arimo asa nk’ugiye kwimikwa nk’umwami w’u Rwanda, mu gihe amahanga akangurira abarundi ibiganiro Perezida Kagame we yivugira ko adashobora kwihanganira abatavuga rumwe nawe amahanga akaruca akarumira.

    Amagambo avuzwe n’abayobozi b’u Burundi ubu asigaye ahabwa uburemere bw’umuregera ku buryo bamwe banavuga ko ngo ari uguhamagarira abaturage gukora Genocide nyamara mu Rwanda ho ari Perezida Kagame, ari abandi bayobozi nta munsi batigamba ko bazarasa abanyarwanda ku manywa y’ihangu ndetse tutibagiwe kwigamba kumugaragaro ko bica abantu byaba mu Rwanda no mu mahanga ariko bo amahanga ntacyo ajya abavugaho!

  • jerome urabeshya kuko Peter iyo aza kuba umugabo ushitse ntabwo aba arara abundaguza nkutagira iwe .kubashigikiye ibiganiro byimbere mugihugu abo nabo nabashaka ihonyabwoko bashigikiye amajambo yashikirijwe na Nkurunziza hamwe na Reveriyano gusa bamenye ko urupfu rutwara umugenzi numwansi

  • nivyo je mbona ko vyoba arivyahanuwe biriko birashika sintahura ukuntu umuntu yokwica mwene wabo erega turibamwe gusa jewe kuva ibibibazo bitanguye benewacu3 tuvukana baratuririwe munzu bacika umunyota.vraiment ese nikuki? nanje nahisemwo ko nzokwihora abantu bari kwicwa bazobazwa nde?kuvuwomusi nahisemwo kwiheba

  • NONE INGABO ZANYAKUBAHWA PAUL KAGAME YITEYE UBURUNDI HARICO VYOBA BITWAYE AHUBWO ZATEVYE KUBERA INTERAHAMWE ZAJE KWINYEGEZA I BUJUMBURA YEMWE AHUBWO NATABARE ZITARATERA URWANDA MUMAGURU MASHA KUKO NIYO NTUMBERO YAZIKUYE MURI CONGO BAGENZI KAGAME AKWIYE GUKINGA ATARONEGWA .

  • BARUNDI BARUNDIKAZI, ndi umunyarwanda ariko turabasabira cane ku MANA NIMUFATANE MU NDA mushigikire igihugu cyanyu, MWIRINDE KUGWA MU MUTEGO WA KAGAME HAMWE N’ABAZUNGU bifuza yuko haba GENOCIDE kugira bafate u BURUNDI.
    PETERO NKURUNZIZA ntabwo amaze imyak myinshi kurusha KAGAME CYANGWA MUSEVENI abi abaprezida b’IBIKORESHO BY’ABAZUNGU none ko KAGAME yahinduye IBWIRIZASHINGIRO RY’U RWANDA akazategeka kugeza 2034 hari iccyo BAZUNGU BAVUZE!!!!!! KO MUSEVENI ahinduye IBWIRIZASHINGIRO gatanu hari icyo ABAZUNGU BAVUZE?????? Ahaaaaa..mwitonde kugwa mu mutego w’UMWANZI..... HARI ZA GAHUNDA ZO GUTWARA U BURUNDI nkuko u RWANDA RWAFASHWE icyio bita EMPIRE HIMA TUTSI iyoborwa na MUSEVENI na KAGAME hanyuma bagatwara NICKEL y’a MUSONGATI .ABANYAMERIKA ,ABONGEREZA barayirwaye cyane ariko barashaka AGAHANGA KA PETERO NKURUNZIZA nkuko NTARYAMIRA, HABYALIMANA, KABILA DESIRE, MOBOTU,NDADAYE bapfuye muri izo GAHUNDA

    Bariya ba NYANGOMA, BA HUSSEN RAJABU, ntibashobora gutegeka KAGAME ABASHYIRA IMBERE ariko yabica mbere y’igihe bo N’IBIKORESHO BYA KAGAME igihembo cyabo kizaba URUPFU mutegereza muzabibona....

    UMWANZI WANYU SI UMUTUTSI CYANGWA UMUHUTU w’ i BURUNDI
    UMWANZI WANYU NI UBABWIRA NGO MURANE
    BARUNDI NIMUKUNDANE.....
    MWIRINDE AMAGAMBO YA KAGAME NI IGIKORESHO CY’ABAZUNGU

  • @Igicucu sans echec (kiyise umuhutu w’iburundi). Ba sindumuja ikibaranga ni amaganya no kutavana amaboko mumpuzu. Kagame wizeye nagire vuba atere uburundi abamurindiriye nibenshi. Keretse niba ashaka kugemura intwaro nka za tonnes 300 bataye kongo abo baswa b’Inkotanyizimidigi.

  • Batevye kwabuka ngo tube turabateteza nubundi twaridukumbuye kurasa nkanje ndabiheruka ntaraba Demobe arikosha nimba kagame yabuze aho yinjirana nanyarutse adusoyore tumwereke ubudasa buri kuburundi nakongo azocire umugani america sewiwe mbere twebe tuzotangura kwoza inkoho twunviseko yamaze kujabukana izo nkotanyi ziwe hanyuma tubahinyanyure bazotangazwe nubuhinga

  • Abahututwaragowe Kagamekwatamanda Yiwe Ubumwebwa Buraya Bwiyamirije Ntarahimba Canke Nukwa R’umututsi Abatutsi Bazikobaremewegutwara Nibateshebate Canke Nubwobutare Burikoburibwa Muri Musongati Ntibwabananiye Bagitwara Baribaziko Bazohazindazabo Turabazibagombakutugirankomurwanda Atamuhutu Afisijambo Iyontumwa Ya Amercan Nijemurwanda Yumvamariray’abahutu Yobikora Komubihisha Kwaramoko Mwanka Guhona Twarabimenye Nimurwatse Muzorwota

  • @Hadijja we ihangane disi ibi bihimbano byawe ntacyo byagufasha ngo mugaruke gutoba urwanda mwankoramarasomweKagame icyo yavuze k’uburundi kitaricyo nikihe? Ese subwambere wumvise kagame avuga ku’uburundi? Nikangahe abayobozi b’uburundi bibasira urwanda bigeretseho ibitutsi nagasuzuguro? Jyewe mbona ntacyo muzageraho mugucanishamo amoko muri afrique centrale et Est, ibihugu byose mwabishyimo Abahutu n’Abatutsi, ese bizabamarira iki? Muzatera ngo mutsinde se? Icyo mbona wataha niba warishe ugasaba imbabazi nabagenzi bawe turirirwana bemeye icyaba barababarirwa.

  • @cumanyundo-kocora, urakikocora niba inkotanyi arabaswa kuki zabamenesheje ntambunda mwagiraga c? Inda ndende yanyu ntiyabemerera gutsinda. Wowe usibye kukubonamo ubujiji ntakindi kandi na Nkurunziza arabizi ko atarwana nigihugu cyambere muri Afrika kugisoda gikomeye, iyo aba aziko inkotanyi zizamutera aba yaraje kera kwisabira imbabazi kuko we arazizi.

  • kumbure ngir hari icohinduka mu Burundi

  • Babwire mutama, birirwa bica abantu kuva mu gatondo kugeza kumugoroba bitwaje ngo nta munyaburayi yomenya naho u Burundi buherereye kwi karata y’isi. Imana n’isi yose bibashinze ijisho

  • Mbega abirigwa baravuga ba Kagame n’aba Museveni mwiyumvira ko abarundi turi ibijuju? Nkurunziza n’akagwi kiwe baragerageje guhindura Ibwirizwa Shingiro (Constitution) bibata kuw’amazi. Ni abantu bake baba bariko baravuza induru uyu musi iyo irya magouille icamwo. Ntimukagereranye ibintu bidasa rero. Mu buzima umuntu akwiye kumenya ko yagize echec akarondera inzira z’ugukinjura akiri mwiza. Ubu bwenge nibwo Nkurunziza n’abiwe babuze.

    Tugire amahoro

  • Wowe ngo wiyise BACHEMWO, uzorabe urusoro rutazaguchamo utazi iyo ruvuye, wewe warasa ninyoni iri mugiti kweli???? erega uburundi si probleme kubarasa, twe tutubahiriza souvereignity yigihugu,ivyo bita loi international. naho wewe diplomacy ntayo wiyiziyi uridemobe utagira agashule kweli. Urwanda ntabwo gwogwana nabamayibobo, twobahana!!!! ntankoho twokoresha tuzozana ibiti tubakubite kubibuno mwubake igihugu cyiza!!! haaahahhhahaaa BJ!!!!

  • Ibiganiro ni vyiza ,kandi bibe atanumwe yi twa umunye poritike avuyemwo. nkashigikira kwivyo biganiro vyobara hanze yigihugu, kubera ubutegetse buriho uno musi ntawobwizera, uravye itotezwa ririko rikorerwa abenigihugu.

  • Reta ya NKURUNZI sinzi ko izokwemera ibiganiro mbona ivyo mu Burundi bigoye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.