IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UA: Abashikiranganji b’imigenderanire bariga ku kibazo c’Uburundi

UA: Abashikiranganji b’imigenderanire bariga ku kibazo c’Uburundi

mercredi 27 Nzero 2016

Abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika barahurira mu nama i Addis Abeba mu gihugu ca Etiyopiya kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 27 Nzero 2016,kugira bige ku kibazo c’Uburundi.

Mu gihe haheze amezi ashika indwi Uburundi bwigarijwe n’ibibazo bijanye n’ibibazo vy’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ririga ikibazo c’Uburundi.

Mu bindi vyigwa harimwo ibijanye n’ikiringo c’uwurongoye ishirahamwe Nkosazana Dlamini-Zuma kizorangira mu kwezi kwa Mukakaro uyu mwaka.

Ica nyuma cigwa ni ikijanye n’abagize inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.Ariko ibihugu vya Nigeria, Algéria na Etiyopiya bizogumana ibibanza muri iyo nama.


IGIHE

Messages

  • Nibakorane kuko iburundi abantu bariko bahona. nkurunziza yafashe umugambi mubi wokuza arica umwumwe. mubarwanya ikiringo cagatatu. dutabare.

  • EREGA MWIHENZE KOMUTAVUZE KOMUZA KWIGA KUKIRINGO CAGATATU CANYAKUBAHWA PETERO NKURUNZIZA?NOKURUNGIKA BABACANGERO BABASODA MPUZ AMAKUNGU NGO TUBAGOTOMERE.IZONGINGO ZIBIRI NIYO MUTAZIGAKO BA SINDUMUJA BAHAVA BIYAHURA

  • MUZOMARAMARA MUBONYEMANDAIHEZE NIMUZETWOBAKE’IGIHUGUCACU’NTABANDIBAZOCUBAKA

  • Mbe Muganga Yovura Umuntu Atmubwiy Kwarway?Ko Leta Itmera Ko Hari Ikibazo Biriga Kubiki?Ahubwo Muriko Muronona Amaherayanya Yamanama

  • Nkosama Nzuma nibamusezerere hakirikare ntarinde gushika mukwagatandatu. Amezi ane asigaye ni menshi yoba yamaze kwonona ibitari bike. Ariko ndaguye ndagarutse, Nibamureke amare ayomezi ane asigaje azoturungikire ingabo mpuzamakungu zituzanire ama chars n’ama blende tuzobibake batahe namaguru. Mwomenya ko uburundi buzoja muri CSUA , hamwe n’amahirwe yo kurongora urworwego. noho muri ONU twarashitseyo kera.

  • @Intagoheka, mbe ko ukunda kuvuga kugotomera abantu, ago n’amaraso yabantu ugomba ugotomere? Erega harya urigikoko, nakare nahora mbibona mfatiye kumajambo uvuga, ayo mwagotomeye mukiri mwishamba biraboneka Ko mutayahaze.

  • Mana Dufashe Bayage Neza Uyu Mugabo Atuveko

  • ikibazo cuburundi baciga kangahe?kumwe baguma bavuga ngo turateye ivyatsi abicanyi ivyatsi ni solution?nibarungike abasoda bakingire abanyagihugu hanyuma ikibazo cuburundi bazocige atabantu bariko barapfa.

  • Naho Zoza Nta Kinini Umuntu Yozitegako No Muri Somalie Abantu Barapfa Ziriyo

  • Ico Nikibazo Mucigako? Twebwe Dukeneye Ivyotezimbere Abene Gihugu Nikurikizwa Ryamategko <kora Ibibereye Murabe Ingorane Zabarundi Bari Mubukene>

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.