Accueil > Amakuru > u Burundi > UA: Abashikiranganji b’imigenderanire bariga ku kibazo c’Uburundi
UA: Abashikiranganji b’imigenderanire bariga ku kibazo c’Uburundi
mercredi 27 Nzero 2016
Abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika barahurira mu nama i Addis Abeba mu gihugu ca Etiyopiya kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 27 Nzero 2016,kugira bige ku kibazo c’Uburundi.
Mu gihe haheze amezi ashika indwi Uburundi bwigarijwe n’ibibazo bijanye n’ibibazo vy’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ririga ikibazo c’Uburundi.
Mu bindi vyigwa harimwo ibijanye n’ikiringo c’uwurongoye ishirahamwe Nkosazana Dlamini-Zuma kizorangira mu kwezi kwa Mukakaro uyu mwaka.
Ica nyuma cigwa ni ikijanye n’abagize inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.Ariko ibihugu vya Nigeria, Algéria na Etiyopiya bizogumana ibibanza muri iyo nama.
IGIHE
Messages
27 Nzero 2016, 10:38, par KEZAKIMANA
Nibakorane kuko iburundi abantu bariko bahona. nkurunziza yafashe umugambi mubi wokuza arica umwumwe. mubarwanya ikiringo cagatatu. dutabare.
27 Nzero 2016, 13:51, par INTAGOHEKA
EREGA MWIHENZE KOMUTAVUZE KOMUZA KWIGA KUKIRINGO CAGATATU CANYAKUBAHWA PETERO NKURUNZIZA?NOKURUNGIKA BABACANGERO BABASODA MPUZ AMAKUNGU NGO TUBAGOTOMERE.IZONGINGO ZIBIRI NIYO MUTAZIGAKO BA SINDUMUJA BAHAVA BIYAHURA
27 Nzero 2016, 19:46
MUZOMARAMARA MUBONYEMANDAIHEZE NIMUZETWOBAKE’IGIHUGUCACU’NTABANDIBAZOCUBAKA
27 Nzero 2016, 20:48, par John Redy
Mbe Muganga Yovura Umuntu Atmubwiy Kwarway?Ko Leta Itmera Ko Hari Ikibazo Biriga Kubiki?Ahubwo Muriko Muronona Amaherayanya Yamanama
27 Nzero 2016, 21:20, par evariste
Nkosama Nzuma nibamusezerere hakirikare ntarinde gushika mukwagatandatu. Amezi ane asigaye ni menshi yoba yamaze kwonona ibitari bike. Ariko ndaguye ndagarutse, Nibamureke amare ayomezi ane asigaje azoturungikire ingabo mpuzamakungu zituzanire ama chars n’ama blende tuzobibake batahe namaguru. Mwomenya ko uburundi buzoja muri CSUA , hamwe n’amahirwe yo kurongora urworwego. noho muri ONU twarashitseyo kera.
27 Nzero 2016, 23:22, par kaka
@Intagoheka, mbe ko ukunda kuvuga kugotomera abantu, ago n’amaraso yabantu ugomba ugotomere? Erega harya urigikoko, nakare nahora mbibona mfatiye kumajambo uvuga, ayo mwagotomeye mukiri mwishamba biraboneka Ko mutayahaze.
28 Nzero 2016, 05:34, par A
Mana Dufashe Bayage Neza Uyu Mugabo Atuveko
29 Nzero 2016, 17:47, par Nkunduburundi
ikibazo cuburundi baciga kangahe?kumwe baguma bavuga ngo turateye ivyatsi abicanyi ivyatsi ni solution?nibarungike abasoda bakingire abanyagihugu hanyuma ikibazo cuburundi bazocige atabantu bariko barapfa.
30 Nzero 2016, 15:39, par Nuwimana
Naho Zoza Nta Kinini Umuntu Yozitegako No Muri Somalie Abantu Barapfa Ziriyo
30 Nzero 2016, 18:11, par Kaneza Jean
Ico Nikibazo Mucigako? Twebwe Dukeneye Ivyotezimbere Abene Gihugu Nikurikizwa Ryamategko <kora Ibibereye Murabe Ingorane Zabarundi Bari Mubukene>