IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UA yiyemeje kubandanya ishigikira Uburundi mu biganiro

UA yiyemeje kubandanya ishigikira Uburundi mu biganiro

vendredi 4 Nyakanga 2015

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu karere k’ibiyaga binini Ibrahima Fall,amenyesha ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryiyemeje kubandanya rishigikira Uburundi mu biganiro bihuza abegwa n’ikibazo ca politike.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ahejeje kubonana n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo kuwa kane igenekerezo rya 3 Nyakanga 2015,Ibrahima Fall yavuze ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rizobandanya gushigikira ibiganiro bihuza abarundi,gushika gushika ku rwego rw’akarere ,biciye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,no ku rwego rwa Afrika biciye mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Ku bijanye n’ivyasabwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Aafrika ryofasha mu gukura ibirwanisho mu babitunze batabifitiye uruhusha,Ibrahima Fall yavuze ko ishirahamwe aserukira ryamaze kurungika imirwi ibiri umwe uraba ivyo agateka ka zina muntu,uwundi uraba ibijanye no gukura ibirwanisho mu banyagihugu.

Ibrahima Fall yavuze ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bariko bakorana n’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, mu ntumbero yo gukingira no guteza imbere agateka ka zina muntu,hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gukura ibirwanisho mu banyagihugu,ibikorwa biriko bibera mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati.

Ku kibazo co kumenya ibimaze gukorwa,Ibrahima Fall amenyesha ko bamaze kwumvikana na Reta uko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rigiye gukorana na Reta,ko bamaze gutangura gukorera mu mabohero kugira barabe agateka ka zina muntu kifashe, mu bijanye no gukura ibirwanisho mu banyagihugu, bariko bakorana n’umurwi w’igihugu kandi ibimaze gukorwa birashimwa.


IGIHE

Messages

  • ivyanyu twarabihinyuye.nukuza kuvuguruza ivya barundi bikoreye mukwitorera inzego zibarongora.mwebwe turabazi muhendwa na ba nya merika mugabo ntacomuzodukora.ivyo biganiro ntibizokunda mugihe ba nyangoma batemera perezida yitorewe na benegihugu.gusa ntawuzoza adatowe na banyagihugu ngo azanwe na american ngo azoterintambwe.wapi!

  • IBIGANIRO NTIBIKUNDA HATABANJE GUCURUSORO!!! NTAHO VYAKABAYE KWISI NZIMA!!! AHOHO NTITWOBA TURI KWISI TWOBA TURI MWIJURU!!!

  • Yatowe nabanyagihungu peter nkurunziza kubera yitwaje amacakubiri kandi vyitwa ngo arakijijwe ubu yatanguye ibikorane vyo gushimira shatani kuko niwe akorera uyo yarameje abarundi ntimucanemwe kuko wewe arivyo ashaka IMANA IGIYE GUHORERA ABARUNDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.