IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubufaransa bwashikirije muri ONU ivyokorwa mu Burundi

Ubufaransa bwashikirije muri ONU ivyokorwa mu Burundi

mardi 10 Munyonyo 2015, par egide

Igihugu c’Ubufaransa casavye kuri uwu wa mbere ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryofasha guheza bigishoboka kandi mu maguru masha ubugizi bwa nabi buriko bukorerwa mu Burundi.

Mu nama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere ku masaha y’i Bujumbura, Ubufaransa bwasavye ko hoshirwaho ingingo zotuma ubwicanyi buhagarara. Alexis Lamek, icegera c’uwuserukira Ubufaransa muri ONU yamenyesheje ko Ubufaransa butewe umutima uhagaze n’ukubona ubugizi bwa nabi bubandanya kwiyongera mu Burundi, hamwe n’imvugo z’ugucanishamwo amoko zikoreshwa n’abategetsi b’Uburundi batandukanye.

JPEG - 147 ko
Alexis Lamek, icegera c’uwuserukira Ubufaransa muri ONU

Izo ngingo z’uguhagarika ubwicanyi mu Burundi zashikirijwe n’igihugu c’Ubufaransa zishobora kuba zigizwe n’ibihano bizofatirwa abazokwagirizwa ko aribo bakwega intureka, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU nawe akaba yasabwe ko vyihutirwa ko ubuserukizi bwa ONU mu Burundi bwokomezwa, Jamel Benomar yahora aserukira ONU muri Yémen agahabwa gutunganya ibiganiro vya poritike bishira imbere inyungu z’abarundi bose.


IGIHE

Messages

  • Abo bakweg intureka k arabobazungu nyene babanyegeje.

  • uburusiya n ubushinwa murabucahe ko bwanse bwishakira nickel niyo abantu bapfa bo bishakira amabuye ibyo bindi ntakamaro

  • IMANA YONYENE NIYO IZOFASHA ABARUNDI ONU YOYO NI O NYENE NI[ ZERO] NAMAJAMBO GUSA KANDI ABANTU BAHONYE NIMWIGWANEKO BARUNDI BUMUTIMA HAGURUKA BWAKEYE SINON PETER ARABAMARA KAMWE KAMWE MUSAZWE MURI BAKE MURABINZI NABOBAKIGIYE BENE WACU BANYOYE CONDAMA MURI ZAVYERI NINKOKO ZIRI MUKAGOMBA NIMWIRYAMIRE RURIYE ABANDI RUTABIBAGIYE MWISHINGE FIDELITE ARIWE PETER SINDUMUJA

  • abakwegintureka.nibamyangoma.nakagame.nibabakorereko.muvuzenezacane

  • abakwegintureka.nibamyangoma.nakagame.nibabakorereko.muvuzenezacane

  • Abakwega Intureka Siyo Mihimbiri Nyen Y’abazungu Hamw Na Ba Nyangoma Ivyacu Nibabirk Imfashanyo Ko Bazugay Harumukoz N’umw Aheraniw?

  • mbe desire uwamahoro ivyo akora nabandi ni nyangoma?

  • Iyomuvugako inama yomwijuru kwariyo yakoranye oni ntacoyodofasha turarindiriye iyo mwijuru ? Nihoharubufasha honyene gusa

  • muragaba ubufaransa bushaka gusamaza amakungu, bushigikiye interahamwe, ntibwigeze bwiyamiriza genocide yo mu rwanda, buzoshobora iyo muburundi ikozwe n’interahamwe ????

  • twe abarusiya n abashinwa ntimutugore twishakira amabuye ya nickel abapfa nabo ntibituraba ntavyo dusinya kuko batwemereye musongati

  • Imbwa zabazungu nazo,nimureke duhone ,twebwe ntavya onu ohomwakadedembey nikera.abonabo bambazimana nibigugu,ubuntimurabona katamaniriho????utirwanyeho biragushaaaaa! Yabimaniriho pita ibayaramuhany kunyama zabantu arya

  • iconzi ntangingo nimwe muzofata uburusiya nubushinwa bitarimwo.ahubwo icombona uburundi nubwa barundi rero abanye politike nuko boheba gukorana na bazungu hama ikibazo kikaba icabarundi gusa.hama bakakivuganako kuko niho vyohera nayubundi uwushigikiwe numuzungu acabona kwashigikiwe nimana reta nayo icikoresha kwihagararako,hama bigaca vyanka kudadanuka.

  • mbega iyontumwa ya kagame ngo n,umufaransa kuvyabananiye mu rwanda mu1994 barihe?ubu bagomba kunezereza ka ga me kugira ubufransa ntiburihe indishi zakababaro?genda twarabahinyuye

  • Murirusangi ibibihugu vyabazungu vyaragize uruhara rukomeye muvyotwita gukomeza mbese bivanzemwo noguhamagarire abarundi batavugarumwe na reta gukora ubwicanyi ndabivuze kandi Imana yomwijuru niyocabona, aboshaka akarorero kahafi nobabwira amajambo yavuzwe na reta ya Amerika nyuma yuko reta yu Burundi ivugiyeko bagiye kwaka ibirwanisho ababitunze batabifitiye uruhusha, muricogihugu c’Amerika baciyebatangazoko ivyovyokwaka ibirwanisho abatabifitiye uburenganzira bwikubitunga bizocabikwenga intambara! Jewe naciyenibaza nti none ubundiho kovyirirwa burikobugirovye bazokorora kimwe canke kirenga bakakica umuntuntumwe canke aringa ivyonivyo binezera Amerika bigatuma rivugako atawukwiye kwaka abobafise ivyobirwanisho? Harinaho yavuzeko hakwiye kujamubiganiro ahonaho narahagiriye amakenga none kwivyobiganiro na reta ivyemera baziganira nabobirirwa bariha inkumbi!? Arivyovyo nomuri Amerika twicatubahamagarira kugiriranira ibiganiro nabaryabantu twirirwa turumva bica abantu muri US.

  • EGO CANE TWESE ABARUNDI TURAKENGURUTSE IZI NGINGO ZAVUYE MWIYI NAMA HAMA IZIMBWA ZABA DD NIZIYAHURE TURABE MBE MWIHENDA YUKO UBURUNDI MWOZOBUTWARA MWENYENE IYINDI MIGAMBWE MUYIKUMIRA? MWANGUHA SHA NARIRYA MUTIZE ! EGA MWE AMAKUNGU NTABEMERA NKA TWE MURI OPPOSITION TWESE TURI INCABWENGE KANDI MURAHUMBA TURAJE VUBA KUBATWARA MWANTOZOMWE WAMBWAWE PETER NA BUNYONI!

  • Gerageze Kuko Igihugu Cacu Ntigitekanye Na Canecane I Bujumbura Ku Murwa Mukuru W’Uburundi.

  • MURABONYE UYUYIYISE CEDRIC IVYAVUZE? CAMUBIFATANYA NIVYUMUGABO WUMU MURUNDI CAND WUMU PROFISERI MURIMWE KAMIRUZA MURI AMERICA IVYOYAVUZE MUMISIMIKEYA IHEZE KO KAGAME AKWIYE KUZANA IBIRWANISHO AGAHANAGURA IBWA ZIMBONERAKURE NGO ISIRAEL IRAFISE IBIRWANISHO BIKOMEYE ITEGEREZWA KUZA GUFASHA UBWOKO BWABATUTSI GUHASHA NOKUBAKURAKO ABAHUTU! JEWE RERO NCANIBAZA KWUYUMU PROFICERI ATAVUZE YINYEGEZA KANDARUMUNTU ACIYE UBWENGE ABABAFRASA SIWE BARIKUBWIRAKO ARIKO YIGISHA AMACAKUBIRI AHOKUVUGANGO ABATEGETSI BI BURUNDI NGOBIGISHA AMACAKUBIRI? NAMWANZANIRA UMUNTU MUBIYAGA BININI YIGISHA AMACAKUBIRI GUSUMBA UYU MU PROFISERI ANA KAGAME NZOBAHA AKANTU! UMVARERO NIMBABIBANANIYE KUVUGISHUKURI NUMA MUREKE KWENYEGEZA AKARIRO NAHIMUZOBAMUKOZE.

  • NIBASHIRE ABO BANYEPOLITIKE MUBIGANIRO KUNGUVU BABUMVIRIZE IVYOBAPFA BABONE GUHANA UWANSE GUSHIRA AHINTAHE ISHIZE!!

  • kiki uri kijuju none wibaza ko abo bashinwa bazokwimba iyo nickel ata mahoro?

  • BARUNDI BARUNDIKAZI .NDABINGINZE MUFATANE MUNDA MAZE IBYO ABOBAZUNGU NUNVA BAMEZE NKABAROTA MAZE BATEJYEREZE BAJOME KANDI NTIMUJYIRE UBWOBA IMANA IBAHAGAZEHO MUMENYEKO BATANZE AMAFARANGA MENSHI BAKORANA NABARIYA BAHUNGABANYA UMUTEKANO . ONU IRWAYE

  • BARUNDI BARUNDIKAZI .NDABINGINZE MUFATANE MUNDA MAZE IBYO ABOBAZUNGU NUNVA BAMEZE NKABAROTA MAZE BATEJYEREZE BAJOME KANDI NTIMUJYIRE UBWOBA IMANA IBAHAGAZEHO MUMENYEKO BATANZE AMAFARANGA MENSHI BAKORANA NABARIYA BAHUNGABANYA UMUTEKANO . ONU IRWAYE

  • muga muburundi hazogera igihe ivyo twumva bizoshigwa mungiro hanyuma umurundi wese akidegenvya mugihugu nkurundi

  • icombona nuko bosenyura ubutegetsi bwa nkurumbi nakagwi kiwe niyonzira yamahoro muburundi nayo gufata ibihano bigira ingarukambi kubanyagihugu nayo bo (abategetsi)biyibira nibisigaye mukigega c’igihugu vyose.

  • icombona nuko bosenyura ubutegetsi bwa nkurumbi nakagwi kiwe niyonzira yamahoro muburundi nayo gufata ibihano bigira ingarukambi kubanyagihugu nayo bo (abategetsi)biyibira nibisigaye mukigega c’igihugu vyose.

  • Onu, Bufaranasa,nabandi.None Mwebwe,murindiriye Iki None ?Nabagandaguye Yesu Ntibaramenyekana Nabandi Bizoherera Iyo.Gusa Ndabatahura.Ja Muraduhuma Amaso Imana Niyabigomba Izoduhora.

  • Twosaba ko ubufaransa bwokora nk’uko bwakoze muri Cote d’Ivoire,ntabwo mubona ko ubu hatekanye?

  • Twosaba ko ubufaransa bwokora nk’uko bwakoze muri cote d’ivoire.none ntabwo mubona ko ubu hatekanye?

  • Twosaba ko ubufaransa bwokora nk’uko bwakoze muri cote d’ivoire.none ntabwo mubona ko ubu hatekanye?

  • namwe abarundi ayo makungu yanyu arabahenda mukemera,uziko babagize nk’abana bato cyane. ubufaranca burashaka ko akajagari karimugihugu cyanyu kiyongera, bakazana ingabo zabo kugirango bobone uburyo bazengurika urwanda bakureho leta ya kigali bakoresheje FDRL namwe mukagirango ni urukundo babakunze. abazungu program zabo baba barazipanze kera abirabura bagwa mu mporera. ubu icyo abafranca bashaka ni inzira banyuramo bajya gusahura zahabu miri congo kinshasa no gukuraho leta ya Kagame wirirwa ubatuka kukarubanda, kandi inzira yabyose ni hano muburundi. leta ya Nkurunziza nimere magabo kuko barashaka umupresident uborohereza muri gahunda zabo batwarisha telecomande. naho ntarukundo babafitiye muzaze hano mu Rwanda tubabwire ibyo badukoreye kandi namwe muri inkende nkatwe imbere yabo.

  • namwe abarundi ayo makungu yanyu arabahenda mukemera,uziko babagize nk’abana bato cyane. ubufaranca burashaka ko akajagari karimugihugu cyanyu kiyongera, bakazana ingabo zabo kugirango bobone uburyo bazengurika urwanda bakureho leta ya kigali bakoresheje FDRL namwe mukagirango ni urukundo babakunze. abazungu program zabo baba barazipanze kera abirabura bagwa mu mporera. ubu icyo abafranca bashaka ni inzira banyuramo bajya gusahura zahabu miri congo kinshasa no gukuraho leta ya Kagame wirirwa ubatuka kukarubanda, kandi inzira yabyose ni hano muburundi. leta ya Nkurunziza nimere magabo kuko barashaka umupresident uborohereza muri gahunda zabo batwarisha telecomande. naho ntarukundo babafitiye muzaze hano mu Rwanda tubabwire ibyo badukoreye kandi namwe muri inkende nkatwe imbere yabo.

  • Nimwabura kuja kukivi ngomurindiriye amakungu.abonabo bashaka kurwanya leta nibave mubanyagihugu baje mu kibira,ntibazi iyabandi babirondereye?igihugu kiragwanirwa ntigitangwa.mwabonye kugira Cndd -Fdd igere ahigeze ubu yamaze 10ans irwana sinzi rero ngira abo bandi nuko bifitiye amakungu bobo ntibizobagora.

  • Abo suko badukunda barundi..! iyo niya "nickel,castérite,or,Etain,carburants,..."u Burundi Bufise.Mbega Muribagiy Yuko Abonyene Aribo Bavuga Ukwonyene Muri ( Lybie) None Col KADAFI Mwarasubiriy Kumwumva? Ariko Nubu Ntamhoro Arabonekayo. Aharero Murarindire Akarinyuma Karahinda Abazungu..???? Murababarirwa Ntimubazi. "Ntawukunda Uburundi Gusumba Benebwo...!"

  • turabimenyerey barabanzebahez ingorane ziri muri lybye, syrie nahandi muburund ntitubakeney,ubwo nibwabutunzimana yaduhaye tutazi baturonderako nkuk nyenicubahir akunzekurivumer)

  • Ahubwo iyaba bavugako bagiye gutembagaza ubutegetsi bwa nkurunziza jewembona ariwomuti wibibazo birimuburundi ataraho ntakindi cokogwa kugira ingoraneziveho ntawundi atumahaba ubwicanyi atari piter

  • Amahoro ava ku Mana kandi niyo ibigira ikabigirura

  • TORERUMUTI IBIBAZO TWENTAKINDI TWIPFUZA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.