IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuholande bwatanze imfashanyo ku murwi CENI

Ubuholande bwatanze imfashanyo ku murwi CENI

samedi 2 Myandagaro 2014

Umuriyoni n’ibihumbi amajana atatu w’amadorari niyo mfashanyo yatanzwe n’igihugu c’ Ubuholande mu ntumbero yo gutegura amatora yo mu mwaka w’2015, mu Burundi.

Jolke Oppewal aserukira igihugu c’Ubuhollande mu Burundi

Igihugu c’Ubuholande cahaye imfashanyo umurwi CENI mu ntumbero yo gutegura amatora yo mu mwaka w’2015, amafranga agera ku muriyoni n’ibihumbi amajana atatu y’amadorari y’abanyamerika . Amasezerano yatewe ko igikumu n’umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora CENI, Pierre Claver Ndayicariye ari kumwe n’uwusanzwe aserukira igihugu c’ubuhollande hano mu Burundi Jolke Oppewal hamwe n’uwusanzwe ajejwe ibikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, akongera agaserukira ishirahamwe mpuzamakungu PNUD Agostinho Zacarias.

Ayo mafranga rero atanzwe akaba ari igice ca mbere c’ayari yemewe n’igihugu c’ Ubuholande mu ntumbero yo gutegura amatora , akazofasha na cane cane mu gikorwa co kwandika abazotora, igikorwa gitegekanijwe ku magenekerezo 22 Nyakanga uno mwaka. Ku bw‘ igihugu c’ Ubuholande catanze iyo mfashanyo bavuga ko hakiri kare ko batanga amafranga yose bemeye. Amenyesha ko igihugu ciwe kizoguma gikurikirana ko Reta uko iriko irashira mu ngiro ivyo yiyemeje muri rwa rupapuro rw’inzira, bumvikana n’abanyeporitike b’abarundi

Ikindi gice kigira kabiri kikazotangwa babanje kwihweza n’abandi basanzwa bafasha Uburundi ko Reta yakurikije ivyo abo banyeporitike bumvikaniye hamwe n’ivyo biyemeje mu ntumbero yo kugira amatora yo mu mwaka w’ 2015 azabe meza(code de conduite pour le bon déroulement des éléctions de 2015), na cane cane ukwiyunga kw’imigambwe yacitsemwo ubunywenywe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.