IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fortrand Bigirimana > Ubukwe bwa Fortrand Bigirimana na Sophia Derain bwamenyekanye

Ubukwe bwa Fortrand Bigirimana na Sophia Derain bwamenyekanye

lundi 2 Ruheshi 2014

Umuririmvyi Fortran Bigirimana yamaze kwemanga kwubakana n’uwo bari bamaranye igihe mu rukundo. Ivyo bizobonekera ku mpapuro zo gutumira zasohotse.

Hari haheze igihe kitari gito umuririmvyi Fortran yemeje icese (Fiancailles) ko ariko yitegura kubana na Derain, none ukuri kugiye kuja ahabona. Ntibikiri mu majambo gusa ko Fortran agiye kwubakana na Derain maze bemeze kubana ubuzima bwabo bwose. Ivyo bibonekera ku mpapuro z’ubutumire zasohotse.

Ubugeni butegekanijwe kuzoba kw’igenekerezo rya 5 Mukakaro 2014, mu nzu ikunze kuberamwo ibiteramo ahanini vy’abaririmba indirimbo ndoramana (Gospels).

JPEG - 62.7 ko
Urupapuro rw’ubutumire

Umuryango wa Bigirimana ugiye gushingira umuryango wa Derain. Mwomenyako ko Sophia Derain avuka mu gihugu c’Ubufaransa i Lyon.

JPEG - 54.2 ko
Sophia Derain na wenyene n’umuririmvyi

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.