IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Buraya bwiteguriye gusuzuma ivyo Uburundi bwiyemeje

Ubumwe bwa Buraya bwiteguriye gusuzuma ivyo Uburundi bwiyemeje

mercredi 11 Rusama 2016, par egide

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ribandanya kumenyesha ko inzira y’ibiganiro yonyene ariyo nyishu y’ibibazo biri mu Burundi. Iryo shirahamwe rimenyesha ko ryiteguriye gufasha haba mu buryo hamwe no mu bindi vyose, kugira ivyo biganiro bitanguzwe, bagasaba ko impande zose kuzokwitaba isango ryatanzwe.

Mu gihe amakuru atangwa n’ibiro vy’umuhuza mu biganiro vy’Abarundi avuga ko ivyo biganiro bizotangura kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2016, mw’ijambo uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya mu Burundi yashikirije kuri uwu wa kabiri mw’ihimbazwa ry’umunsi mukuru wahariwe ibihugu vya Buraya, Patrick Spirlet yibukije ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryahagaritse imfashanyo zahora zihabwa Uburundi kubera ico gihugu kitariko kirubahiriza ivyo ciyemeje mu masezerano y’i Cotonou, mu bijanye n’agateka ka zina muntu, hamwe n’intwaro ibereye. Iryo shirahamwe rikaba ryagumijeho gusa imfashanyo zishikira Abanyagihugu.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko mu ntango z’ukwezi kw’indwi hazosuzumwa aho ivyo Uburundi bwiyemeje bigeze mu bijanye n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu, umutekano, ibiganiro, hamwe n’intwaro ibereye. Inyuma y’iryo suzumwa akaba ariho abahinga babijejwe bazoraba namba ingingo zafashwe zosubirwamwo.

Uwaserukiye Reta y’Uburundi muri ivyo birori vy’ihimbazwa ry’umunsi mukuru wahariwe ibihugu vya Buraya yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yatangajwe n’ingingo yafatiwe y’ihagarikwa ry’imfashanyo Uburundi bwahora buhabwa.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Joseph BANGURAMBONA, yashikirije ko Reta yiyemeje kwubahiriza uburongozi bwubakiye ku butungane, intwaro ibereye, intwaro rusangi, poritike nziza, hamwe n’ukwubahiriza ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro.


IGIHE

Messages

  • gumakukazi muduhebombezikwiye

  • IBIHUGUVYA BURAYANIBIREKE IBIHANO BIHIMIRIZE IBIGANIRO BIDAKUMIRA KUKWIBIHANO VYICA ABANYAGIHUGU GUSA!

  • Yemwe,none ubwo barimuminsi mikuru yaburaya bari murusaku rwuburundi canke bariko baraba ukuntu bogwanya BOKO HARAMU na ISLAMIC STED kuko nivyo bibabangamiye,niho nkibona ko UBURUNDI babutinya nuwuburongoye H.E President du Burundi et Commendent Supreme des Force Armes du Burundi NKURUNZIZA Pierre izina niryo muntu yatuzaniye inkurunziza mugihugu ,twagomba tubabwire twebwe abarundi ko tudashaka intwaro zishigwaho nabazungu mugihugu cuburundi nitwe twitorera abadutwara,kubiganiro naho ntaho vyakabaye kw’isi ko abakoze amaraso ya kudeta kobaganira na leta ahubwo barafungwa ahandi bigikomeye bakicwa, mwicare mubizi kandi ko hamwe mutama yokwicarana nivyo binywamaraso vya louis Michel yoba ahemukiye abarundi babuze ababo mugihe ci migumuko na kudeta!

  • Mbere kuva ubulaya budufatiye mumugongo amaboko bigatuma turonka abandibakunzi agayfo babonetse kubera uburaya budufatiye ibihano ndibazako kubikora ibihano ntibizotuma tubakunda gusumba abaduhagazeko bagakomeza kutwitaho badufasha kuva ubwobulaya butwimye amahera yamatora kugenza nunomusi umwaka uraheze ubulaya bwaradutaye ntakuntu rero buzokwigera bwubahwa kunganya nabo tumaranye umwaka wabereye mubicane abarundi nimuzane izofashanyo ariko bizofata igihe kinini kugira muzosubirane ikibanza twaritwarabahaye mumwaka yaheze birabasaba kuzokorana umwete kugira mutunezereze bimye vyintangarugero canke vyakatarabaho.

  • Imvugo yobingiro vyobarivyiza arikumengo petero yarabananiy ntabubasha bamufiseko Niki bagiye guhindura kuvyo tubonubu?

  • Ivyo vyashikirijwe nuwo muhungu wa Nkurunziza ngo niwe Yozefu Bangurambona,ni kinyoma cambayubusa. mbega abo yahagaze imber abahenda yi bazako ivyobakorera abenigihugu,yibaza ko batabikurikiranira hafi ? ahubwo iyo bongereza incuro 100 kubihano, nayo ayomahera babahaye niyo bariko baratumarisha muguhemba za mbonerakure mukutwica.

  • Ahubwo ibihano mwafashe umengo kwabaye nkukumutuma kumara abanyagihugu nimurabe nyabuna mumufatire nibindi vyishi kandi ruhasha

  • @Tari, ukubaho kwabarundi ahobukera kuratuma wiruka nkukwo abataribake bimaze kubagendera ariko nawewe ndabona ugezekure wiruka.

  • Mucezo Wandan!!@ Turindiriye Imana Yonyene Niyo Muhuza Mukuru.

  • Ni Kuki Uburayi Bugoma Gucanishamwo Abarundi?Twarabahinyuye,baduhaye Imijigiti Buraca Badukura Amenyo!Ivyabo Vyarahinyutse.Abarundi Bi Bijuju Nibo Bazobisemba,ariko Ntawuzoza Akunda Uburundi Atari Abarundi Ubwabo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.