IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi busaba kuja mu bihugu bizofashwa mu mugambi wo kurwiza (...)

Uburundi busaba kuja mu bihugu bizofashwa mu mugambi wo kurwiza umuyagankuba

mardi 10 Nyakanga 2013

Russ Feingold, intumwa idasanzwe ya Barack Obama mu karere k’ibiyaga binini yarahawe umubonano na Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi. Bompi baganiriye ku kibazo c’umutekano muke urangwa mu gihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe za Amerika yasavye Leta y’Uburundi guterera agacumu k’ubumwe mu kugarukana amahoro mu buseruko bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Muvyo baganiriye muri uwo mubonano wabereye mu ntara ya Ngozi, harimwo ikibazo c’umuyagankuba mu Burundi. Nk’uko bimenyeshwa na Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Uburundi bwipfuza nabwo nyene gushirwa ku rutonde rw’ibihugu vyo muri Afrika bizofashwa n’umugambi "American Power Afrika", umugambi ujejwe kurwiza umuyagankuba ku bihugu biwukenye.

« Umukuru w’igihugu c’Uburundi yasavye ko n’Uburundi bwoshirwa ku rutonde rw’ibihugu bizofashwa mu mugambi "Power Afrika" uheruka kumenyeshwa na Barack Obama, aho amenyesha ko igihugu ciwe citeguriye gusohora amafaranga azofasha bimwe mu bihugu vyo muri Afrika bigifise ingorane z’umuyagankuba udakwiye"


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.