IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwatowe mu burongozi bw’igisata kijejwe ubudandaji muri Afrika (...)

Uburundi bwatowe mu burongozi bw’igisata kijejwe ubudandaji muri Afrika y’ubuseruko

mercredi 1er Ruheshi 2016, par egide

Uburundi bwatowe mu burongozi bw’igisata kijejwe ubudandaji mw’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko (Chambre de commerce de l’East african business council), ico gisata kikaba gihurikiyemwo abarwizatunga bo muri uwo muryango.

Euchonie NIJIMBERE, umurundi yatowe mu burongozi bw’ico gisata, yamenyesheje ko agiye gufasha mu gushiraho isoko rusangi mu karere ka Afrika y’ubuseruko, ukworohereza uruja n’uruza rw’ibidandazwa muri uwo muryango, hamwe n’ugufasha gushinga amashirahamwe muri uwo muryango.

PNG - 166.6 ko
Euchonie NIJIMBERE, umukuru w’igisata kijejwe ubudandaji mw’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko (Chambre de commerce de l’East african business council)

Avuga ko iryo torwa ry’Uburundi muri ubwo burongozi ari intambwe ikomeye, kandi ko Uburundi buzohungukira.

Mu gihe mu bibazo ico gisata c’ubudandaji gifise harimwo ukubura uburyo, Euchonie NIJIMBERE amenyesha ko agiye kuzokoranya abo basanzwe bafashanya, kugira abahimirize bafashe mu gutanga uburyo bwotuma ico gisata gishobora kurangura imirimo kijejwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.