IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwiteguriye kuba umuhuza mu ntambara ziri muri Congo

Uburundi bwiteguriye kuba umuhuza mu ntambara ziri muri Congo

mardi 10 Nyakanga 2013

Mu mubonano umukuru w’igihugu c’Uburundi yahaye intumwa idasanzwe ya Barack Obama mu karere k’ibiyaga binini yaramenyesheje ko Uburundi bwiteguye kuba umuhuza kugira hagaruka amahoro muri Congo iharanira intwaro rusangi.

Muri uwo mubonano Petero Nkurunziza yahaye Fiengold Russ, intumwa idasanzwe ya Barack Obama mu karere k’ibiyaga binini, yaramenyesheje ko Uburundi bushobora kuba umuhuza mu ntumbero yo gutorera inyishu mu ngorane ziri mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Nk’uko icegera c’umuvugizi w’igihugu, Willy Nyamitwe, yabishikirije, amakungu yoshobora guhitamwo mu bagabo b’iryamunyu bo mu karere k’ibiyaga binini. Aho akaba yavuga nk’abahoze ari abakuru b’igihugu harimwo n’Uburundi : Pierre Buyoya, Sylvestre Ntibantunganye canke Domitien Ndayizeye. Abo boshobora kuja mu rutonde rw’abahuza mu gukemura indyane ziri muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru akaba yarongeyeko ati : « Abo bahoze ari abakuru b’igihugu c’Uburundi barashoboye guterera ubumenyi n’ubushobozi bwabo mu mugambi w’amahoro muri Congo ». Akaba yaranibukije ko nk’uwahoze ari umukuru w’igihugu, Pierre Buyoya amaze gufasha mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika.

Kubwo intumwa idasanzwe ya Barack Obama, Fiengold Russ, icirwa Uburundi bwakuye muri kahise mu mugambwi w’amahoro gishobora gufasha mu karere k’ibihugu vyo mu biyaga binini, na cane cane mu gihugu ca Congo. Iyo ntumwa ikaba yarashimye ivyiyumviro hamwe n’intererano z’Umukuru w’igihugu c’Uburundi. Fiengold Russ akaba yagiye yemeye ko ivyo vyiyumviro n’intererano agiye kubishikiriza umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.