IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwiyemeje kurwanya inzara mu mwaka (...)

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwiyemeje kurwanya inzara mu mwaka w’2013

lundi 28 Nzero 2013

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 nzero 2013 ubushkiranganji bw’uburimyi n‘ubworozi bwarashikirije icegeranyo c’ivyaranguwe mu mwaka w’2012 n’ ibizokorwa mu mwaka w’2013. Kabaye akaryo kubari bitavye kwiha intumbero nshasha bafatiye kubitagenze neza mu mwaka urangiye.

Mu mwaka w’2012 ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwarakoze ibitari bike mu gisata c’uburimyi n’ubworozi. Ivyo bigaragarira mu buryo bwakoreshejwe bushika ibice 100 kw’ 100 vy’ubwari bwategekanijwe gukora.

Ikitashoboye gukorwa ni ishirwaho ry’ikigega co kurwanya inzara. Ishirwaho ry’ubwo buryo ringana n’ibice 87,6 kw’ijana.

Mu ntumbero yo guteza imbere amashirahamwe y’uburimyi, ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwaratanze imbuto za kijambere z’ibikoti, z’imyumbati, z’ibiraya, umuceri ,, ibigazi, imivyaro y’ivyamwa n’imbuto z’ibirimirwa mu myonga.

Naho hari ibiterwa bimwe bimwe vyatewe n’indwara harashizweho ububiko bw’imiti yo kurwanya izo ndwara n’udukoko twonona ibiterwa. Harategekanijwekandi umwavu w’ikizungu wo gutabira isi itakiryoshe.

Muntumbero yo kurondera umwavu w’akamaro harashizweho politike y’igihugu yo gusubiriza umwavu wahahora mu ntumbero yo kumenyera ihindagurika ry’ibihe .
Haratunganijwe ibibanza vyobika amazi yo kuvomera imirima aha twovuga nk’urugomero rwa Kajeke, n’uruvomera ikigo co guteguriramwo imbuto rw’i Kajondi tutibagiye itunganywa ry’imyonga iri ahangana na hegitare 2350.

Mu gisata c’ubworozi harazanywe inka, impene, n’inkoko za kijambere mu ntumbero yo kurwiza ibitungwa. Haragwijwe amafi ya kijambere harubatswe inyanja izindi zirasubirwamwo neza.

Naho umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Odeta kayitesi yashimye ivyakoretse yaricujije ko intumbero yo kurwanya inzara no guteza imbere ubutunzi bw’igihugu itarashikwako neza. Muvyatumye iyo ntumbero y’ubushikiranganji idashikwako haradondaguwe nk’ugukwega ibirenge kw’ubuyobozi bumwe bumwe mu kwiga ama dossiers amwe amwe cane cane ayerekeye amasoko rusangi hari kandi uguhanahana amakuru kutifashe neza ndetse no kubura ubuhinga n’ibikoresho.

Yasavyeko umwe wese ko yokwongereza inguvu kugirango ivyo ubushikiranganji bwiyemeje buzobishikeko.
Mu mwaka w’2013 umugambi wo gushira imitahe mu burimyi PNIA mu mpfunyapfunyo y’igifaransa niwo ubwo bushikiranganji buzokwisunga.

Hazotangwa ibikoti birinda indwara n’imbuto zirinda indwara z’ibigori, ibitoki umuceri ibigazi macadamia ndetse n’izindi mbuto zirimwa mu myonga n’imivyaro y’ivyamwa. Mu ntumberyo kurwanya indwara zitera ibitungwa hazokwubakwa ikigo kibigenewe muntara ya Cankuzo. Uburimyi ntibushobora gutera mbere abenshi bakirimisha amasuka nico gituma ubushikiranganji bugiye kuzana imashini zo kurima.

Mu gisata c’ubworozi ,ubuhinga bwo kubangurira kurushinge buzobandanya kandi ibitungwa vya kijambere bizoguma bihabwa abari mu mashirahamwe. Uburyo bwategekanirijwe ubushikiranganji bwaragabanutse gushika ku miliyaridi 5.

kugirango bongereze amahirwe y’uko ubwo buryo bwokwongerwa.Umushikiranganji Kayitesi akaba asaba abafise ivyo bajejwe boza barakoresha neza uburyo bafise kugihe.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.