IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bwerekanye imigambi y’ibikorwa vyo kurwanya (...)

Ubushikiranganji bwerekanye imigambi y’ibikorwa vyo kurwanya ubukene

vendredi 31 Rusama 2013

Abashikiranganji n’abanyamabanga ntayegayezwa mu bushikiinganji batanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru mw’ihoteri le chandelier kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 31 Rusama 2013.

Nk’uko vyashizwe ahabona, Uburundi buherutse kwinjira mu mugambi wo kurwanya ubukene CSLP2 aho wagaragajwe icese igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2012 na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza. Kuva ubwo rero ibikorwa vyo kwegeranya uburyo kugira imigambi iri muri CSLP2 ikorwe vyaratangujwe.
Ni muri iyo ntumbero habaye inama y’abafasha Uburundi i Geneve mu Buswise kuva kuwa 29 gushika kuwa 30 Gitugutu 2012. Iyo nama rero ikaba yaratanze umwizero ukomeye.

Kuri uno musi rero kari akaryo ku bashikiranganji ko gushobora kwerekana imigambi mikuru mikuru iri mu bisata basanzwe barongoye.

Ibisata biri muri mu mugambi CSLP 2 bikaba ari bine, twovuga nk’intwaro, ubutungane n’ukunganisha ibitsina. Ikindi gisata kikaba ari ico guteza imbere abikorera utwabo n’igisata c’ingenzi n’akazi, igisata kigira gatatu n’ico gutwara abantu n’ibintu, ugutumatumanako amakuru n’igisata c’umuyagankuba hamwe n’amasoko ntanganguvu, igisata c’ubumenyi, amagara y’abantu, amazi n’isuku, hamwe n’igisata c’ibidukikije.

Abamenyashamakuru bakaba baronse akaryo ko kubaza ibibazo bitandukanye. Mu gisata c’akazi babajije igitegekanywa gukorwa mu kugira bagabanye ubushomeri.
Mu gisata c’isuku habajijwe ikigiye gukorwa kugira isuku mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati rigarukirwe. Habajijwe ikibazo kandi c’utumwanya turi mu bituma vyonona ibidukikije.

Mu nyishu zatanzwe bamenyesheje ko hari itegeko ryizwe mu misi iza rizoshika mu nama nshikiranganji kugira barabe icokorwa mu kuraba ingene utumwanya dukoreshwa twogabanuka.

Mu gisata c’ubudandaji harategekanywa guteza imbere igisata c’abikorera utwabo bazokwigishwa gutunganya amashirahamwe no gusaba ingurane n’ibindi.

Ku kibazo cerekeye gutorana kw’abakenyezi hari icigwa kigiye gukorwa kugira bige ingene itegeko ryomera n’inyungu ryotanga.

Umwewese mu baserukiye ubushikiranganji akaba yaronse akaryo ko guca ku mayange ibitegekanywa gukorwa mu misi iza, umwe wese mu gisata arimwo muri uwo mugambi wa CSLP2.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.