IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushinwa bwaraye butanze ingabire k’u Burundi amatoni ibihumbi bitatu (...)

Ubushinwa bwaraye butanze ingabire k’u Burundi amatoni ibihumbi bitatu vy’umuceri

samedi 16 Ruhuhuma 2013

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2013,igihugu c’u Bushinwa caratanze ingabire k’u Burundi y’amatoni ibihumbi bitatu vy’umuceri,zizofasha abanyagihugu bari mu ngorane.

Iyo ngabire igizwe n’imifuko ibihumbi mirongo itandutu, yakiriwe n’umushikiranganji wo gufatana mu nda Clotilde Niragira nk’ingabire y’ibifungurwa ihawe Reta y’uburundi n’igihugu c’u Bushinwa.

Nk’uko Yu Xzu Xzong aserukira igihugu c’u Bushinwa m’u Burundi yabimenyesheje,iyo ngabire ifise agaciro kangana imiliyoni 5 z’amadorare y’abanyamerika,igenewe abanyagihugu bari mu ngorane,bashikiwe n’impanuka kama, abahungutse, impunzi, abapfakazi hamwe n’impfuvyi.

Kubwo umushikiranganji wo gushigikirana,agateka ka zina muntu no kunganisha ibitsina Clotilde Niragira yakiriye iyo ngabire kw’izina rya Reta y’u Burundi,ngo iyo ngabire ije hageze kuko abazoyironswa bamenyekanye imbere y’igihe.


Sylvere Bavumiragiye

Messages

  • Ariko nah’aruko hagomba kucahaja umugwiwihuta uzokwirikirana itangwa ryizo fungugwa nayataruko nihamwe bizokwandikwa kovyageze kubovyagenewe kandi atawabikubise nijisho yaherutse yunva koyafashijwe. kuko nakare sibishasha turabimenyereye kubategetsebeshi kobacabishiriri mumamangazine yabo bikabitirigwa kand’ataribo vyagenewe

  • ubushinwa ni bwirambire,kuko burazi ko kuba umuntu atishoboye atari we avyigirira kuko na kare Imana ikora uko ishatse.Chine tera imbere!!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.