IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubutungane buzogabaniriza ibihano ibishikana bemera ubwicanyi (...)

Ubutungane buzogabaniriza ibihano ibishikana bemera ubwicanyi bakoze

samedi 26 Ntwarante 2016, par egide

Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa amenyesha ko abanyagihugu bishikana ku nzego z’umutekano biyemerera ubwicanyi n’ayandi mabi bakoze ko bazoshikirizwa ubutungane, ariko ko ibihano bohabwa bizogabanuka.

Igiporisi c’Uburundi guheruka kwerekana uwundi munyagihugu yavuzwe kw’izina rya KWIZERA Clovis batazina Désiré yiyemerera ko ari mu bagandaguye ababikira batatu b’abatariyanokazi Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79, hamwe na Lucia Pulici w’imyaka 75. Uwo munyagihugu yaje akurikira uwitwa Christian Claude BUTOYI yari yerekanwe nawe nyene n’igiporisi bavuga ko nawe yemera ko ariwe yabagandaguye.

Mu kiganiro c’abavugizi cabaye kuri uwu wa gatanu, umumenyeshamakuru wa IGIHE yarashatse kumenya namba izo mvugo zibiri z’igiporisi zidahuvya amatohoza kw’iyicwa ry’abo babikira bagandaguwe bunyamaswa.
OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko igiporisi gishikiriza ivyo kiba caronse ku biba vyabaye, ko bitabuza ko baronse n’ibindi bavyakira, kugira amatohoza abandanye. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko inyuma y’ukwumvirizwa, abo biyemerera ubwo bwicanyi bazoshikirizwa ubutungane, bagirizanye.

Muri ico kiganiro, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, Agnes BANGIRICENGE yamenyesheje ariko ko abishikanye bakiyemerera ubwicanyi bakoze hamwe n’amabi atandukanye bazogabanirizwa ibihano kuca kabiri c’igihano, agatanga nk’akarorero k’uwohanishijwe ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose azoca apfungwa imyaka 20, uwari gukatirwa imyaka 20 nawe apfungwe imyaka cumi.

N’umushikiranganji w’ubutungane, Aimé Laurentine KANYANA, mu kiganiro yatanze kuri uwu wa kane, yamenyesheje ko ubutungane buzokurikirana ababandanya kwishikana bavuga bagiye mu bwicanyi bwagiye burakorwa mu gisagara ca Bujumbura, akavuga ko uko intambwe ziba nyinshi ariko bifasha abariko barakora amatohoza mu ntumbero y’ukumenya ukuri. Ubutungane burakira ibishikirizwa, bukavyegeranya, mu nyuma bikazoshikirizwa sentare, nk’uko vyashikirijwe na Aimé Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane.


IGIHE

Messages

  • Reka iyo mikino canke izo nkina mico. Erega igihe kizogera vyose bije ahabona uko biri kose! Iyo buba ubw’umwe bwari ikindi!

  • Iconigihinyuza kitabesha kwiryo Ari irementanya murimwo mbere nuko nikimenyimenyi abavuze ko bishikanye nubu bidegenvya murabesha ubu abarundi ntituzongera kwemerako harumuntu numwe yasheshe amaraso yabarundi anzongera kwidegevya yaba muto canke mukuru turazi kwivyovyose muriko murabikora kugira mwikingire ariko ntituzovyemera

  • inzirayambere yokurwanya ubugizibwanabi nugukora ibikorwa kuko muburundi abanebwe babaye benshi nabagomba kuronka ubutunzi badakoreye nurwaruka ahogukora bagomba kuba abanyeporitike ndasavye ubutegetsi buhimirize abarundi gukora nogutuza amarigara nabari mumabohero nibabahe ibikorwa nibindibihugu abanyororo barakora nonene kwinzego ziriho kandi zitorewe natwebwe abenegihugu bagomba gukora abatagomba gukora ntibakwiye gusamaza abakora yari mbonankira charles umurimyi abateyakamo uburimyi nkora bworonsa akazi abantu barenga 2000 namatoni 2000 kumwaka umwe ariko harabuze uburyo kandi hariho abjejwe kuronderuburyo nabirirwa kumarigara abanyororo nibabahe ibikorwa bakore kuko nokurya bararya aderese kayanza ter 79928549/77743083

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.