IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubutungane buzokurikirana abishikana bavuga ko bakoze ubwicanyi

Ubutungane buzokurikirana abishikana bavuga ko bakoze ubwicanyi

jeudi 24 Ntwarante 2016, par egide

Umushikiranganji w’ubutungane, Aimé Laurentine KANYANA amenyesha ko ubutungane buzokurikira ababandanya kwishikana bavuga bagiye mu bwicanyi bwagiye burakorwa mu gisagara ca Bujumbura, akavuga ko uko intambwe ziba nyinshi ariko bifasha abariko barakora amatohoza mu ntumbero y’ukumenya ukuri. Ubutungane burakira ibishikirizwa, bukavyegeranya, mu nyuma bikazoshikirizwa sentare.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, umushikiranganji Aimé Laurentine KANYANA yamenyesheje ko abanyororo barenga amajana umunani na cumi na batatu bari bafashwe bagirizwa kuja mu myiyerekano aribo bamaze kurekurwa mu ngingo y’umukuru w’igihugu y’ukurekura abanyororo barenga ibihumbi bibiri.

JPEG - 94.7 ko
Aimé Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane

Uwo mushikiranganji avuga ko mu mabohero abantu ari benshi agereranije n’ibitigiri vyategerezwa kuba ntarengwa mu mabohero, ubushikiranganji arongoye bukaba bubandanya kuraba abashobora gutezurirwa hamwe n’abigenjeje neza.

Umushikiranganji w’ubutungane, Aimé Laurentine KANYANA yamenyesheje kandi muri ico kiganiro ko abacamanza cumi na batatu aribo bapfunzwe bagirizwa ukurya ibiturire. Uwo mushikiranganji yari yamenyesheje ko agiye guhagurukira ukurwanya igiturire ciraye mu bushiranganji bw’ubutungane, akavuga ko amadosiye y’abandi akibandanya gukorwa, hamwe n’abandi bamaze kuciribwa imanza kubo icaha kimaze kubagira.


IGIHE

Messages

  • ewe madame murabuze ico mukora kwel!!!!!

  • NTIMUZOCE IMANZA ZITABEREYE KUKO IMANA YOZOBIBAHANIRA MUGUCA IMANZA NTIMUZORABE UBWOKO UMUNTU AZOBA YAKOZE IKIBI AVUKAMWO CANKE UMUGAMBWE AZOBA AVAMWO MUZOCE IMANZA ZIBEREYE NIKO IMANA IVUGA

  • nne aho mutubesha ngo bariko barekugwa ko atabo tubona? nimwikubte agashi mubarekure batahe mumiryango yabo erega umunyororo urababaza kand uriko uzira ubusa!

  • Sawa sawa! Abagiye bishikana nibaba bari bahenzwe ngo bazokingirwa ntaco bazobagira canke bahendesheje udufaranga, nibakome! Inda ndende ihumira indya! Baguma bavuga ivyo babigishirije muri documentation bagira ngo bizokwijana? Amahera bayarya bagira bizogarukira ngaho? Ntamera y’umurozi, n’abandi bagihendeshwa amahera kugira bavuge ivyo batazi canke babeshere abandi nibigire kuri abo. Bagiye kuzoborera mu Mpimba ababikoze bibereye kw’icupa! Komesha!
    Habaye umugabo yaciye kugahanga mw’ibarabara arakabaza ati: mbe gahanga wishwe n’iki? Nako karamwishura gati: jewe nishwe n’urw’abagabo ariko weho uzokwicwa n’akarimi kawe. Uwo mugabo avuye aho ashika abivuga ibwami ati: mpejeje kubona agahanga mw’ibarababara kavuga! Bati hogi utwereke. Baragenda bagashikiriye barakavugisha karanka kuvuga. Bamubwira bati kavugishe rero twumve. Agerageza kukabaza nk’ubwambere ati: Mbe gahanga wishwe n’iki? Nako ngo cwe! Agerageza kukabaza karanka kuvuga. Munyuma uwo mugabo arafatwa aricwa yagirijwe kuba ariwe yishe urya muntu nyene karya gahanga. Sije nohahera hohera hohera satani n’abagirira nabi abandi bakoreheje ibinyoma! Ururimi nirubi ntimukemere kuvuga ivyo mutazi kandi ntimukemere kwoshwa nabi kugira mugirire nabi abandi.
    Icerekwa n’ikibona ikibwirwa n’icumva!

  • Yoho !! Uwomugore Iyaba Ariw Yoruciy Ntakarenganyokobayemwo Nahonamba Ariwe Aca Nizarizihasanzwe ( Asankuko % ! ) Yobayambaye Ibara.

  • Madame, courage kweli umugambi wari mwiza mugabo sinzi ko hari kinini muzoshikako, kuko igiturire cabaye nk’umuco mu buze butandukanye bw’igihugu vyashika mu butungane bikunyuka. Ubu ubutungane busigaye bugurwa, urubanza barucira neza uwatanze menshi, kandi la situation est généralisée. C’est tellement grave.
    Ariko merci kugira n’intambwe na ntoyi kumbure haraho vyogabanuka, na cane cane muje murahana n’abagitanga iyo bamenyekanye!

  • Madame, courage kweli umugambi wari mwiza mugabo sinzi ko hari kinini muzoshikako, kuko igiturire cabaye nk’umuco mu buze butandukanye bw’igihugu vyashika mu butungane bikunyuka. Ubu ubutungane busigaye bugurwa, urubanza barucira neza uwatanze menshi, kandi la situation est généralisée. C’est tellement grave.
    Ariko merci kugira n’intambwe na ntoyi kumbure haraho vyogabanuka, na cane cane muje murahana n’abagitanga iyo bamenyekanye!

  • Muraja ngaho mukarazirana ngo ubutungane bukora neza ahasigay budakey kabiri ngo barya ibiturire . Ngo abishikana bazohanwa hahaha ... Nureke sha bagora ikunda yikorere akazi kiwe kirementanya wew ntaco ushoboye uriho nkibuye riteretse mwigori. Ikibabaje nudututsi tugiye gukurwa mukazi tuzira ngo ibiturire hama tuzopfire muri gereza . Ariko Imana isumba ingabo umututsi yamye yicwa ariko ntazova kwisi kuko bari mubwoko bw’ Imana .

  • Je Ndizey Ko Ubutungane Uw Mushiranganji Arongey Ko Ubu Bugiye Gukora Ataguhengama Kuk Numva Neza Hamw Uwo Mushikiranganji Yobandanya Yikira Kukivi Avyirabira Ngira Nakarengany N,igiturire Vyogabanuka Bigatuzwa Burundu.Nakomeze Uwo Mushikiranganj Wubutungane Kuk Vyos Bifatiye Kubutungane Ngir Hazogir Igihinduka.

  • nibabareke hari uwuzi yuko atagiturire usaba ntamwonga ubura insato iba itahizwe.

  • barabanza gukurikirana ababiteye ivyo vyose

  • Oya Nivyo Bakwiye Gufatwa Bagahanwa Hisunzwe Amategeko.

  • Ahubwo mwaratevye bakurikirane, uwagigwa nicaha ahanwe uwo atakimwagira arekugwe kuko benshi bazirubusa

  • mbewamugorewe ntason? mbenkayomagambo uvugira kumaradio ngowarekuy abegwa napotik ntamutima ugira iyaba harimwo abawe ntamajambonkay wohopok arikonawe uzobibazwa siker

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.