IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubutungane bwagirizwa kurera amaboko mw’idosiye y’igandagurwa ry’ababikira (...)

Ubutungane bwagirizwa kurera amaboko mw’idosiye y’igandagurwa ry’ababikira batatu

mardi 3 Ntwarante 2015

Abamenyeshamakuru n’abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike yagize uwakabiri w’urwatsi rubisi, aho bashiriye bumwe mu butumwa umushikiranganji w’ubutungane, uwuserukira Papa mu Burundi hamwe n’abasenyeri Gatorika b’i Burundi.

Muri urwo rugendo rwari rwitabwe na bamwe mu barongoye amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, bamwe mu bayobozi b’ibinyamakuru n’abamenyeshamakuru, bakaba batanguye kujana urwo rwandiko ku bushikiranganji bw’ubutungane, aho basanze abaporisi isinzi bameze magabo. Ariko abo bamenyeshamakuru bakaba baciye baja mu bushikiranganji bw’ubutungane, aho naho umwunganizi w’umushikiranganji w’ubutungane ariwe Charles Nduwimana, akaba yabanje gusa n’uwanka ko iryo kete ryandikiwe umushikiranganji ryakirwa, inyuma y’impari zitari nke, urwo rwandiko rukaba rwaciye rwakirwa.

Patrick Nduwimana icegera c'uwurongoye ABR

Ku bwa Patrick Nduwimana yavuze ku bw’ayo mashirahamwe yo kuri uyu wa kabiri witiriwe urwatsi rubisi, avuga ko babandanya gusaba ukuri ku bishe ababikira batatu b’abatamakazi bava mu gihugu c’Ubutariyano, hamwe n’ukweza umumenyeshamakuru Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA ijwi ry’abanyagihugu, aho yafatiwe ibihano vyo kutarenga igisagara ca Bujumbura, inyuma yo gupfungwa ukwezi kwose.

Patrick Nduwimana rero agatangazwa n’ingene ubutungane atashaka bufise kugira abakoze ishano ryo kwica abo babikira bari basanzwe bafasha abanyagihugu batobato bamenyekane. Avuga nk’ingene ubwa mbere hafashwe Claude Christian Butoyi vyahavuye bimenyekana ko afise ubumuga bwo mu mutwe, mu nyuma bagapfunga umumenyeshamakuru.

Basaba rero yaba umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye, uwuserukira Papa mu Burundi eka n’inama nkuru y’Abepiskopi Gatorika mu Burundi, gufasha kugira yaba umuryango w’abo babikira batatu, umuryango w’abasaveri bavamwo, Ekereziya Gatorika eka n’umuyobozi wa RPA bose batunganirizwe. Basaba kandi ko hajaho umurwi w’abacamanza b’abashingantahe ataho begamiye, kugira batange umuco kw’iryo gandagurwa ry’abo babikira.

Charles Nduwimana umwunganizi w'umushikiranganji w'ubutungane

Aristide Nizigire

Messages

  • ehe ico kigabo ngo ni charles ingene cagayanye hiiiiiii mbega yari bwabone ubwishime bwari bufise abashigikiye laurent bagbo none ubu mwomenyera bagezehe gayemwe ? ewe Charles isi irazunguruka kandi ba muhonyera kwisi muzi ko umunsi umwe izobamira ibwishime ntaho bushikana umuntu .

  • mbe kwarimyiyekano yabatutsi gusa nibo babaye gusa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.