IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubutungane bwarekuye abamenyeshamakuru bari bafatiwe mu Nyakabiga

Ubutungane bwarekuye abamenyeshamakuru bari bafatiwe mu Nyakabiga

vendredi 29 Nzero 2016, par egide

Ubutungane bw’Uburundi bwarekuye abamenyeshamakuru babiri b’abanyamahanga bari bafashwe ku muhingamo wo kuri uwu wa kane muri karitiye ya Nyakabiga. Naho barekuwe, bompi batswe uburenganzira bw’ukurangurira umwuga w’ukumenyeshamakuru mu Burundi.

Moore Philip Edward wo mu gihugu c’Ubwongereza hamwe na Jean Philippe Rémy umufaransa akorera Ikinyamakuru Le Monde, bari baraye ijoro ryabo rya mbere mu gasho k’igendereza i Bujumbura, inyuma y’aho bafatiwe n’igiporisi muri karitiye ya Nyakabiga. Amakuru yari yatanzwe n’igiporisi c’Uburundi yavuga ko abaporisi bariko bakora ibikorwa vyabo ba minsi yose, mu gihe bahabwa amakuru ko aho mu Nyakabiga hariko habera inama y’abantu bitwaje ibirwanisho.
OPP2 Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko uwo murwi w’abitwaje ibirwanisho wari kumwe n’abo bamenyeshamakuru babiri, Moore Philip Edward na Jean Philippe Rémy.

Igiporisi c’Uburundi cabagirije ko bari kumwe n’abantu 15 bagirizwa ko ari abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho.
Inyuma y’ukwumvirizwa kuri uwu wa gatanu, ubutungane bw’Uburundi bwafashe ingingo y’ukurekura abo bamenyeshamakuru, ariko ibikoresho vyabo vy’akazi hamwe na terefone ngendanwa zabo bikaba vyafashwe. N’ikigo kijejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi kikaba cafashe ingingo y’ukwaka abo bamenyeshamakuru uburenganzira bw’ukurangurira akazi kabo ku butaka bw’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Biratangaje kubona umumenyeshamakuru avamukindi gihugu akaza Burundi kugirana utunama nabantu bamaze kutwicira abarundi barenga 400 !!!

  • Mwiriwe neza?
    Mbe amategeko y’uburundi ko ariko agenda azikwa?
    umunyamakuru aremererwa kuvugana n’abagizi banabi,nabarwanyi bo n’ibisuma kuko aba ariko arahiga amakuru kandi ayomakuru niyo ahindukira agafasha inzego z’umutekanao.
    Mbe nigute igihugu kigengwa n’amategeko gifata iterefone canke ibindi bikoresho vy’umwuga vy’umuntu bigakoreshwa atari hafi?ingingo ya 76 kukigabane ca kane mugace k’indwi rivuga kumumenyesha makuru yakwa ibikoresho canke agahagarikwa n’umurwi udasanzwe ufadikanije n’abakoresha w’uwo mumenyesha makuru. Bucumi Moise reka kuvuga ivyuba utakoze kuko Sakirimi kibi yatanze umurozi gupfa,bisigura ko abagukoresha kuvuga,ushobora kubazwa ivyo wavuze bobo bitwengera.

  • Iyo nsomye amakuru y’inyifato ya reta y’i Burundi,vy’ukuri biribonekeza ko abarundi n’abaswa b’imbunuza bikomeye just kubera baba bakuriye mubyaro,yaheza amashule ntagihugu gitey’imbere aba yigeze ageramwo,ubwo rero ivy’akora vyooose n’ivy’abaswa tu!!Ex:abanyamakuru ba Al-Jazeera ko baja kuaniriza Osama,Leta z’aho bakorera zaca zibaka impusha canke zikabafunga?Niyo mpamvu abarundi dkwiye gutembera amahanga tukiga no kurabira kubandi,ubuswa bukadushiramwo

  • nivyizakobatabishe mbona uburundiarihatari gisigaye arurudubi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.