IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuyapani bwatanze imiliyoni 6,8 zizofasha mubijanye ninfungurwa

Ubuyapani bwatanze imiliyoni 6,8 zizofasha mubijanye ninfungurwa

mercredi 13 Ruhuhuma 2013

Umushikiranganji wo gufashanya kw’u Burundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure ari kumwe n’uwuserukira igihugu c’u Buyapani bashize umukono ku masezerano y’ingabire mu bijanye n’infungurwa.

Iyo ngabire yatanzwe n’igihugu c’u Buyapani ibicishije kuri Takata Toshihisa aserukira igihugu c’u Buyapani ingana amafaranga yababa imiliyoni zitandatu n’ibice umunani mu madorare y’abanyamerika.

Nk’uko Takata yabimenyesheje abamenyeshamakuru bo ku nsamirizi y’igihugu,iyo ngabire izokoreshwa mu mugambi wo kurwiza ibifungurwa na cane cane mu gisata c’ingano.

Laurent kavakure yamenyesheje ko iyo ariyo ngabire ya mbere Reta y’u Buyapani ihaye igihugu c’u Burundi mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi wa Reta wo kurwanya ubukene igice ca kabiri.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.