IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imfashanyo zose ubumwe bwa Buraya bwatanga ku Burundi zishobora (...)

Imfashanyo zose ubumwe bwa Buraya bwatanga ku Burundi zishobora guhagarikwa

samedi 13 Ruhuhuma 2016, par egide

Abashikiranganji 28 b’imigenderanire n’ayandi makungu b’ibihugu biri mu muryango w’ubumwe bwa Buraya bazokoranira kuri uwu wa mbere mu gisagara ca Bruxelles, kugira bafatire hamwe ingingo, inyuma y’aho ibiganiro hagati ya Reta y’Uburundi n’uwo muryango vyankiye.

Muri uwo mubonano w’abashikiranganji 28 b’imigenderanire n’ayandi makungu b’ibihugu biri mu muryango w’ubumwe bwa Buraya, ingingo izofatirwa Uburundi izoba iturutse ku biganiro hagati y’Uburundi n’iryo shirahamwe bitagize ico bishikako mu bijanye n’agateka ka zina muntu, ibiganiro vyabaye muri Kigarama 2015, ubumwe bwa Buraya bukaba bwarondera umuti w’ibibazo Uburundi burimwo kuva muri Ndamukiza 2015 hatanguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURNZIZA.

Ingingo itegekanwa gufatirwa Uburundi akaba ari uguhagarika burundu imfashanyo n’amasezerano y’ugufashanya yahora hagati y’Uburundi n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya, hamwe n’uguhagarika ibikorwa vyose vyahora vyinjiza amafaranga mu kigega ca Reta. Muri iyo ngingo ishobora gufatirwa Uburundi, ubumwe bwa Buraya butegekanya ko imfashanyo zishikira ubwo nyene abanyagihugu (Actions humanitaires bénéficiant directement à la population burundaise) zizogumizwaho.

Umuryango w’ubumwe bwa Buraya niwo wahora utanga amafaranga menshi yafashishwa Uburundi. Mu kirongo co kuva mu mwaka w’2015 gushika mu 2020, ubumwe bwa Buraya bwategekanya gufashisha Uburundi amafaranga y’amanyaburaya agera ku miriyoni 430.


IGIHE

Messages

  • Ntayo dukeneye ayonayobaje kuducanishamwo ntamafranga tubasavye uburundi bufis abagenzi benshi’

  • bahagarike ivyabo ariko batange amahoro kuko n’ubundi ntibazohira badufasha gushika yesu agarutse. atakuduha amahera aherekejwe namagrenade yo kumara abantu. ninkoguha umuntu injya zirimo uburozi.

  • Mbe Ubumwe Bwaburaya Ntimura Menya Ko Ukutubahirizwa Kwagateka Kazina Muntu Bihagaze Kurwanda Ruguma Rurungika Abatera Amagerenade Babwire Bahebe Uburundi Bucabutekana.

  • ARIKOKO MUREMEYE UMUNTU UMWE GUSA ATUME INGANDA ZITIKIRA MBEGA MURI AYITI VYAGENZE CANKE MURI PANAMA ARSTIDE NA NORIEGA UBU ABANYAGIHUGU NTIBIRUHUTSHA NAMWE NGO TURATEYIVYATSI BIBAHO NTIYOVAHO AMAHORO AKABONEKA HAKINGANDA ZOTIKIRA?

  • abarundi barugalijwe nibibazo kubera inda nini nubusambo bwa Bahutu

  • @liLLy. Nukuri uri icyohe cy’igipfapfa. Ubugome ubukomora kunkoramaraso so wanyu Kagame. Uzapfana agahinda kuko abahutu ntimuzabica ngo mubamare . Ubwenge bwawe burutwa n’ubwingurube.

  • ntayo mukeneye mwaretse kubivuga mukicecekera ko mutunganiwe.

  • Hano, ndabona abariho barandika ngo nibagumane izo mfashanyo zabo. Sha, nimubwejagure, ejo, cyangwa ejo bundi, numara kabiri utariye, nibwo muzamenya itandukaniro hagati y’ubuyobozi bwiza, bushije imbere gukorera abaturage, n’ubuyobozi bubi, bushize imbere inda zabo, no kurimbura abo bashinzwe gukingira...

  • BEMBA ACA LILI GIPINA MWESE KUMEGA MURIKO MWIPFURIZ UBURUNDI IKIGONGWE KUGAHEMO BAMWE MURIMWEBWE MWARAHUNZE ABANDI MURINKOTANYI NIMUREKE KUTWUNVIRIKIGONGWE TURIRUANZISHA NA TUTARUMARIZA SISI WENYEWE MUZOPFA MUBOROGA ARIKINKONA NABAGUMYABANGA TUZOGUMA TURIHO IMANIRATUBONA NAKARE INKONA NTIYARUZWA

  • EWE MANA IGIHUGU KIBAYE ICANDE?TABARA TWEBWE ABARUNDI.

  • Ni mureke twigire twishakamo ibisubizo tureke abo banyamahanga baduteranya bitwaje inkunga zabo zize zubaka zibura ubuzima bukomeza turagunda mzehe wacu PK

  • no; don’t ignore burundians because of their political conflicts! are those political conflicts worth than burundians? so,keep friendship as honest ones!

  • nukuri twebwe ntaco badufasha burebubure!ubundi ho ntitubayeho ataco badufasha? nibamureke yi hemere mutama.

  • Abaguma batera izo grenade ntabandi nizo Nterahamwe mwahaye icicaro I wanyu

  • Niyugarwe burundu kuko niyo ariko arakoreshwa muguhemba, abariko baragandaura abantu. izo miriyoni 430 bozimarisha beshi nukuri, fata ibihano atakinya. nabo mukwica ntakinya bagifise, nka Dariyusi na Dezire, nabandi nabandi ntiriwe ndavuga. noneho batoyuburyo bwokuyarondera mubantu bafashwe mukubatoza amamirioni ngobabarekure,ya tagwa bukeye bagatorwa ibiziga. ubwonibwo buhinga batoye bwokurondera amahera baribasazwe bahambwa namakungu.

  • mbuz inkoni j nobakubita!pfuma muyadufashishamwo!tw twabuze akazi hoho.turembemvy muyaduhe ego.

  • Mbega mugeza kuyoborwa ni jiji Peter yibe mandat ,Rwasa nawe amugiye yibagiye safisha Nduwimana inyugu ziwe ahonyeje Imikagara ya ba tutsi sha ivyo murimo biteye ikigongwe

  • Jewe ntavyo niteze kwivyo bazohava babikora,nabo nyen nib bandi baguma badusamaza mur vyinshi twitega ngo bagiy gufata ingingo ruhasha ark amaso agahera mu nzira nkuk womenga nkurunziza abashira kw’imiti bagac bisubirako.

  • Ahubwo bazihagarike gose batibagiye noguhagarika guha ibirwanisho akokarwi kabicanyi batibagiye no kwirukana abambasaderi bose baserukira akokarwi kabicanyi murivyobihugu bigize EU nukudasubira kwemerera umwicanyi numwe wo murako karwi kwinjira murivyo bihugu nogushigikira ingingo ububiligi n’Ubufarasa bafashe yo kurungika inteko zicungera umutekano winzira karengane nkurumbi nakarwi kiwe bariko baragandagura harimwo nokumufata gugirango ashikirizwe imbere yintahe

  • mbe ndababaze aba nyabura nizo mana zacu?OYA.twebwe abarundi turabaraganwa b’IMANA,UWUHORAHO,RUREMA.barya bobishimije isi arikwo twebwe twishiye UWUHORAHO.

  • Ahubwo Batebje Kuko Mbona Dusa Nabapfuye Muri Kazoza Kacu.Kuko Bigumye Uku Simbona Aho Tuva Naho Tuja.

  • Haha ibihugu bigize ubumwe bwa Bulaya vyugaye ubuserukizi bwu Burundi vyose mumwaka umwegusa murubwobumwe hobahijiyemwo akajagari karenze akari muri Africa.

  • @ Ernest

    Mbe ko batarafata Buyoya kwariwe yishe benshi, ayo mashetani yose aragatsindwa n’ Imana Rugiravyose. Aho abantu bapfiriye murico gihugu kuva turons’intahe yo kwikukira ko batigeze bavuga nkuko babigira ubu? Mbega abapfa bari ibimonyo nibagende twarabahinyuye.

  • JENDABAZA NONEKO UBURUND KOMUGUMABUDADIKAMURIVYOSE BURABONA UMUTI ARUWUHE YAMARA IYONAMENYAYAMIZA MUNYUMA JEMBONABWOKWEMERA IBIGANIRO MWEMURABONA KUKOKUDADIKA HARAHOBUZOBUGEZA?

  • Ababirgi Bataraza Abarundi Twarabaho,nibagendend Iwabo.Ntacobaribatumariy Nakare Twaguma Turi Abanyuma Kwisi Noe Mumva Baribamaze Iki,hoshi Genda Mutware Nivyobikozi Vyanyu Imana Izobahemba Toka

  • abarundi twense nidutekane vyonse imana izobidadanura ubwamibwayo nibwashika tuburindire ahobuzozira saw

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.