IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ugufashanya mw’iterambere n’ukugarukana amahoro vyoshirwa imbere

Ugufashanya mw’iterambere n’ukugarukana amahoro vyoshirwa imbere

mercredi 20 Munyonyo 2013

Mu nama amazemwo iminsi ibiri mu gihugu ca Koweit, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mw’ijambo yashikirije kuri uwu wa gatatu, yibukije ko amahoro n’umutekano arivyo mushinge w’ibikorwa vyose vy’iterambere. Yahamagariye abafasha Uburundi bo mu bihugu vy’abarabu ko borwiza uburyo bukenerwa buhabwa ibihugu vyo muri Afrika birungika abasirikare kugarukana n’uguhagararira amahoro mu bihugu yahungabanye, kugira kandi ivyo bihugu birungike abandi basirikare muri Centrafrika no muri Mali, kuko ari igikorwa ibihugu biri mu ntambara bitokwishoboza vyonyene.

Ku bijanye n’igihugu c’Uburundi muri iyo ntererano yo kugarukana amahoro, n’aho uburyo bukenewe butaraboneka, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ingabo zigera ku gihumbi arizo ziteguriye kurungikwa mu makungu, bamwe bazorungikwa muri Centrafrika, abandi muri Mali. Petero Nkurunziza yemeye ko Uburundi buzokwama bufasha uko bubishoboye kwose kugira amahoro akwire isi yose, abanyagihugu bakiri mu ndyane bakire amarira ya minsi yose. Nk’uko Uburundi kugira bugarukane amahoro n’umutekano bwafashijwe n’imihingo yose y’isi, haraheze imyaka cumi, Petero Nkurunziza yasubiriye kwibutsa ko kw’izina ry’abarundi ko Uburundi buzokwama buterera agacumu k’ubumwe ahantu hose bizoba bikenewe, nk’uko bwavyerekanye mu gihugu ca Somariya mu bikorwa vya AMISOM, aho ingabo z’abarundi n’abandi bariyo zashoboye kwemera gusesa amaraso kugira iterabwoba ry’imirwi ihagwanira rituzwe.

Yaboneyeho n’akaryo ko kuremesha n’ugutera intege abanyagihugu bo mu Misiri bariko baca mu bihe bidasanzwe vy’indyane. Kbw’ukwitanga kw’abanyagihugu bo mu Misiri, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabipfurije gusubiza hamwe, bakire ibisebe batewe n’intureka bamazemwo iminsi.

Mu cegeranyo c’ibijanye n’ubutunzi n’ugufashanya cashikirijwe abari muri iyo nama yatanguye ku munsi w’ejo kuwa kabiri, ibisata vy’iterambere rya Afrika n’ibihugu vy’abarabu vyarashimangiwe kurusha ibindi. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabishimye, aca asaba ko itangwa n’itunganwa ry’izo mfashanyo vyokwumvikanwako neza hagati y’impande zompi kugira n’ikoreshwa ryazo rigire akamaro. Yasavye ikigega ca banki y’itermbere ry’abarabu (Banque arabe pour le développement économique de l’Afrique : BADEA) ko coduza igitigiri c’amafaranga catanze muri uwu mwaka w’2013, n’iy’umwaka w’2014 buca utangura.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, muri iryo jambo yashikirije kuri uwu wa gatatu yasavye iyo banki BADEA y’iterambere ry’abarabu gutegekanya uburyo bwokoreshwa mu vyigwa vyo kuraba namba imigambi y’igihugu, canke y’akarere, ko ishoboka. Kubwa Petero Nkurunziza, biramaze kuboneka ko ibihugu vyo muri Afrika bifise imigambi myinshi yogirira akamaro abanygihugu, ariko itigera ishikwako ku ngorane y’ukubura uburyo bw’ukuyiga neza kugira n’abofasha babone vy’ukuri ko izoshikwako.

Yarangije ahamagarira abashigikira imigenderanire y’ubutunzi hagati ya Afrika n’ibihugu vy’abarabu gufata mu mugongo Uburundi muri iki gihe buri mw’ihangiro ry’ukurwanya ubukene, ku kiringo ca kabiri (CSCLP : Cadre Stratégique de Croissance et de Lutte contre la Pauvreté, Deuxième Génération).


Egide Nduwimana

Messages

  • NYAKUBAHWA PEREZIDA PETERO NKURUNZIZA TURABASHIMIRA KUBIKOGWA VYIZA VYISHI MUKORA NOGUSHIRA IMBERE KUVUKANISHA ABENE GIHUGU . NAHO HARIHO BAMWE BASHAKA KUBACANISHAMWO , KUKO IBIKOGWA BABIGIZE INDAHIRO NIBACIREBIRARURA IMANA ISHIMA ABAKORA. NYAKUBAHWA PEREZIDA PETERO NKURUNZIZA SONGAMBERE MUBWITONZI WAMANYE WAGUKIRA ABANDI... MURAKOZE. IMANA IBAHEZAGIRE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.