IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ukwumvirizwa ni imwe mu nyishu zofasha ababuze ivyabo n’ababo mu (...)

Ukwumvirizwa ni imwe mu nyishu zofasha ababuze ivyabo n’ababo mu mpanuka

mardi 11 Ruhuhuma 2014

Ibiziga birabandanya gutorwa gushika ubu inyuma y’imvura y’isegenya yaguye urutavanako, igahitana abantu barenga 150, n’ibintu bitaramenyekana uko bingana.
Iyo mvura y’isegenya yaguye mw’ijoro ryo kuwa mungu wa 9 Ruhuhuma ushira uwa mbere wa 10 Ruhuhuma n’imvura yaguye mu buryo butari bumenyerewe kandi butangaje kuko yatemye iratongira abantu n’ibintu.

Yaba abahaburiye ivyabo n’ababo, yaba abajejwe gukinga impanuka canke abajejwe ihindagurika ry’ibirere, ntawuratahura ubushobozi iyo mvura yazananye ku bintu n’abantu yahitanye, ntihagire n’uwushobora gutabara kubw’inkomezi nyinshi yazananye.
Ivyakurikiye kubera iyo mvura ntivyatevye kwibonekeza mu mice itandukanye y’ubuzima bw’abantu n’igihugu. Hirya no hino amarira niyo aharangwa, na cane cane kubahaburiye ivyabo n’ababo.

Umuntu yihweje ivyokorwa mu maguru masha kubashikiwe n’ivyago, biboneka ko yoshira imbere kugarukira ababuze ivyabo n’ababo mukubaronsa imfashanyo, haba mukubavuza, kubaronsa ivyo bafungura canke aho bakika umusaya.
N’aho ivyo ari vya nkenerwa, harakenewe kandi ko ababuze ivyabo n’ababo babegera bakumvirizwa kugire biyumve ko bagarukiwe. Atari uko, hashobora kwibonekeza inkurikizi zo mu mutwe zivuye ku kutumvirizwa.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa kabiri wa 11 Ruhuhuma 2014, Médiatrice Nibaruta, umuhinga muvy’inyifato yamenyesheje ko kwumviriza umuntu, na cane cane igihe uwo muntu ari mu bihe bitoroshe, ari igikorwa nyamukuru gikenewe mu gufasha ababa babuze ivyabo n’ababo.
Muti none inkurikizi zishobora kwibonekeza igihe umuntu yashikiwe n’ibimurengera hama ntaronke uwumwumviriza ni nk’izihe?

JPEG - 704 ko
Médiatrice Nibaruta, umuhinga muvy’inyifato

Umuhinga Médiatrice Nibaruta, avuga ko inkurikizi zitaza co kimwe ku bantu bose kuko abantu batagira inyifato zimwe bihwanye nivyo baba bariko baracamwo. Ariko, iyo umuntu ashikiwe n’ikintu atari yiteze kimuca umutima, akenshi arahahamuka, hari n’abata ubwenge.
Iyo rero ataronse umuntu amwegera, amugarukira kugira amwumvurize, umubabaro aba yagize muriwe ushobora gukwega n’izindi nkurikizi zitari nziza. Uwo yahuye n’ibibazo ashobora guca ahindura inyifato yahora afise, ntasubire kuryoherwa n’ubuzima, agatinya, akagira ivyo bita Phobies, ni ukuvuga ko iyo hagize ikintu kiza gisa nk’icamuhahamuye ubwa mbere, bishobora guca bimwibutsa umubabaro uri muriwe.

Kurwiza ibiganiro kubahuye n’ibibazo vy’ubuzima, kubasohoza imibabaro iri muribo, kubumviriza no kubatahura, ni bimwe mubishobora gufasha kugarukana ivyizigiro ku bahuye n’ingorane z’ubuzima zigoye kwitura.
Umuhinga muvy’inyifato, Médiatrice Nibasumba avuga ko barya bantu babuze ivyabo n’ababo mu mvura y’isegenya iheruka kurwa, bakwiye kwegerwa bakumvirizwa, na cane cane bakabafasha gusohora muribo ivyababaje imitima yabo, kugira babarinde inkurikizi zikomeye zishobora kwiyadukiza nko gusasara mu mutwe.


Mariella Bukuru

Messages

  • Nivyo Kubunviriza,arikomurebeneza Nabandibashonjibati,fatanyanabo biriza Kugirangobaronkifashanyo.

  • Aka kanya uvuye muri Campus ga Médi ugaca uja mu Gisovu ca Bubanza usigaye uri Umuhinga muvy inyifato?
    Abakwigishije nabo?
    Urantwengeje!Za murimenyekanisha nyene murabeko mukwironderera ubuzi

  • wewe wiyita Muhanuzi sivyiza gucokoza umuntu kuko ivyo yavuze ntawe yatutse mundero y UMURURUNDI yarezwe kirazira gutukana none mwebwe ko mwize mugabo degreeor Phd. zanyu tukazumva nkimigani dukeneye abize hanyuma bakanabikora apana abize bakabinyegeza MEDI komeza ufasha abakeneye impanuro ntuterwe ubwoba nivyo bavuga be yourself nobody will decide who you should be it is your own responsibilities to be who you want to be thanks.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.