IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuco ntukwiye mw’itangwa ry’amasoko mu nzego z’umutekano n’ukwivuna (...)

Umuco ntukwiye mw’itangwa ry’amasoko mu nzego z’umutekano n’ukwivuna abansi

mardi 8 Ndamukiza 2014

Umuco ntukwiye mw’itangwa ry’amasoko mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi, nk’uko vyashikirijwe mu cigwa cakozwe n’amashirahamwe ABUCO (Association Burundaise des Consommateurs), bari kumwe n’ishirahamwe Transparency international.

Amashiramwe abiri ariyo Transparency international hamwe na ABUCO yashize ahabona icegeranyo c’icigwa bakoze cerekeye ukuraba uko intwaro ibereye hamwe no kurwanya ibiturire vyifashe mu bushikiranganji bubiri, aribwo ubushikiranganji bwo kwivuna abansi hamwe n’ubw’umutekano.
Muri ico cigwa, basanze muri izo nzego hari ibisata bimwe bimwe igiturire ciraye. Akarorero muri ico cigwa batanze, ni ingene ata muco ukwiye uhari mw’itangwa ry’amasoko muri ubwo bushikiranganji. Kubwa Noel Nkurunziza arongoye ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO, hari amasoko akorerwa mw’ibanga ugasanga asuzumwa n’abategetsi bakuru, ni naco gituma akenshi usanga ata muco uhari. Muri ico gisata, Uburundi rero bufise amanota make cane (26 kw’ijana).

Mu vyokorwa rero nk’uko tubishikirizwa na Noel Nkurunziza arongoye ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO, hotunganywa inyigisho ku bategetsi bo hejuru kugira bamenye gukorera ku mugaragaro, na cane cane mu masoko atangwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.