IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambi wo gutoza itagisi imwe ku mipaka ufise uturusho twinshi ku (...)

Umugambi wo gutoza itagisi imwe ku mipaka ufise uturusho twinshi ku badandaza

mardi 13 Rusama 2014

Ntagisivya umugambi wo gutoza itagisi rimwe ku mipaka mu bihugu biri mu karere ka Afrika y’ubuseruko uraja mu ngiro mu kwezi kwa Mukakaro, ivyo ni ivyashikirijwe na Léonce Niyonzima arongoye igisata c’amaduwane (Directeur des programmes et suivi au commissariat des douanes et accises ) mu kigo OBR.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 13 Rusama, ku bijanye n’ukwigisha no guhimiriza ku vyerekeye ivyo gutoza itagisi rimwe ku mipaka, mu kigo OBR barashima intambwe Uburundi bugezeko mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi wo gutoza itagisi rimwe ku mipaka (territoire douanier unique).

Léonce Niyonzima amenyesha ko akarusho ka mbere Uburundi buzokwunguka ku badandaza, ari uko hazoba ukworohereza uruja n’uruza ku bidandazwa, ivyo guhanahana ibidandazwa bizonyaruka, bizotuma abahora barengana badatanze amatagisi basozererwa, bizotuma kandi ivyo gutesha umwanya abadandaza baca ahantu hose basuzumwa bihava, kuko vyatuma ibidandazwa bihononekarira kubera gutekurura bongera batekera, aho mbere ibidandazwa bimwe bimwe vyahatakarira.
Abadereva batwaye ibidandazwa ntibazosubira kumara umwanya munini ku mipaka.

JPEG - 1.1 Mo
Léonce Niyonzima arongoye igisata c’amaduwane (Directeur des programmes et suivi au commissariat des douanes et accises ) mu kigo OBR

Akandi kunguko n’uko hazokora urukaratasi rumwe, ni ukuvuga ko bimwe vyo kudondora ibidandazwa "Déclaration" ku mipaka yo hagati mu gihugu bitazosubira kuhaba.

Intambamyi ariko ntizibuze muri uwo mugambi

Naho biri uko, intambamyi zo ntizabuze mw’itegurwa ry’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi. Mu kigo OBR bavuga nk’intambamyi yo guhanahana amakuru ku vyerekeye ubuhinga bwakoreshwa kare n’ubuhinga bundi bushasha bugiye kuzokoreshwa.

Mwomenya rero ko atagihindutse, uwo mugambi utegekanywa gutangura kuja mu ngiro mu kwezi kwa Mukakaro uwu mwaka w’2014.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.