IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambi wo kugabanya imiduga ya Leta wisunga amategeko

Umugambi wo kugabanya imiduga ya Leta wisunga amategeko

mardi 9 Ndamukiza 2013

Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu, Jean Claude Mpawenimana yamenyesheje ko ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo kugabanya imiduga ya Leta mu Burundi ririko ritunganwa n’umurwi wigenga.

Yibutsa ko uwo mugambi wo kugabanya imiduga ya Leta ukora ku bakora muri Leta, abanyamabanga ntayegayezwa bo mu bushikiranganji butandukanye, hamwe n’abakora mu bisata bitandukanye vyegamiye Leta. Mu kwezi kwa Ruheshi umwaka w’2013, mu gihugu cose, uwo mugambi uzoba waranguwe.

Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu, Jean Claude Mpawenimana arabeshuza inkuru zivuga ko iyo miduga iriko idandazwa ku biciro bibayabaye. Kubw’umuyobozi Mpawenimana, umurwi ubijejwe uriko ukorera ku vyegeranyo vyakozwe n’abahinga batsindiye iyo soko biciye mw’ihiganwa ryabereye ku mugaragaro.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.