IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza ariko agerageza kunywanisha impande zipfa uburongozi bwa (...)

Umuhuza ariko agerageza kunywanisha impande zipfa uburongozi bwa COMIBU

jeudi 5 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Umuhuza w’abarundi ariko aragerageza guhuza impande zibiri z’ishirahamwe COMIBU zirwanira uburongozi.

Inyuma y’aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana asavye umuhuza w’abarundi kunywanisha impande zimwe zimwe zigaragaraza ukutumvikana yaba mu migambwe canke mu mashirahamwe, kuri uwu wa gatatu Nzero, Umuhuza w’abarundi yarashoboye kwakira umukuru w’uruhande rumwe rwiyitirira kuba ruri ku burongozi bw’ishirahamwe ry’aba islamu mu Burundi COMIBU, ari narwo rwemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Uwo mubonano ukaba wari ugamije gutorera inyishu ikibazo c’uburongozi muri iryo dini, kikaba kizingamitse iryo shirahamwe COMIBU (Communauté Musulmane du Burundi).

JPEG - 235.2 ko
Mohamed Rukara, umuhuza w’abarundi

Inyuma y’uwo mubonano, umuhuza w’abarundi yagiranye n’urwo ruhande rumwe, uwujejwe kumenyeshamakuru muri rwo rwego rw’umuhuza, Djuma Rukumbi yamenyesheje ko uwo mubonano uri mu rukurikirane rw’urwandiko umushikiranganji Edouard Nduwimana yandikiye umuhuza amusaba ko yoshigikira ubwo bushikiranganji busanzwe muvyo buraba harimwo amashirahamwe.

Djuma Rukumbi yamenyesheje ko umuhuza w’abarundi yari yipfuje kwumviriza uruhande rumwe ruvuga ko arirwo rurongoye uwo muryango COMIBU muri kino gihe hanyuma ku munsi ukurikira naho kuwa 4 Ruhuhuma, akaba yaciye yakira urundi ruhande rutemera indongozi za COMIBU ziriho. Umuhuza w’abarundi akaba yahaye impanuro zitandukanye izo ndongozi yakiriye, akaba abibutsa kubana mu mahoro. Umuhuza w’abarundi yabibukije ko idini rya Islamu ari idini ry’amahoro, ari naco gituma bari bakwiye kuyabumbatira na cane cane muri kino gihe, kugira abayoboke baryo bashobore kubana mu mwumvikano ntangere.

Urwo ruhande narwo rwakiriwe n’umuhuza Mohamed Rukara rwashimiye umuhuza w’abarundi kubona yemeye kubafasha, na cane cane ko urwo rwego rusanzwe rufise ubushobozi bwo kunywanisha, rukaba rusanzwe ruzi vyinshi ku vyerekeye iryo dini rya Islamu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.