IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukenguzamateka wo mu mugambwe CNDD FDD yafashwe

Umukenguzamateka wo mu mugambwe CNDD FDD yafashwe

mercredi 13 Rusama 2015

Umekenguzamateka Richard Nimbesha wo mu mugambwe CNDD FDD yafashwe, aca atwarwa na bamwe mu baporisi.

Uwo mugumyabanga wa CNDD FDD asanzwe azwi ko ari mu banka ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, bamusanze aho bita kuri palais des arts, aca atwarwa ahantu kugeza ubu hataramenyekana.

Uwo mukenguzamateka rero yafashwe mu gihe imyiyerekano y’abakenyezi yari ikomeye mu gisagara ca Bujumbura abakenyezi batewe ivyuka bikoroza amosozi, abandi babatera amazi.

Mu Bumanuko bw’igisagara, ho abantu bakaba banarashwe, aha tukabamenyesha ko nk’umusore azwi kw’izina rya Mpawenimana Egide, yarashwe mu kuguru, n’umuporisi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.