IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu akwiye gutomora ku kibazo c’ugusubira kwitoza

Umukuru w’igihugu akwiye gutomora ku kibazo c’ugusubira kwitoza

lundi 21 Gitugutu 2013

Ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Consciece et le Développement) rimenyesha ko umukuru w’igihugu yari akwiye kuva mu gacerere agatomora namba azokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2015.

Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Consciece et le Développement) atangazwa n’ingene ibwirizwa shingiro ryoba rigomba guhindurwa kandi abo vyega bose bataragishwa inama. Aho avuga abaserukira imigambwe yose yemewe n’amategeko, abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’abandi bose bagize uruhara mu kugarukana amahoro mu Burundi.

Kubwa Pacifique Nininahazwe, ibwirizwa shingiro rihari ubu ryavuye mu mwumvikano w’abarundi ubwabo, bipfuza gushika ku kubana neza mu mahoro. Vyoba bitangaje rero mu gihe ryohindurwa ku nyungu z’umuntu umwe gusa ashobora kuba ari umukuru w’igihugu. Iyo nteguro yo guhindura ibwirizwa shingiro yemejwe n’inama nshikiranganji mu nama zayo zo kw’igenekerezo rya 9 na 10 Gitugutu 2013. Ingingo 15 zikaba arizo zizohinduka, muri izo bikaboneka ko hoba harimwo ugushaka guha uburenganzira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bwo gusubira kwitoza.

Kuri ico kibazo abari bake baguma baharira c’ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, uwo arongoye FOCODE asaba umukuru w’igihugu kubwiza ukuri abarundi n’amakungu namba azohiganwa mu kiringo ca gatatu.

JPEG - 73.7 ko
Léonce Ngendakumana arongoye urunani ADC - Ikibiri

Mu runani ADC - Ikibiri kubwabo, nk’uko vyamenyeshejwe n’umukuru w’urwo runani, Léonce Ngendakumana, ukwo guhindura ibwirizwa shingiro nta kindi bigamije atari gusubiza Uburundi mu ntwaro z’umukazo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.