IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu arashimishwa n’utwigoro twa IFES mu ntumbero yo gutegura (...)

Umukuru w’igihugu arashimishwa n’utwigoro twa IFES mu ntumbero yo gutegura amatora

vendredi 28 Ruheshi 2013

Mu ntara ya Ngozi ni ho umukuru w’igihugu nyenicubahiro Petero Nkurunziza yugurura icese inama hagati yo gufashanya hagati y’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora urikumwe n’ishirahamwe IFES ry’abanyamerika.

IFES rero n’ishirahamwe ryemeye gushigikira amatora yo mu mwaka w’2015, ku mfashanyo ingana n’amadolari y’Amerika ibihumbi 950.
Mw’ijambo yashikirije mu bikorwa vy’ukwugurura iyo nama, umukuru w’igihugu c’Uburundi yashimiye ishirahamwe IFES mu bikorwa vyo gushigikira amatora mu Burundi, ndetse akaba yasavye n’abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi nabo nyene gukora ukwo bashoboye kugira amatora aze agende neza.

Muri ivyo birori vyariko bibera mu ntara ya Ngozi kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 28 Ruheshi, vyari vyitabwe n’abanyacubahiro batandukanye. Aha twovuga nka bamwe mu bagize Leta y’Uburundi, umuhuza w’abarundi, abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka, bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abajejwe umutekano, abaserukira amashengero, abarongoye imigambwe, abagize umurwi CNI, n’abandi batumire batandukanye.

Mw’ijambo ryiwe, nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi, yamenyesheje ko imigenderanire hagati y’abarundi n’abanyamerika ari myiza, ndetse aca ashimira bimwe bivuye ku mutima igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika ku bikorwa vyiza gikorera Uburundi.

Mw’ijambo ryiwe kandi, umukuru w’igihugu yahamagariye abanyepolitike bahungiye mu mahanga ko bogaruka mu gihugu cabibarutse, kugira n’abo nyene bashobore kwitegurira amatora buca aba mu mwaka w’2015.

Umukuru w’igihugu yibukije abari ngaho ko hasigaye amezi 22 gusa ngo amatora abe. Yabandanyije amenyesha ko icipfuzo c’abarundi ari ukwo amatora yo mu mwaka w’2015 yogenda neza, akaba mu mahoro n’umutekano, agafasha ndetse mu gutsimbataza amahoro ndetse n’’intwaro rusangi. Petero Nkurunziza abandanya asaba abarundi bose ndetse n’incuti z’abarundi gushigikira ibikorwa vy’umurwi w’igenga ujejwe gutegura amatora.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.