IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu arindiriwe mu nama igira gatatu muri Guinée Équatorial

Umukuru w’igihugu arindiriwe mu nama igira gatatu muri Guinée Équatorial

vendredi 22 Ruhuhuma 2013

Umukuru w’igihugu ararindiriwe i Malabo,mu gisagara ca Guinée Équatorial aho Abakuru b’ibihugu n’abarongoye inzego ba Amerika yepfo na Afrika bahurira kuri uyu wa gatanu mu nama ya gatatu Amerika yepfo-Afrika-ASA.

Ibikorwa vy’iyo nama ya gatatu vya ASA birimuntumbero yo gushira mu ngiro y’ivyatangajwe i Abuja muri Nigeria vyemewe mu nama ya mbere yabaye igenekerezo rya 30 Munyonyo 2006 ni ivyatangajwe na NuevaEsparta Margarita muri Republika bolivarienne ya Venezuela vyemejwe n’inama ya kabiri yabaye igenekerezo rya 27 Nyakanga 2009.

Intumbero nyamukuru y’inama ni gukomeza ishirahamwe yepfo (sud-sud) mu bisata bitandukanye bifise intumbero imwe hagati ya Amerika na afrika,aho twovuga mu gisata c’amahoro n’umutekano,mu gisata c’indero,mu gisata c’amagara y’abantu,mu gisata c’intwaro ibereye,mu gisata co gukingira ibidukikije,mu gisata c’ubudandaji n’amahinguriro,mu gisata c’imicokama n’utugenegene,mu gisata c’uburimyi no mw’iterambere ry’amakomine be no mu gisata co kurondera ubuzi.

Ishirahamwe rya Afrika(UA) n’ishirahamwe rya ma Leta ya Amerika yepfo (UNASUR), mu ruhara rwabo rukomeye hagati ya Amerika Latine na Afrika yose, baragize uruhara rukomeye mu gihe bari mu myiteguro yama nama ategura inama igiye kuba uno munsi igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2013.

Ibikorwa vy’iyo nama birangira mw’ijoro ry’uyu wa gatanu mu kwemeza ibitangajwe na bakuru bama Leta n’abarongoye inzego bizokorwa mu nama ya ASA.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.