Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yasavye abatunze ibirwanisho ata ruhusha kubisubiza mu (...)
Umukuru w’igihugu yasavye abatunze ibirwanisho ata ruhusha kubisubiza mu kwezi kumwe
jeudi 1er Gitugutu 2015
Umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko Reta itanze ikiringo c’ukwezi kumwe gusa kugira abatunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha babe babisubije.
Mw’ijambo yashikirije abarundi kuwa gatatu igenekerezo rya 30 Nyakanga 2015,umukuru w’igihugu yavuze ko ibirwanisho vyinshi vyamaze gufatwa n’abajejwe umutekano.
Muri iryo jambo,umukuru w’igihugu yamenyesheje ko abamaze iminsi bakora ubwicanyi bamaze gufatwa,abatarafatwa nabo bariko bararonderwa,gutyo bashikanwe imbere y’ubutungane.
Umukuru w’igihugu asaba ubutungane gucira imanza z’ikibiriraho abazofatanwa ibirwanisho canke bahungabanya umutekano.Ku bazofatanwa ibirwanisho,umukuru w’igihugu yavuze ko bazohanishwa igihano co gupfungwa hagati y’imyaka 2 na 10,batange kandi ihadabu iva ku bihumbi 100 gushika ku miliyoni 5.
Muri iryo jambo kandi umukuru w’igihugu amenyesha ko Reta isavye ko hokomezwa inyabune igizwe n’abanyagihugu,abajejwe intwaro,abajejwe umutekano n’abacamanza kandi bagakomeza n’amakomite y’umutekano ku mitumba.
Ku bijanye n’abafashwe mu gihe c’imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu,umukuru w’igihugu asaba ubutungane guca imanza mu maguru masha,kugira abataco bagira barekurwe,abagirwa nabo bahanwe atawurenganijwe.
Umukuru w’igihugu arangiza asaba ibihugu bigenzi kurungika ababihungiyemwo bgirizwa guhungabanya umutekano canke bacirirwe imanza muri ivyo bihugu nyene,agasaba kandi abarundi bose kwitaba inyigisho zo gukunda igihugu.
Van Naris Mugisha
Messages
1er Gitugutu 2015, 11:59, par Falcon
Ntavyo dusubiza tuzorasa mpaka kugeza womotse,na wewe Nkurumbi Rocket zokukumena urwo rutwe rwawe ziriko zirategurwa,kandi turasaba ibihugu bibitse abasoda bahunze kutabatanga kuko na Nkurumbi yaciriwe urwo gupfa mugabo gushika ubu ntaranyongwa.
1er Gitugutu 2015, 12:17, par JUNJA
KOMERAMUTAMA.IMAAYAKUDUHAYENIKUBUNGABUNGE.UHANGAME.URUMUGABOWIJUNJANIJANBO
1er Gitugutu 2015, 13:31, par François Hitimana
Niwirambire nyakubahwa Nkurunziza,waruvuze! Mais ar-ico wibagiye? Mbega weho ntibogucira urubanza! Uribagiy ko wahonyanze ibwirizwa nshingiro ry-arusha,mukwitoza 3e mandat! Ruriy’abandi rutakwibagiye...!
1er Gitugutu 2015, 14:32, par abeli
ntubona rero kutaguye guvuga neza nibabisubize vyose maze uburundi turonke amahoro
1er Gitugutu 2015, 19:03, par Maso
Muri94 Ko Utagisubije?
1er Gitugutu 2015, 22:32, par None?
Papa wanje mukuru wigihugu cu Burindi Petero Nkurunziza aravuga umunezero ukandenga sizigera ndamwihakana ibimvuze namandavyiyibutsa kugira sinzoshikirwe nivyashikiye Petero wambere na Yezu mukiza.
2 Gitugutu 2015, 12:00, par ndayisenga.Sumayiri
Nakureintambara.Murakoze
2 Gitugutu 2015, 19:33, par NDAYININAHAZE PROTAIS
NTAKAMARO KO GUTUNGA IBIGWANISHO BICIRA UMURIRO. NIBUBAHIRIZE ITEGEKO RYANYENICUBAHIRO UMUKURU WIGIHUGU ,ATARUKO NTAMAHORO BASHAKIRA UBURUNDI N ABARUNDI BAKWIYE GUFATWA NKABASI BA DEMOKRASI .
3 Gitugutu 2015, 04:53, par KARORI J.
NTAMWANA WUMUNTU ABISHOBOYE URETSO IMANA GUSA.HAGUHURA NUMUNTU WOHURA NIGIKOKO
3 Gitugutu 2015, 22:17, par Maome
Imana Niyifise Ubbasha Kugihugu Cacu.Ntajoro Ridaca!Kandi Ntamvuridahta:umwewese Azibarizwi Vyoyakoze N’imana
4 Gitugutu 2015, 17:47, par kabingo
Nkurunzinza nibaza yuko adakomeye dans la tete
5 Gitugutu 2015, 17:11, par BAGAYUWITUNZE celestin
Uwugifise ikigwanisho jewe mbona yokibungabunga kuko ntabajejwe umutekano dufise.ubu bajejwe ukwica wariwewese atavugarumwe na DD rero nukwicungera kuwugifise
5 Gitugutu 2015, 17:14, par BAGAYUWITUNZE celestin
Uwugifise ikigwanisho jewe mbona yokibungabunga kuko ntabajejwe umutekano dufise.ubu bajejwe ukwica wariwewese atavugarumwe na DD rero nukwicungera kuwugifise
6 Gitugutu 2015, 15:35, par ingabire rebecca
komera mutama babwire naho arintumva basubize ibirwanisho kuneza banse naho ngugutwi kwimpene kwumva kubabuye ivyurwenge vyaraheze twaraciye ubwenge nugushira aho abanyagihugu bashize ntavyamagaburanyama kugihugu cuburundi tugikeneye twarabirenganye.
6 Gitugutu 2015, 16:33, par vugukuri
ABARUNDI CYANGWA ABANYARWANDA bahakana yuko u RWANDA arirwo rutera u BURUNDI ngira ngo muri RWANDA DAY yabereye imu BUHOLANDI ejo bundi ku wa gatandatu UMUKURU W’U RWANDA PAUL KAGAME yemeye ku mugaragaro izuba riva yuko ari mu BURUNDI ko kandi azatanga IBIKORESHO BYO KUZANA AMAHORO
MU BURUNDI abari aho bose bamuhaye amashyi. y’urufaya ku kibazo UMURUNDIKAZI YARI AMUBAJIJE..SIMBESHYA UMVIRIZA MUGABO KURI
WWW. VERITAS.INFO RWANDA urabyiyumvira nawe
ABARUNDI NIMUDASHIKAMA KAGAME ARABAMARA NKUKO YATUMAZE MU RWANDA N’IGIKORESHO CY’ABAZUNGU MU KWIBA UBUKUNGU BW’AFRIKA..
4 Munyonyo 2015, 16:24, par Bebeto
iyo abansi bigihugu atakindi biyumvira atakibaraje ishinga atarugusenya uburundi bahendwa nabanyamahanga bakibagira ko uwusenya ugwe bamutiza umuhoro nibasubize inkota mugubati bibuke iyo twavuye bakure mumutwe ivyiyumviro vyashaje bamenye baremwe n’imana bibuke ko ari ubusa kuo ivyo vyose babitegwa nukutamenya imana ivyobakora bazobibaza bibuke ko hasiga ubuzima twebwe batobato tugira nimana sebarundi numusenzi nicocadutunze reka tuvirehasi babasesankuyoz simigwa mwese.